Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Syria: Igisagara gisigaye kirangwamwo ubuyabu gusumba abantu
Inyuma y'amezi atari make igisagara ca Kafr Nabl muri Syria giterwa amabombe n'abasirikare ba Syria n'Uburusiya, ico gisagara gisigaye kirangwamwo ubuyabu bwinshi gusumba abantu.
Bake basigaye muri ico gisagara casinzikajwe n'ivyo bibombe, usanga bariko bakina n'ubuyabu buharurwa mu bihumbi. Binyegeza mu bihomoka vy'amazu yasenyutse kugira ngo bikingire ibibombe vy'indege.
Umwe muri abo ni uwitwa Salah Jaar w'imyaka 32 (ari kuri iyo sanamu). Mu gihomoka kiri iruhande yiwe, harimwo ubuyabu buharugwa mu majana bwisanze mu ngorane nk'iziwe.
Ati: "Urumva ko uhumuye iyo ubuyabu buri iruhande yawe. Bituma ibibombe, amazu abomagurika n'umubabaro bitagutera ubwoba".
Ico gisagara ciwe, Kafr Nabl, cahoze kibamwo abantu barenga 40.000, ariko ubu gisigayemwo abantu batarenga 100. Biragoye kumenya igitigiri c'ubuyabu busigaye bubamwo - kumbure bwoba buharurwa mu majamana canke mu bihumbi.
Ati: "Abantu benshi cane barataye igisagara ca Kafr Nabl baromoka. Ubuyabu bukeneye umuntu abwtaho, akabugaburira akabuha n'amazi, nico gituma bwahungiye mu mazu makeya arimwo abantu".
"Buri nzu usangamwo ubuyabu hafi 15, canke mbere bunarenga".
Salah aracakora nk'umumenyeshamakuru kw'iradiyo yo muri ico gisagara, Fresh FM, n'aho ama studios yayo ya mbere yacitse umunyota mu gitero c'indege. Imana yose ni uko ibikoresho bimwe vyari vyunguririjwe ahandi imbere y'ico gitero.
Iyo radio isanzwe igabisha ku bitero vy'ibibombe igatanga n'amakuru, ibiganiro n'udukino, yarabaye rurangiranwa mu kuba ubuhungiro bw'ubuyabu n'abantu. Hari ubutari buke bubayo.
Uwatanguje iyo radio, Raed Fares, yagandaguwe mu gitero c'inyeshamba mu kwa cumi na rimwe 2018, yari yanatanguje ikigega cabwo, kugira ngo babugurire amata n'iforomaji.
Salah ati: "Hari ubuyabu bwinshi bwavukiye muri iyo nyubakwa. Hari na kamwe mbere kakunze cane Raed, ku buryo aho yagenda hose kamukurikira, aho aryamye kakaba ariho karyama".
Salah agize ngo arasohotse mu bisigarira vy'inzu yiwe, yakirwa n'amajwi y'ubuyabu buva mu mpande zose, bumwe wumva ko bushonje kandi bwabuze uko bugira. Avuga ko ivyo biba ku muntu uwo ari we wese.
Ati: "Rimwe na rimwe iyo turi mw'ibarabara usanga turi kumwe n'ubuyabu 20 canke burenga inzira yose. Bumwe mbere buradukurikira gushika muhira".
Iyo bwije naho, irya n'ino wumva imbwa ziyerereza zikuka izindi zirira. Nazo nyene ziba zishonje kandi ntaho ziba. Iyo ziriko zirondera ico zirya n'aho zirara, usanga ziriko zihiganwa n'ubuyabu bwa Kafr Nabl. Naho arizo zifise imbaga, Salah avuga ko atari zo zitsinda urugamba.
Ati: "Ubuyabu nibwo buruhira gutsinda urugamba, kuko nibwo bwinshi gusumba".
Hafi bwose wasanga butunzwe n'imiryango yabukinisha ariko mu nyuma irahunga kubera ibitero vy'ingabo z'igihugu. Ubu rero kubera budafise aho burara bwongere bugaburirwe, vyabaye ngombwa ko bwirondera uburaro mu bihomoka vy'amazu.
Ati: "Iyo mfunguye, nabwo burafungura, n'aho zoba ari imboga, canke agakate kumye canke ivyo ari vyo vyose. Mu gihe nk'iki, numva ko twese turi mu ngorane kandi ko dukeneye gufashanya".
Mu gihe ingabo za Bashar al-Assad ubu zitari kure ya Kafr Nabl, iki gisagara gisa n'igishobora guterwa umwanya n'umwanya. Salah avuga ko adatinyira ubuzima bwiwe n'ubwo abagenzi gusa, ahubwo ko atinyirira ubuyabu burwiriye muri ico gisagara.
"Twasangiye nabwo ibihe vy'umunezero n'umubabaro, bwaramaze kuba abagenzi".
Avuga ko ari nka hamwe ibara ryogwa bikaba ngombwa ko we na bagenzi we, bazogerageza guhungana bwo bashoboye bwose.
Mu gihe biboneka ko intambara ishobora kwaduka umwanya n'umwanya, biboneka ko ubwo buyabu n'abantu vyamaze kwunga ubumwe ku buryo bigoye kubatandukanya.