Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Misiri yugaye ikigo gifasha abantu bakorewe ikubagurwa
Abajejwe intwaro mu Misiri bugaye ibiro vy'ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu rifasha abantu bakorewe ikubagurwa.
Umupolisi yavuze ko ikigo El Nadeem Centre for Rehabilitation of Victims of Torture, cugawe bitewe n'uko carenze ku masezerano agenga uko gikora.
Ariko ishirahamwe ry'agateka ka zina muntu, Amnesty International, ryavuze ko vyari bimaze kugeragezwa kenshi kwugara ico kigo, mu mugambi wo guhiga abaharani agateka ka muntu.
Abajejwe umutekano mu Misiri baragirijwe kuba bakubagura impfungwa, ivyo vyagiriji ariko leta irabihakana.