US-Amakamyo: Abashoferi bo muri S Africa mu mahirwe y'akazi muri Amerika

Umushoferi w'ikamyo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Amerika ishaka gukwegakwega abashoferi b'ama kamyo bo muri Africka y'Epfo
Yatangajwe

Kompamyi zo muri Amerika ziriko zirarondera guha ubuzi abashoferi b'ingendo ndende bo muri Afrika y'Epfo kugira bafashe mu kugabanya ubukene bw'abatwara ibintu ku birere vya kure.

Kubera basanzwe bavuga icongereza, vyibazwa ko bizoborohera kuronka impapuro zo gukora ubwo buzi.

Amerika imaze imyaka irenga ibiri ifise ubukene bw'abashoferi b'ama kamyo mu gisata cari gisanzwe gihanzwe no kugumana abakozi, ivyo bikaba vyunyuwe n'ikiza ca Covid -19.

Mu gihe co kuguma muhira, abantu benshi bijukiye kugurira ibintu kuri internet gutyo abasaba kurungikirwa ivyo baguze baca baba benshi cane kandi ata bakozi bahagajije bariho ngo ivyo bintu bishikanwe iyo bija ku gihe ciza.

Ama kompanyi akoresha amakamyo yaciye atangura gutanga imishahara myiza kurusha n'uturusho muri ivyo bihe vya Covid.

Ariko ico kiza na none catumye kuronka uruhusha rwo gukora akazi k'ubushoferi bifata umwanya muremure cane -imirongo iba miremire nko ku masoko y'ivyo kurya, no ku bituro vyo kunywesha ibitoro.

Kwiga no gukora ikibazo ca reta c'akazi navyo bisigaye bigoye.

Kubera ivyo rero, kompanyi zo muri Amerika zahisemwo kuronderera ahandi.

Kuzana abakozi bavuye mu bindi bihugu nko muri Afrika y'Epfo ntibizorangiza ibibazo muri ico gisata co gutwara ama kamyo. Hari ibibazo vyo kuronka impusha zo kuja muri Amerika (visa) hamwe n'amategeko yo ku mbibe yo gukurikiza.

Ariko abo bakozi nibura barazi akazi kandi bagafisemwo uburambe.

Ico bazokemera n'ukwiga gutwarira imodoka i buryo bw'ibarabara kuko muri Afrika y'Epfo batwarira i bubamfu.