Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubwicanyi bw'agahomerabunwa muri Sudan y'epfo
Hari ibindi vyemeza ko habaye ubwicanyi bwakorewe muri Sudani y’epfo, vyatanzwe n’impuzi zahunze intambara.
Abantu bahunze bava mu karere ka Equateur, akarere ubwa mbere katari kasinzikajwe n’intambara, baravuga ubwicanyi n’ifatwa ku nguvu ry’abapfasoni.
Ivyo bivuzwe mu gihe Onu ivuga hari ibikorwa vyo guhonya ubwoko mu bice bimwe vyo muri ico gihugu kitaramara na kabiri kironse intahe yo kwikukira, ikanagabisha ko hashobora kuba jenoside.
Abanye Sudani y’epfo 350.000 barahungiye mu gihugu kibanyi ca Uganda mu mezi atanu aheze.
Intambara yaradutse mu myaka itatu iheze, ivuye ku matati hagati ya prezida Salva Kiir wo mu bwoko bw’aba Dinka hamwe n’uwari icegera ciwe yirukanywe muri ico kibanza, Riek Machar, wo mu bwoko bw’aba Nuer.