Imyotsi y'ikirunga ca Bali yatumye ikibuga c'indege kiguma cugaye

Passengers gather at the Gusti Ngurah Rai International airport in Denpasar, Bali on 27 November 2017, after flights were cancelled due to the threat of an eruption by the Mount Agung volcano.

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu bari ku kibuga c'indege ca Gusti Ngurah Rai
Yatangajwe

Abategetsi ba Indonesia bugaye ikibuga c'indege mpuzamakungu i Bali ku musi ugura kabiri, mu gihe umusozi wa Agung uguma usuka umunyota mu kirere.

Umwotsi mwinshi w'iminyota y'ikirunga ca Bali washitse hejuru cane nko ku birometero 3 hejuru y'ico kirunga catanguye kurekura imyotsi.

Abategetsi badugije urugero rwo kugabisha hejuru cane ku muri wa mbere, batinya ko umwanya uwo ari wo wose gishobora kuruka.

Abantu bagera ku bihumbi ijana batagetswe kwimuka.

Iminyota y'ikirunga ishobora kwonona imoteri z'indege canke mbere igatuma zikoroka, ironona kandi imihora ijana igitoro n'iyo gukanyisha. Ituma kandi abadereva b'indege batabona iyo baja.

Bali students wearing face masks

Ahavuye isanamu, BBC/Haryo

Insiguro y'isanamu, Hatanzwe kandi udutambara two kwipfuka ku munwa no ku mazuru mu ntumbero yo kwikingira iyo minyota iguma igwa.

Ubushikiranganji bwo gutwara ibintu n'ibintu bwari bwabanje kwugara ikibuga c'indege ca Ngurah Rai (Denpasar) ku musi wa mbere mu masaha 24, bituma hasiba indege 400 n'ingenzi zishika 59.000.

Ku musi wa kabiri, bamenyesheje ko bashobora kubandanya bugaye ico kibuga gushika ku musdi wa gatatu isaha 07:00 zo mu gitondo (00:00 GMT).

map showing danger zone