Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Newcastle 2-0 Arsenal: Nta kibanza dukwiye muri Champions League ku rukino nk'uru - Granit Xhaka
Umukinyi wo hagati wa Arsenal Granit Xhaka aranegura abakinyi bagenziwe inyuma yo gutsindwa na Newcastle 2-0 mu rukino rwa nijoro ku wa mbere, akavuga ati: "Iyo wumva ubwoba guma muhira".
Uyu mukinyi wo hagati ku ruhande rw'inyuma abona ko umurwi wiwe wananiwe no guhangana n'ibihe bitoroshe mu rugamba rwo kurondera kuba muri ine ya mbere mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.
Iyo iramuka itsinze yari kuja imbere ya Tottenham, gutyo ikabandanya ifise amahirwe yo kuronka ikibanza mw'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere i Bulaya (Ligue des Champions/Champions League) mu gihe hasigaye urukino rumwe.
Ati: "Iyo umuntu yumva afise ubwoba mu rukino nk'uru, guma muhira.
"Nta kuraba imyaka. Iyo wumva ufise ubwoba, guma hanze canke ugume muhira. Hakenewe abantu baza ngaha biteguye gukina. Rwari rumwe mu nkino nyamukuru kuri twebwe. Twumva ducitse intege ku bantu baje ngaha".
Hagati aho, mu kiganiro n'imboneshakure y'inkino Sky Sports, uwahoze akina inyuma muri Manchester United Gary Neville aranegura amajambo ya Xhaka.
Ati: "Yama ashwanira abakinyi mu cumba co kwihinduriramwo.
"Nibaza ko atari akwiye kunegura aba bakinyi bakiri bato kuko na we nyene yagiye abateza urubwa kenshi, ahabwa amakarata atukura n'ibindi. Aho yarabashize mu ngorane".
Kugira ngo Arsenal igire amahirwe yo kuja muri zine za mbere, itegerezwa gutsinda umurwi wa Everton ku kibuga cayo ku wa Mungu hanyuma Tottenham nayo - iyisumvya amanota abiri ikanayirusha n'ibitsindo vyinshi - itsindwe na Norwich yamaze kumanuka mu cicaro ca kabiri.
Xhaka yabwiye BBC Sport ati: "Twashaka gukina urukino rwiza ariko vyanse.
"Abantu bama bata ishavu ku burongozi. Ntituriko dukina tennis, turiko dukina umupira w'amaguru. Iyo umuntu yumva afise ubwoba mu bihe bigoye nk'ibi, guma muhira.
"Ntushobora kuza ngaha hanyuma ngo ukine nk'uku. Twakinye nabi cane uno musi. Integuro zacu twari dufise ziratandukanye rwose n'ingene twakinye. Twakinye urukino atari rwo na gatoya.
"Batunesheje kuva ku munota wa mbere gushika ku wa 96. Ukina gutya, ntukwiye kuja muri Champions League.
"Ikibazo ni uko turi mu bihe bigoye. Iyo udashoboye kwifata neza mu bihe bigoye, ibintu birangira nk'uko vyarangiye uno musi. Biboneka ko ata kintu dushoboye iyo turi mu bihe bigoye".
Igitsindo Ben White yitsinze mu minota ya mbere y'igice ca kabiri c'uru rukino catumye Newcastle irusha Arsenal imbere y'uko Bruno Guimaraes atera ica kabiri mu minota ya nyuma.
Xhaka yongerako ati: "Mu gihe Tottenham yotsindwa natwe tugatsinda, ivy'umupira ni akananirabahinga".
"Ni ngombwa ko twizera. Imbere y'urukino, ibintu vyose twari tubifise mu minwe. Twakinye urukino rutari rwo na gato".
'Baradusumbije incuro 100'
Uru rukino rwabaye urwa gatandatu Arsenal itsinzwe mu nkino 11 za Premier League - hakaba hari haciye imisi ine itsinzwe 3-0 na Tottenham - mbere n'umumenyereza Mikel Arteta akaba yemera ko Newcastle yarushije umurwi wiwe mu bice vyose.
Ati: "Ni ibintu bitoroshe kwemera, ariko nta nkeka Newcastle yari ikwiriye iyi ntsinzi mu buryo bwose.
"Vyari ngombwa ko duhangana n'aya majoro [harimwo n'iryo twatsinzwe na Tottenham] ariko vyanse.
"Newcastle badusumbije incuro 100 zose. Mu bice vyose, utegerezwa kuvyifatamwo neza, ariko ntavyo twashoboye.
"Dutegerezwa kwigora tukemera ko umukino wacu ataho uhuriye na gato n'uwa Champions League.
"Nacitse inguvu bidasanzwe. Ni ikintu kibabaje cane. Ibintu vyari mu minwe yacu uno musi ariko vyaducitse. Ni ngombwa ko dutsinda Everton hanyuma tukarindira ko Norwich yotsinda Spurs. Igihe cose hama hari amahirwe matoya mu mupira w'amaguru.
"Kuva ku wa kabiri, tuzoba turiko twitegurira Everton. Vyose birashoboka mu biharuro".
Newcastle yagiye ivyifatamwo neza kuva igihe iguriye abakinyi bashasha mu kwa mbere, ariko kandi n'umumenyereza wayo Eddie Howe yarahinduye abakinyi batari bake yasanzeho.