Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Australia: inyuma y’imiriro y'ivyaduka, isegenya nayo iti natanzwe
Abajejwe ibirere mu ntara ya Victoria yo mu gihugu ca Australia baragabisha ko iyo ntara ishobora kwizizirwa n'isegenya (imvura ikabije), ishobora gutuma haba imyuzirira.
Igihugu ca Australia kimaze amezi atari make ciziziwe n'imicanwa y'ivyaduka yahitanye abantu n'ibintu bitari bike.
Hagati aho, imvura nyinshi yashoboye kuzimya iyo micanwa mu bice bitari bike muri ico gihugu, ariko kandi inatuma amatara acika amabarabara nayo arugarwa.
Iyo micanwa yatanguye mu kw'icenda kw'umwaka uheze yahitanye abantu bashika 28 n'amazu aharurwa mu bihumbi, nayo imirima iharurwa mu mamiliyoni irasha itatokombera.
Mu gihe iyo mvura itumye haza agahengwe, leta itangaza ko igiye gukora ibishoboka vyose kugira ngo ingenzi zishobore gusubira kugendera ico gihugu.
Umushikiranganji wa mbere Scott Morrison avuga ko agiye gutegura imiliyoni zishika 52 z'amadolari y'abanyamerika zizoshirwa muri ico gisata.
Igisata kijejwe ingenzi kivuga ko cahomvye amafaranga ashobora kuba arenga imiliyaridi zitatu z'amadolari y'abanyamerika gushika mu mpera z'umwaka uheze.
Amakuru y'ibirere yerekana iki?
Uno munsi ku wa Mungu, ibiro bijejwe ibirere muri Victoria vyatangaje ko mu bice bimwe bimwe vy'iyo ntara hashobora kwibonekeza isegenya, igizwe n'ibihuhusi n'imvura nyinshi cane.
Avuga ko iyo segenya n'imvura nyinshi biboneka ko bishobora kwizizira iyo ntara mu kiringo c'iminsi itatu iri imbere.
Ikinyamakuru ABC News gisubiramwo umwe mu bakozi b'ico kigo avuga ko "kuva amezi menshi, menshi cane iyo ntara ishobora kwinjira mu kiringo c'iminsi ibiri yiziziwe n'amazi atari bwaboneke".
Muri Victoria, umuriro wari ucibonekeza mu bice bishika 14 gushika kuri uyu wa Mungu.
Mu ntara ya New South Wales, kuri uyu wa Mungu imicanwa yari icibonekeza mu bice bishika 69, abajejwe ibirere bakavuga ko imvura nyinshi mu buraruko bwayo ishobora kuyizimya, bakagabisha ariko y'uko inzuzi za Bellinger na Orara zishobora kurengerwa zigatuma haba imyuzurira.
Eka no muri Queensland abategetsi basaba abanyagihugu "kuba magabo" ku nkengera za z'ibahari mu karere ka Gold Coast, aho hitezwe ko hashobora kuba "imikuba ikomeye y'amazi ishobora kuzanana n'imyanda", inyuma y'imvura nyinshi yaraye iguye muri ako gace.