Sudan y'Epfo:''Sinshaka abapatiri b'ibijuju''

Ahavuye isanamu, AFP
Umu Karidinari ari mu kiruhuko c'izabukuru muri Ekleziya Katorika yaneguye ubushobozi bwa bamwe mu ndongozi za Ekleziya muri Sudan y'Epfo.
Kardinari Gabriel Zubeir Wako yahoze ari musenyeri mukuru wa Khartoum yavuze ati:
''Sinshaka abapatiri b'ibijuju mw'isengero'', aho hari mu rugendo yagize mu gisagara ca Wau kiri mu buraruko bushira uburengero.
Yavuze kuri uyu wa mungu ati:
''Mu minsi maze ngaha i Wau, hariho abapatiri twabonanye ndumva ko benshi batazi indinganizo n'inyigisho zo mw'isengero, bigisha ibintu bidafashe. Bakeneye gusumvya aho bageza ubu ".
Uwo mu karidinari azokwiza imyaka 80 y'amavuko mu kwezi kuza, , arubashwe kandi arazwi cane mu kuba yarashigikiye amashure.
Yaratewe iteka na reta ya Sudan y'Epfo mu 2016 kubera uruhara rwiwe mu gushigikira indero y'abana bangana na miriyoni zibiri bari barateshejwe izabo n'intanbara muri Sudan y'Epfo.
Yaranarungitse abapitiri kubandanya ivyigwa i Roma no muri Kenya , kugira bace impamyabushobozi za masters na doctorat.
Mu bo yarungitse kubandanya ivyigwa harimwo uwamusubuiriye Musenyeri Mukuru Dr Michael Didi, ubu arongoye diyosezi ya Khartoum , n'uwurongoye diyosezi nkuru ya Juba, Dr Stephen Ameyu.










