Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Hosni Mubarak yatwara Misiri yarekuwe
Uwahora ari umukuru w'igihugu ca Misiri Hosni Mubarak bivugwa ko yemerewe kwidegemvya inyuma y'imyaka myinshi apfunzwe bikurikiranye n'amahinduka yakozwe muri ico gihugu mu mwaka 2011.
Bwana Mubarak yaramaze igihe apfungiwe mu bitaro vya gisirikare vy'i Cairo.
Uwumwunganira mu rubanza yavuze ko Bwana Mubarak yavuye mu bitaro biri mu bumanuko bwa Cairo, aja ku rugo iwe ruri i Heliopolis mu buraruko.
Yarekuriwe kwidegemvya mu ntango za kuno kwezi, inyuma yaho sentare ikomeye mu zisubiramwo imanza, imwejereje ku bwicanyi bwakorewe abari mu myiyerekano mu 2011.
Bwana Mubarak, afise imyaka 88, yabaye umukuru w'igihugu mu 1981 inyuma yaho Anwar Sadat yiciwe.
Bwana Mubarak yari yakatiwe igihano co gupfungwa ubuzima bwiwe bwose mu 2012, yagirizwa kugira uruhare mu bwicanyi bwahitanye abantu bari mu myiyerekano bishwe n'inteko z'umutekano mu 2011.
Mu rundi rubanza rwabaye mu 2015, umucamanza yavuze ko Bwana Mubarak ashobora gupfungugwa.
Munyuma leta ya Prezida Abdul Fattah al-Sisi ntiyipfuje ko yorekugwa itinya ko abanyagihugu bohava bagumuka .