Ghana na Afrika y'Epfo mu mishamirano ya diplomasiya kubera iyicwa ry’umwimukira
Ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Ghana bwavuze ko bwakiranye umubabaro mwinshi inkuru ivuga ko Bashiru Isak, w’imyaka 40, yarashwe agapfa ku wa kabiri mu gace ka Khayelitsha, hafi y'igisagara ca Cape Town.
Incamake
- Ethiopia : Ababa mu gisagara ca Hossana bategetswe kwica imbwa zabo ziharurwa mu majana
- Ghana na Afrika y'Epfo mu mishamirano ya diplomasiya kubera iyicwa ry'umwimukira
- Venezuela: Abatabazi begereje cane kurokora uwaheze mu bihomoka vya nyamugigima inyuma y'iminsi umunani
- Ibirori vyo gusezera Zahra Haddad-Adel vyabaye umugabo wiwe, Mojtaba Khamenei, adahari
- Ubuhinde bwasabye WhatsApp kuba ihagaritse itangizwa ry'uburyo bwo gukoresha amazina kubera impungenge z'uburiganya
- Kuki aba basenyeri bateye impungenge Papa León ko Kiliziya Gatolika ishobora 'gucikamo ibice'?
- Nigeria itegekanya gusaba indishi ku mitungo yasizwe n'abanyagihugu bayo bahunze Afrika y'Epfo
- M23 yamaganye ibihano ivugwamo Amerika yafatiye kompanyi z'amabuye y'agaciro z'u Rwanda
- DR Congo ivuga ko Ebola ikiri gusa mu ntara eshatu zo mu burasirazuba
- Uburusiya bwagabye igitero gikomeye cya misile na 'drone' i Kyiv cyishe abantu nibura 20
- Bigoranye Ubwongereza bwacitse DR Congo mu gikombe cy'isi
Amakuru y'ikibiriraho
Chançard Abimana, Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu na Latifa Mutesi
Burkina Faso, Mali na Niger vyatanguye kuva muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha

Ahavuye isanamu, Reuters
Burkina Faso, Mali na Niger vyatanguye ku mugaragaro umugambi w'umwaka wose wo kuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha(CPI), inyuma yo gushikiriza amakete yo kuvamwo nkuko bitegekanijwe n’amategeko. Ivyo biri murwandiko iyo sentare yasohoye kuri uyu wa kane.
CPI yavuze ko ico cemezo gishobora kugabanya inguvu z'umugambi mpuzamakungu wo kurwanya ukudahana ivyaha, kandi ishimika ko ivyo bihugu bizoguma bifise inshingano zose vyemeye mu gihe vyari bikiri abanywanyi b'ayo.
Ivyo bihugu birongowe n’abasirikare vyari vyatangaje ko bishaka kuva muri iyo sentare mu mwaka uheze, biyagiriza ko ikoreshwa nk'“igikoresho c'ugucinyiza ibihugu biciye mu bukoloni bushasha.”
Izindi nkuru wosoma:
Ethiopia : Ababa mu gisagara ca Hossana bategetswe kwica imbwa zabo ziharurwa mu majana

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abanyagihugu bo mu gisagara ca Hossana muri Ethiopie bahawe itegeko ryo kwica imbwa ziharurwa mu majana inyuma y'uko abana batatu bapfuye bahitanywe n’ibisazi vy'imbwa.
Bamwe muri abo banyagihugu babwiye BBC ko imirwi y’abanyagihugu ikomeye cane muri ico gisagara yabwiye abakibamwo ko bazocibwa amande canke batabwe muri yompi hamwe batokwica imbwa zabo n’ubwo zoba zarajanywe ku rucanco rwo kuzikingira ibisazi.
Umutware w’ico gisagara yitwa Samuel Shigute yavuze ko iyo mirwi yafashe iyo ngingo inyuma y'uko abana batatu bapfuye abandi bantu 80 bakaba bari mu bitaro kubera kuribwa n’ibwa.
Abavyiboneye babwiye BBC ko inyuma y'iyo ngingo, bamwe mu batunze imbwa baciye bazinyonga bazimanitse ku migozi canke bakazikubita gushika zipfuye, mu gihe abandi bazishikirije ababijejwe kugira bazice.
BBC yiboneye amafoto ateye ubwoba atoshirwa ahabona.
Amwe muri yo yerekana ibiziga vy’imbwa biriko vyenena ku biti, ayandi akerekana imbwa nyinshi zapfuye zirambaraye hasi, zambitswe n’imigozi mw’izosi.
Izindi nkuru wosoma:
Videwo: Umugabo arokowe mu bisigazwa by'inzu yaguye nyuma y'iminsi 8 umutingito ubaye i Venezuwela
Insiguro ya video, Reba: Umugabo arokowe mu bisigazwa by'i nzu yaguye nyuma y'iminsi 8 umutingito ubaye i Venezuwela Ghana na Afrika y'Epfo mu mishamirano ya diplomasiya kubera iyicwa ry’umwimukira

Ahavuye isanamu, EPA
Hadutse imishamirano ya diplomasiya hagati ya Afrika y'Epfo na Ghana, inyuma y'ivyatangajwe ko umugabo w'Umunya Ghana yishwe igihe c’imyiyerekano irwanya abimukira, ivyo abategetsi ba Afrika y'Epfo bahakana.
Ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Ghana bwavuze ko bwakiranye umubabaro mwinshi inkuru ivuga ko Bashiru Isak, w’imyaka 40, yarashwe agapfa ku wa kabiri mu gace ka Khayelitsha, hafi y'igisagara ca Cape Town.
Bwavuze kandi ko bwarungitse ikete ry'ukwiyamiriza ku mugaragaro ivyabaye. Hambavu y’iryo kete, bwemeza ko bwanatanze ikirego mu gipolisi.
Mu kwishura, umushikiranganji w'Ubutungane wa Afrika y'Epfo yavuze ko atewe amakenga n'uko "abategetsi ba Ghana babandanya gukwiragiza amakuru atari yo kuri Afrika y'Epfo afatiye ku biriko biraba bijanye n’abimukira badafise ivya ngombwa."
Igipolisi ca Afrika y'Epfo cavuze ko kitagira dosiye canke amakuru y'ubwo bwicanyi bwabereye i Khayelitsha.
Ariko kimenyesha ko kiriko kiratohoza ku rupfu rw'uwundi munya Ghana w'imyaka 35, yitwa Kwabena Boagen, yishwe umusi umwe imbere y'aho mu gace ka Nyanga, na ko nyene kari hafi ya Cape Town, mu caha gifitaniye isano no kwiba amafaranga y’abantu ku nguvu.
Igipolisi cavuze ko Boagen yaba mu gace ka Khayelitsha, ariko akaba yakorera i Nyanga aho ubwo bwicanyi bwabereye.
Gishimangira ko abaganga bariko bagira isuzuma ry'umubiri wiwe kugira hamenyekane neza icamwishe.
Imbere y’aho, igipolisi cari camenyesheje BBC ko abagizi ba nabi binjiye mu nzu ikorerwamwo akazi ko kumwa aho Boagen yakorera, bamusaba amafaranga, mu nyuma baramurasa.
Abo bakekwa ngo baciye bahunga, kandi gushika ubu nta n'umwe arafatwa.
Izindi nkuru wosoma:
Venezuela: Abatabazi begereje cane kurokora uwaheze mu bihomoka vya nyamugigima inyuma y'iminsi umunani

Ahavuye isanamu, MIGUEL GUTIERREZ/EPA/Shutterstock
Abatabazi baturuka mu bihugu indwi bariko begereza buhoro buhoro umugabo yarokotse nyamugigima zibiri zabaye muri Venezuela haraheze iminsi umunani.
Ku wa gatandatu ni ho abo batabazi bashoboye kubona agace Hernán Gil yakora akazi k’ubuzamu (ko gucunga umutekano) arimwo, munsi y'ibisigarira vy'igorofa y'amaparikingi y'imiduga, i Catia La Mar.
Ariko mu masaha aheze ni ho bashoboye kumubona n'amaso.
N'ubwo ari ku metero icenda uja mu kuzimu, mu bibomoke vy’inyubakwa bishobora kandi guhongoroka umwanya uwo ari wo wose, abatabazi bavuga ko Gil, w’imyaka iri muri za 40, agaragaza umwizero kandi abandanya kubatera intege.
Umugore wiwe yavuze ko kuba yararokotse ari igitangaro.
Abantu bashika ku 2.300 ni bo bamaze kwemezwa ko bapfuye bahitanywe n’izo nyamugigima zabaye muri Venezuela ku wa 24 Ruheshi (6), mu gihe abandi ibihumbi n'ibihumbi bakironderwa.
Abatabazi bagera ku 350 bamaze amasaha arenga 100 bakora ubutaruhuka kugira bakure Gil muri ivyo bisigarira vy'inyubakwa.
Iyo mirwi y'abatabazi ituruka muri Venezuela, Chile, Costa Rica, El Salvador, Mexique, Portugal na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kandi yose iriko irakora ibishoboka vyose kugira ashobore kuvayo ari muzima.
Bimwe mu bice vy'inzira bagiye batunganya kugira bamushikire vyagiye bisenyuka incuro nyinshi, ivyo bikaba vyerekana akaga gakomeye kari muri iki gikorwa co kugerageza gutabara Gil.
Mw'ijoro ryakeye, ni ho abatabazi bashoboye kumubona n'amaso.
Muri videwo yafashwe na ‘camera’ ntoya yinjijwe hagati mu bisigarira vy'inyubakwa aho Gil yaheze, humvikana umutabazi wo muri Chile amusaba guhindukiza umutwe wiwe kugira arabe kuri iyo ‘camera’.
Izindi nkuru wosoma:
Ibirori vyo gusezera Zahra Haddad-Adel vyabaye umugabo wiwe, Mojtaba Khamenei, adahari

Ahavuye isanamu, IRNA
Ku musi wa gatatu mw'ijoro, habaye ibirori vyo gusezera Zahra Haddad-Adel, umupfasoni wa Mojtaba Khamenei, umuhungu w'Umukuru w'ikirenga wa Repubulika ya Kiislamu ya Irani. Ariko Mojtaba Khamenei ntiyigeze yitaba ivyo birori.
Mojtaba Khamenei, umuhungu wa Ali Khamenei, ntaraboneka kuva aho Amerika igize igitero ku rugo rw'uwo mutegetsi mukuru hagati mu gisagara ca Tehran. Kuva ico gihe, hasohotse gusa ubutumwa bwanditse bwamwitiriwe.
Bivugwa ko Zahra Haddad-Adel yari mu bagize umuryango wa Ali Khamenei bishwe n'ibisasu vya Amerika ku musi wa mbere w'intambara.
Zahra yari umukobwa wa Gholam-Ali Haddad-Adel, umwe mu bajenama ba Ali Khamenei akaba n'umwe mu banyapolitike bazwi cane muri Repubulika ya Kiisilamu ya Irani. Yari arongoye kandi ishure ryigenga rya Farhang.
Mu misi mike iheze, Gholam-Ali Haddad-Adel yavuze ko kuva intambara hagati ya Amerika, Israel na Irani itanguye ku wa 29 Ruhuhuma(2) 2026, hamwe n'igitero cabereye ku rugo rw'Umukuru w'ikirenga i Tehran, atigeze asubira kuvugana n'umukwe wiwe, Mojtaba Khamenei.

Ahavuye isanamu, IRNA
Izindi nkuru wosoma:
Ubuhinde bwasabye WhatsApp kuba ihagaritse itangizwa ry'uburyo bwo gukoresha amazina kubera impungenge z'uburiganya

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Ubuhinde ni bwo bufite abakoresha WhatsApp benshi ku isi barenga miliyoni 850 Ubuhinde bwasabye WhatsApp guhagarika by’agateganyo gushyira mu bikorwa uburyo bushya bwemerera abakoresha uru rubuga kuganira bakoresheje amazina yihariye, buvuga ko ubwo buryo bushobora kongera uburiganya n'ubushukanyi bwo kuri murandasi (internet).
Ubu buryo – buzemerera abantu kuganira batagaragaje nimero zabo za telefone – biteganyijwe ko buzashyirwa mu bikorwa ku bakoresha WhatsApp bagera kuri miliyari eshatu ku isi hose mu mezi macye ari imbere.
Mu itangazo yasohoye, leta y’Ubuhinde yasabye WhatsApp gusobanura impamvu idakwiye gufatirwa ingamba hashingiwe ku mategeko y’icyo gihugu, "kubera gutangaza uburyo bushobora kongera ibyaha byo mu buryo bw'ikoranabuhanga".
Mu itangazo yasohoye mu gusubiza, WhatsApp yavuze ko ubu buryo butaratangira gukoreshwa kandi ko yabushyizemo ingamba zo kwirinda ibibazo, zirimo kubika amazina y’abantu bazwi cyane, ndetse no gushyiraho uburyo bwo kumenya no gukumira ko abantu biyitirira abandi mu buryo bw'uburiganya.
Ubuhinde ni bwo bufite abakoresha WhatsApp benshi ku isi barenga miliyoni 850. WhatsApp ni iya kompanyi Meta ya Mark Zuckerberg.
Iki cyemezo ni kimwe mu bikorwa bya vuba bya leta y'Ubuhinde bigamije kugenzura uburyo ibigo mpuzamahanga by'ikoranabuhanga bitegura kandi bigakoresha ibicuruzwa byabyo muri icyo gihugu.
Izindi nkuru wasoma:
Kuki aba basenyeri bateye impungenge Papa León ko Kiliziya Gatolika ishobora 'gucikamo ibice'?

Ahavuye isanamu, EPA/Shutterstock
Insiguro y'isanamu, Abasenyeri bane bakomoka mu Busuwisi, muri Amerika no mu Bufaransa, barimitswe mu muhango wabereye mu cyaro cya Écône kiri mu misozi miremire ya Alpes Abantu ibihumbi n'ibihumbi bateraniye mu cyaro cyo mu Busuwisi kugira ngo bibonere umuhango wo kwimika abepisikopi bane bashya ba Kiliziya Gatolika, nubwo Papa Leo wa XIV yari yabinginze ngo ntibabikore.
Abo bane, barimo umwe ukomoka muri Amerika, umwe wo mu Busuwisi n'abandi babiri bo mu Bufaransa, ni abanyamuryango b'Umuryango w'abihayimana utavugwaho rumwe wa Mutagatifu Piyo wa X (SSPX), rimwe na rimwe unitwa uw'aba Lefebvristes, izina rikomoka kuri Marcel Lefebvre washinze uwo muryango.
Inkuru irambuye hano
Izindi nkuru wasoma:
Nigeria itegekanya gusaba indishi ku mitungo yasizwe n'abanyagihugu bayo bahunze Afrika y'Epfo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Ibihumbi vy’abantu baturuka muri Afrika barahunze Afrika y’Epfo mu mayinga aheze batinya intureka zirwanya abimukira Reta ya Nigeria yatangaje ko izosaba Afrika y'Epfo gutanga inshumbusho ku banyagihugu bayo baherutse kuva muri ico gihugu bahunze imyiyerekano irwanya abimukira bahaba badafise ivya ngombwa vyemewe n'amategeko.
Umuvugizi w'Ubushikiranganji bwa Nigeria bw'imigenderanire, Kimiebi Imomotimi Ebienfa, yabwiye BBC ko ico kibazo kizoganirwako hagati y'amareta y’ibihugu vyompi "ku rwego rwo hejuru cane."
Avugira kuri imwe mu mboneshakure zo muri Nigeria ku wa kabiri, umuserukizi w’imfatakibanza w’ico gihugu muri Afrika y'Epfo, Alexander Ajayi, yavuze ko reta ya Nigeria yatanguye gukora urutonde rw'imitungo n’ubundi budandaji vyasizwe n'abanyagihugu bayo bahunze.
Umudandaza umwe w'Umunyanigeria akirindiriye gutahukanwa, yabwiye BBC ko yari amaze hafi imyaka cumi aba muri Afrika y'Epfo. Yemeza ko yataye urudandazwa rwiwe n'inzu yabamwo kubera gutinyira umutekano wiwe.
Oghodero Erejor Wilson, afise imyaka 32, yavuze ko ariko aratakaza “ikintu cose kubera ubwoba."
Yongerako ati: "Nasize ibintu vyose mu nzu yanje harimwo n'impuzu."
Wilson ari mu majana y'abanyagihugu baturuka muri Nigeria bakirindiriye gukurwa muri Afrika y'Epfo. Mu mayinga aheze, abarenga 600 ni bo bashoboye gutahukanwa muri Nigeria.
Abategetsi ba Afrika y'Epfo bavuga ko abo bamaze gusubizwa iwabo ari ababa muri ico gihugu mu buryo buteye kubiri n'amategeko. Ariko reta ya Nigeria ivyamirira kure.
Mu mayinga ya vuba, abantu bababa 25.000 baturuka mu bihugu bitandukanye vya Afrika ni bo batahukanywe bava muri Afrika y'Epfo inyuma y'urukurikirane rw’imyiyerekano y’imirwi yasaba reta gufata ingingo zikomeye zo kugabanya ubwimukira budakurikije amategeko.
Izindi nkuru wosoma:
M23 yamaganye ibihano ivugwamo Amerika yafatiye kompanyi z'amabuye y'agaciro z'u Rwanda

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Abarwanyi bo mu mutwe w'inyeshyamba wa M23 bari i Goma ku itariki ya 6 Gashyantare (2), ubwo wizihizaga umwaka ushize ufashe uwo mujyi Umutwe w'inyeshyamba wa AFC-M23 urwanya ubutegetsi bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo wamaganye ibihano uvuga ko birobanura Amerika yafatiye kompanyi enye z'amabuye y'agaciro z'u Rwanda n'abazikuriye babiri.
Washington ishinja iryo tsinda gukorana na M23 muri "magendu y'amabuye y'agaciro mu buryo bunyuranyije n'amategeko riyakura mu burasirazuba bwa DRC riyajyana mu Rwanda", amafaranga avuyemo M23 ikayagura "intwaro no kuriha abarwanyi".
Mu itangazo umuvugizi wa M23 Lawrence Kanyuka yasohoye mu ijoro ryo ku wa gatatu, yagize ati: "Ifatwa ry'ibihano birobanura mu gihe ibiganiro by'amahoro bigikomeje ritanga ubutumwa budatanga umusaruro kandi nta musanzu na mucye bitanga mu kugera ku mahoro arambye."
Inkuru irambuye hano
Izindi nkuru wasoma:
DR Congo ivuga ko Ebola ikiri gusa mu ntara eshatu zo mu burasirazuba

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abategetsi bo mu rwego rw’ubuvuzi muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo bavuga ko ikiza cya Ebola kikiri gusa mu ntara eshatu zo mu burasirazuba bw’igihugu ari zo Ituri, Kivu ya Ruguru na Kivu y’Epfo.
Ni mu gihe amakuru yari yatangajwe mbere yumvikanishaga ko hari abanduye babonetse mu ntara ya Haut‑Uélé no mu ntara ya Tshopo.
Imibare mishya yatangajwe na leta ku itariki ya 30 Kamena (6) igaragaza ko umubare w’abemejwe ko banduye wazamutse ugera ku 1,406 – abo bakaba ari inyongera y’abantu 73 mu masaha 24 yari amaze gushira.
Abapfuye bariyongereye bagera ku bantu 438, mu gihe abantu 192 bakize.
Kugeza ubu, abantu 609 baracyari mu kato cyangwa barimo kuvurwa, mu gihe ikigero cyo kwica cy’iyi Ebola yo mu bwoko bwa Bundibugyo kiri ku kigero cya 31.2%.
Ikigero cyo gutahura abahuye n’abanduye cyarazamutse kigera ku 82.5% nubwo kikiri munsi y’intego ya 95%.
Izindi nkuru wasoma:
Uburusiya bwagabye igitero gikomeye cya misile na 'drone' i Kyiv cyishe abantu nibura 20

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ingabo z’Uburusiya zagabye igitero gikomeye cyifashishije 'drone' na misile ku murwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, mu ijoro rishyira uyu munsi, cyica abantu nibura 20, nkuko abategetsi babitangaje.
Mu bice bitandukanye by’umujyi, abaturage babaye bimuwe nyuma yuko ibisasu byangije inyubako nyinshi.
Ibi byabaye nyuma y'amasaha macye Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, aburiye ko Uburusiya buri gutegura igitero “gikomeye cyane”.
Tymur Tkachenko, ukuriye ubutegetsi bwa gisirikare buriho i Kyiv, yavuze ko umubare munini w’abishwe ndetse n'abakomerekejwe n’ibi bitero ari abana.
Mu masaha ya kare yo kuri uyu wa kane, yagize ati: “Umwanzi yongeye kwibasira ku bushake ahatuwe n’abaturage, kandi akomeje kwica abasivili.”

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu gitondo cyo kuri uyu wa kane, umucyo watumye hagaragara neza icyobo uko bigaragara cyatewe n’iturika ry’igisasu.
Hagaragaye kandi imodoka zahiye, inyubako n’ibikorwaremezo byangiritse, biri hafi y’ibisigazwa by’ibyasenywe n’ibisasu.
Hirya no hino mu mujyi, hadutse inkongi nyinshi, ndetse hanatangajwe ko ikigo cy’imbangukiragutabara (ambulance) cyangiritse, bituma umuntu nibura umwe akomereka cyane.
Ambasaderi wa Ukraine muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Olha Stefanishyna, yanditse kuri X ati: “Ni irindi joro riteye ubwoba ku baturage b’uyu mujyi, byabaye ngombwa ko barimara bari mu bwihisho.”
Yongeyeho ati: “Habaye inkongi n’isenyuka ry’ibikorwaremezo by’abasivili n’inzu zo kubamo mu turere twinshi tw’umujyi.”
Iki ni cyo gitero cya mbere gikomeye Uburusiya bugabye kuri Ukraine gikoresheje misile na 'drone' mu gihe kirenga ibyumweru bibiri byari bishize.
Ku wa gatatu, Perezida Zelensky yahagaritse urugendo yari agiye kugirira i Dublin, umurwa mukuru wa Ireland, nyuma yo gutangaza ko amakuru mashya y’ubutasi yagaragaje ko Moscow iri gutegura kongera kugaba ibitero kuri Ukraine.
Yongeyeho ko Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin yari amaze igihe ategura kugaba igitero gikomeye cyane kuri Ukraine.
Ingabo z’Uburusiya ziherutse kwinjira mu mujyi wa Kostyantynivka, umwe mu mijyi ya nyuma ikomeye Ukraine yari ikigenzura mu burasirazuba.
Niba Moscow ishoboye kuwufata, byayiha inzira yoroshye yo kugenzura akarere kose ka Donbas.
Bigoranye Ubwongereza bwacitse DR Congo mu gikombe cy'isi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubwongereza bwarokotse ukwajyaga kuba kumwe mu gukozwa isoni cyane mu mateka yabwo yo mu gikombe cy’isi, nyuma yuko ibitego bibiri bya Harry Kane bitumye bwigaranzura bukanatsinda Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) i Atlanta muri Amerika, bugakatisha gutyo itike ya 1/8.
Iyi kipe itozwa n’Umudage Thomas Tuchel yari isigaje iminota 15 ku gihe gisanzwe cy’umukino ngo ibe yakozwa isoni, mu gihe Les Léopards za DRC zari zakomeje kuryama ku gitego zari zabonye ku munota wa karindwi cyinjijwe na Brian Cipenga.
Aho ni ho kizigenza akaba na kapiteni wa The Three Lions z’Ubwongereza yataraga akinjiza n’umutwe igitego cyo kwishyura ku munota wa 75, nyuma akaza gusubyamo agashinguracumu habura iminota ine ngo umukino urangire.
Umunyezamu wa DRC yari yagiye akuramo imipira yari yabazwemo ibitego – nubwo umukinnyi wayo Yoane Wissa na we yahushije igitego cyari cyabazwe ubwo ishoti rye ryakubitaga icyuma cy’izamu habura gato ngo igice cya mbere kirangire.
Ubwongereza ubu buzahura na Mexique ku wa mbere ku kibuga cya Azteca kiri mu mujyi wa Mexique, hazaba ari saa munani z’ijoro (02:00) ku isaha yo mu Rwanda no mu Burundi.
Izindi nkuru wasoma:
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.
