Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Guardiola, Ward-Prowse, Haaland, James, De Jong, Dembele, Reguilon

Pep Guardiola

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Pep Guardiola avuga ko City idashobora kwihenda no itakaze urukino na rumwe mu zisigaye ahandi ho ngo Liverpool yoca iyitwara ihiganwa ry'uno mwaka
Yatangajwe

Manchester City irizeye ko umumenyereza wayo Pep Guardiola azotera igikumu ku masezerano mashasha mu ci, mu gihe ibiganiro bibandanya n'uyu munya Espagne kugira abandanye amenyereza uyu murwi gushika mu 2015. (Sunday Mirror)

Manchester City na Manchester United yompi iripfuza kugura umukinyi wo hagati w'umwongereza James Ward-Prowse asanzwe akina muri Southampton, ni mu gihe Arsenal, Newcastle United na Tottenham ibandanya ikurikirana ingene ivy'uyu mukinyi w'imyaka 27 bigenda. (Daily Star on Sunday)

Umusatirizi wa Manchester United na Portugal Cristiano Ronaldo ashobora gusubira muri Real Madrid. Uyu murwi w'igihangange wo muri Espagne uripfuza cane kugura uyu mukinyi w'imyaka 37 yahoze awukinira kuva mu 2009 gushika 2018. (Sunday Mirror)

Manchester City na Manchester United iriko irarwanira umukinyi w'inyuma wa Espagne Pau Torres w'imyaka 25 asanzwe akina muri Villarreal. (Todofichajes - in Spanish)

James Ward-Prowse

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, James Ward-Prowse

Erik ten Hag mu misi yiteze gusezera Ajax kugira aje kumenyereza Manchester United mu mpera z'uno mwaka w'inkino, aripfuza kugura umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'ibubamfu muri Feyenoord umunya Hollande Tyrell Malacia w'imyaka 22 kugira aje gukinira uyu murwi wa Old Trafford. (Sunday Mirror)

Chelsea ifise impungenge ko muwongereza akina hagati Mason Mount ashobora kuva muri uyu murwi. Kubera ibihano reta yafatiye uwahoze ari nyene umurwi, aba ba Blues ntibashobora guha amasezerano mshasha uyu mukinyi w'imyaka 23, ni mu gihe Manchester City na Liverpool izwi ko imwipfuza. (Sun on Sunday)

Umuyobozi nshingwabikorwa wa Borussia Dortmund Hans-Joachim Watzke avuga ko uyu murwi wanesheje Manchester United mu rugamba rwo kurondera Erling Haaland muri Kigarama (12) 2019 kubera bari biteguriye gushira mu masezerano n'uyu mukinyi mpuzamakungu wa Norvège w'imyaka 21 umurongo umuha uburenganzira bwo kugenda mu gihe abishakiye. (Goal)

Chelsea iriko iraraba ingene, mu gihe yoronka abandi bayigura, yogiriranira amasezerano meza n'umwongereza Reece James w'imyaka 22 akina inyuma ku ruhande rw'i buryo, mu gihe avugwa ko aronderwa na Real Madrid. (90 Min)

Reece James

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Reece James

Umukinyi wo hagati w'umunya Hollande Frenkie de Jong avugwa ko aronderwa na Manchester United ariko umumenyereza wa Barcelona Xavi avuga ko uyu mukinyi w'imyaka 24 ari we "kubu na kazoza" k'uyo murwi wo muri Espagne. (Manchester Evening News)

Umusatirizi w'umufaransa Ousmane Dembele w'imyaka 24 abona ko yoronka umushahara mwiza cane mu gihe yokwimukira muri Paris St-Germain gusumba uwo ahembwa muri Barcelona, ariko yipfuza kuguma muri uyu murwi wa Nou Camp aho amasezerano afitaniye nawo azorangira mu ci. (Sport)

Real Madrid izohitamwo gutanga imiriyoni 40 z'ama euro kugira ngo yisubize umunya - Espagne Sergio Reguilon w'imyaka 25 akina inyuma muri Tottenham. (Todofichajes - in Spanish)

Wolves iriteguye kugurisha umunya Portugal akina hagati Ruben Neves w'imyaka 25, mu gihe irondera kugura abasatirizi n'abandi bakinyi bo hagati. (Sunday Times - subscription required)

Crystal Palace iri hafi yo gushika ku masezerano yo kugura umukinyi wo hagati akina muri Lens mu Bufaransa, umunya - Mali Cheick Doucoure w'imyaka 22. (Sun on Sunday)

Sergio Reguilon

Ahavuye isanamu, Tottenham Hotspur FC

Insiguro y'isanamu, Sergio Reguilon

Everton iripfuza kugura umwongereza akina inyuma James Tarkowski w'imyaka 29 mu gihe amasezerano afitaniye na Burnley azorangira mu ci, mu gihe uyu murwi wa Goodison Park usanzwe utorohewe wokwinanata ukaguma muri Premier League. (Football Insider)

Crystal Palace, Watford ma Fulham iriko irakurikiranira hagufi umukinyi w'inyuma wa FC Koln, umudagi Timo Hubers w'imyaka 25 asanzwe kandi aronderwa na Leeds United. (Football Insider)

Newcastle United yemereye umwongereza akina hagati Sean Longstaff w'imyaka 24 amasezerano y'imyaka ine, mu gihe ayo afitaniye n'uyu muwi azorangira mu ci. (Sunday Times - subscription required)

AC Milan yemeranije na Lille kugura umunya - Portugal akina hagati Renato Sanches w'imyaka 24, ku miriyoni 20 y'ama euro be n'uturusho tugera ku miriyoni zitanu z'ama euro nyene. (Football Italia)

Umunya Hollande akina inyuma Sven Botman w'imyaka 22, ariko araronderwa na Newcastle United hamwe na AC Milan mu gihe avuga ko yiteze ko uno mwaka ari wo wa nyuma kiniye Lille. (Get French Football News)