Igice c'abana bo muri Sudan y'epfo ntibiga

south sudan

Ahavuye isanamu,

Insiguro y'isanamu, Abana b'abigeme n'abahungu umuliyoni 1.8 ntibiga muri Sudani y'ubumanuko
Yatangajwe

Ishami rya Onu rifasha abana kw’isi, UNICEF, rivuga ko abana barenga igice c’ababa muri Sudani y’Ubumanuko batari kw’ishure.

Kubwa UNICEF, ico gitigiri ni kinini kurusha mu bindi bihugu vyose kw’isi.

Iryo shirahamwe rivuga ko abana b’abigeme n’abahungu bashika ku muliyoni 1.8 batarakandagira kw’ishure.

Iryo shirahamwe ribandanya rivuga ko kuva habaye intambara mu mwaka 2013, amashure arenga amajana umunani ntizigikora.

Reta ya Sudani y’epfo yarashize umukono ku masezerano n’abitwaje ibirwanisho bayirwanya mu kwezi kwa gatandatu, ariko intambara mu tundi duce ntizirahagarara.