S Africa - Diamond: Abantu isinzi birutse kwimba ahavugwa ko hatowe diama i KZN

Ahavuye isanamu, AFP
Isinzi ry'abantu muri Afrika y'Epfo bashwaye ikigwati co mu ntara ya KwaZulu-Natal aho hadutse ibihuha ko hatowe amabuye y'agaciro ya diyama (diamond), nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri ico gihugu.
Video zahanahanywe ku mbuga hwaniro zerekanye abantu bariko barimba barondera ayo mabuye y'agaciro.
Na reta y'iyo ntara yashize imwe muri izo vídeo kuri Twitter ishikiriza amakenga kuri "uko kwirukira diyama".
Yongeye ivuga ko ''yatewe amakenga no kubona inkuru zivuga ko hari ibikorwa vyo kwimba ubutare canke amabuye y'agaciro biteye kubiri n'amategeko biriko birabera ahitwa Kwa-Hlathi hanze ya Ladysmith".

Igiporisi aho hantu ciriwe kirita ku rutare kugira kibuze abantu kuguma bongerekana.
Abantu batanguye kwiruka kwimba inyuma y'aho umuntu aragiye ibitungwa atoreye ico yibajije ko ari diayama haraheze indwi.
Umunyamakuru wa BBC, Nomsa Maseko avuga ko igihe yahashika, yasanze hari abantu bariko barota igicaniro, barimwo cane cane abagore batagira akazi, inyuma yo kumara ijoro bimba ico bizigiye ko baja gusanga ari amabuye ya diyama.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Abategetsi bo muri reta bashitse aho hantu aho abanyagihugu bari barindiranye igishika kwumva inkuru nziza ko ivyo bariko barimba koko ari diyama.
Ravi Pillay, umwe mu bagize reta y'intara yabwiye abo banyagihugu ati: "Twese turumva igituma murindiriye cane kwumva ico tubabwira. Twizeye ko ico mwatoye kizoba ikintu ciza.
"Ariko tubasavye guha umwanya umugwi w'abahinga ukore akazi kawo."

Umugwi w'abahinga nawo washitse aho hariko harimbwa ayo mabuye kugira bayasuzume ariko bazotanga inyishu mu minsi 30.
Inkuru y'ayo mabuye yerekanye ingene abantu bihebuye no kubura icobavana mu bukene.
Reta ya KwaZulu-Natal yanavuze mw'itangazo rigenewe ibinyamukuru ko itewe impungene n'uko ukurundana kw'abantu kuri ico kibanza bishibora kutubahiriza ingingo zo kwirinda Covid-19.










