Cameroun yokwitwara neza ata Eto'o

Ahavuye isanamu, AP
Uwahoze ari rutahizamu wa Cameroun, Patrick Mboma, avuga ko barutahizamu bashasha bashobora kuvyifatamwo neza naho Eto'o atagihari.
Kapitene wa Cameroun, Samuel Eto'o w'imyaka 33, yahagaritse gukinira Cameroun mu kwezi kw'umunani nyuma y'imyaka 18.
Mboma yabariye BBC ati: "Bitewe n'uko yari umukinyi mwiza cane, sinovuga yuko ari vyiza co Samuel yagiye.
"Ariko kuva ahagarikiye gukinira Cameroun, Eric-Maxim Choupo-Moting na Vincent Abubakar, batanguye kwerekana ko ari abakinyi beza cane.

Ahavuye isanamu, Getty
Mboma avuga uko naho yemera ko rutahizamu wa Everton, ari umwe mu bakinyi bakomeye muri Afrika bakinye umupira w'amaguru.
Rutahizamu wa Porto, Aboubakar yatanguye inkino zibiri gusa mu gikombe c'isi co muri Brezil mu kwezi kwa gatandatu, aho Cameroun yavyifashemwo nabi cane.
Les Lions Indomptables batsinzwe imikino itatu, binjiza rimwe gusa mu gihe batsinzwe ibitsindo icenda, harimwo 4-0 batsinzwe na Kroasiya.
Nayo Choupo-Moting, amaze kwinjiza ibitsindo 12 mu mikino 29 ya Cameroun, yatanguye neza mw'ihiganwa rya Bundesliga mw'ikipe Shalke 04, akaba amaze gutsinda gatatu mu nkino za mbere indwi.










