Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Salah, Mane, Kounde, Ekitike, Pogba, De Jong, Keita, Palhinha

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umusatirizi wa Liverpool umunya-Misiri Mohamed Salah w'imyaka 29 ashobora guhitamwo kwinjira mu murwi w'abakeba muri Premier League mu ci riza mu gihe ata masezerano mashasha yo kuguma muri uyo murwi yoshikwako. (The Athletic - subscription required)
Umusatirizi w'umunya-Senegal Sadio Mane w'imyaka 30 aripfuza kuva muri Liverpool muri rino ci, Bayern Munich ikaba yashimitse kugira irabe ko yomugura. (Fabrizio Romano, Twitter)
Chelsea yatanguye ibiganiro na Sevilla mu ntumbero yo kurondera umukinyi w'inyuma w'umufaransa Jules Kounde w'imyaka 23 yafashije uyu murwi wo muri Espagne gutsindira igikombe ca Europa League mu 2020, akaba afise igiciro c'imiriyoni 50 z'amapawundi (amafaranga y'Ubwongereza yababa imiriyoni 62,7 z'amadorari y'abanyamerika). (Sport - in Spanish)
Newcastle United iri hafi yo kuronka umusatirizi wa Reims umufaransa Hugo Ekitike w'imyaka 19, ku miriyoni zirenga 36 z'amapawundi. (Mail)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Inyuma y'aho itangarije ko Paul Pogba na Jesse Lingard bagiye, Manchester United yatanguye ibiganiro na Barcelona kugira irabe ko yoronka umunya-Hollande akina hagati, Frenkie de Jong w'imyaka 25 ku miriyoni zirenga 72,5 z'amapawundi. (Fabrizio Romano, Twitter)
Ariko Manchester United ishobora kubandanya urugamba rwo kurondera umunya-Serbia akina hagati muri Lazio, Sergej Milinkovic-Savic w'imyaka 27, mu gihe vyokwanka ko ironka De Jong. (GiveMeSport)
Juventus bafise icizere ko bamaze gushika ku masezerano yo kugarukana Pogba w'imtaka 29, amasezerano uyu mufaransa akina hagati afitaniye na Manchester United akazorangira muri rino ci. (90min)
Liverpool itegura guha amasezerano mashasha umunya-Guinea akina hagati Naby Keita, w'imyaka 27. Paris St-Germain iripfuza uyu mukinyi ariko umurwi wiwe wiyita Reds urizeye kugumana Keita nu gihe amasezerano yiwe azoba arangiye mu ci riza. (The Athletic - subscription required)
Wolves iri hafi yo kuronka umukinyi wo hagati wa Sporting Lisbon umunya Portugal Joao Palhinha w'imyaka 26, akaba yemeye ko ashobora kwimukira muri uyo murwi mu masezerano y'igihe kirekire ku miriyoni 20 z'amapawundi. (Sun)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Manchester City iracarondera umukinyi wo hagati w'umwongereza Kalvin Phillips w'imyaka 26, ariko rero umurwi wiwe Leeds United uracizeye ko ushobora kumugumana inyuma y'aho igarukiye ku nkombe zo gukorokera mu cicaro ca kabiri. (Sun)
Real Madrid irashaka umukinyi wo hagati wa Borussia Dortmund,umwongereza Jude Bellingham w'imyaka 18, ariko si imbere ya 2023. (Bild - in German)
Bayern Munich igiye kugerageza kurondera umusatirizi wa Chelsea umubirigi Romelu Lukaku w'imyaka 29, asanzwe kandi aronderwa na Inter Milan. (GiveMeSport)
Lukaku ariteguye kwemera kugabanirizwa umushahara kugira ngo arabe ko vyokunda ko asubira mu murwi wa Inter Milan yahoze akinira.(Mail)
Manchester United, mu bo irondera, ishira imbere umukinyi w'inyuma wa Ajax umunya-Hollande Jurrien Timber w'imyaka 20, ariko kandi imaze kuganira incuro zibiri n'umunya-Portugal David Carmo w'imyaka 22 akina inyuma muri Braga. (Manchester Evening News)
Umukinyi w'inyuma w'umurwi Burnley uherutse gukoroka, umwongereza James Tarkowski w'imyaka 29, araronderwa na Aston Villa, Everton, West Ham, Newcastle hamwe na Fulham.(Mirror)
Villarreal iri mu biganiro bigeze kure mu rugamba rwo kurondera ko yogumana burundu umukinyi wo hagati wa Tottenham umunya - Argentina Giovani lo Celso w'imyaka 26, yari yatijijwe muri uyo murwi wo muri Espagne mu kwa mbere. (Football Insider)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Aston Villa irarondera abandi bakinyi batatu biyongera ku mufaransa akina hagati Boubacar Kamara w'imyaka 22 yaguzwe muri Marseille, umunya-Brezil akina inyuma Diego Carlos w'imyaka 29 yaguzwe muri Sevilla hamwe n'umusatirizi w'umunya-Brezil Philippe Coutinho w'imyaka 29 yahawe amasezerano ya burundu inyuma y'ikiringo yari amaze akinira uyo murwi atijijwe na Barcelona. Umunya-Uruguay Luis Suarez w'imyaka 35 ariko arasezera Atletico Madrid, na we nyene ari mu bariko barihwezwa. (The Athletic - subscription required)
Uwahoze akinira umurwi nserukiragihugu w'Ubudagi Mesut Ozil w'imyaka 33, nta mugambi wo kuva muri Fenerbahce, n'aho acinanata kugira arabe ko yoba mu bakinyi ba mbere batangura mu kibuga muri uyo murwi wo muri Turukiya. (Mail)










