Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Sudani y'epfo ku manga y'ihonyabwoko
Yasmin Sooka, akuriye ikigo ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu muri Sudani y'epfo, aragabisha amakungu ko akwiye kugira ico akoze vuba mu kurinda ihonyabwoko nk'iryabaye mu Rwanda.
Ikigo c'agateka ka zina muntu mw'ishirahamwe ONU kimenyesha ko ukwo kwizizira ubwok bumwe guca mu kubicisha inzara, guturira imihana, gufata abantu ku nguvu gukogwa n'ikigwi c'abantu, ivyo avuga ko bisigaye vyabaye nk'ibisanzwe kuko bikorwa buri gihe.
Perezida wa Sudani y'epfo Salva Kiir arahakana yivuye inyuma ivyo birego vyose.
Sudani y'epfo yiziziwe n'intambara kuva mu 2013, inyuma imyaka ibiri gusa ico gihugu kironse intahe yo kwikukira.