Manchester City 4-3 Real Madrid: ubwo City izoshobora gusezerera Real?

Kevin de Bruyne

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kevin de Bruyne yagize umunezero udasanzwe igihe atera igitsindo ca mbere inyuma y'amasegonda 93 gusa muri uru rukino rudasanzwe rwa mbere rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma muri Champions League
    • Umwanditsi, Phil McNulty
    • Igikorwa, Umwanditsi mukuru mu vyo umupira w'amaguru
  • Yatangajwe

Igihe Carlo Ancelotti ahura ubwa nyuma na Manchester City ku kibuga cayo, vyabaye ibiterasoni kuri we mu gukubitwa 5-0 muri urwo rukino rwabaye urwa nyuma kuri we nk'umumenyereza wa Everton, hari ku wa 23 rusama (5) 2021.

Igihe uyu mutaliyano w'umukambwe mu vyo ubumenyereza, ubu afise imyaka 62, aramvuriye amaboko araba abo bakorana, akaraba kw'isaha yiwe afise amakenga ko inyuma y'iminota 11 gusa umurwi wiwe wari umaze gukubitwa 2-0 mu gihe yari asubiye kuri ico kibua ca Etihad Stadium, kumbure ubwoba bwaramurenze ko yagomba abone nk'ayo yabonye kuri uwo musi.

City yaraguruka mu kirere! Real yari yarengewe. Uyo murwi wa Premier League umaze igihe urondera gutsindira iki gikombe ca Bulaya waboneka ko wari wigaruriye urukino bimwe ntasubirwamwo.

Phil Foden

Ahavuye isanamu, DeFodi Images

Insiguro y'isanamu, Ku munota wa 11, Manchester City yari ifise 2-0 muri uru rukino rwabereye ku kibuga cayo Etihad Stadium

Ariko rero impera ya vyose, mu buryo butangaje kuri abo bose bashoboye kurorera urwo rukino rw'umupira w'amaguru rwari ruteye igomwe, Ancelotti aho yibereye ku mpande z'ikibuga yari yuzuye akamwemwe, mu maso aboneka ko yishimiye cane ingene uru rukino rwa mbere rurangiye atsinzwe kuri 4-3.

Si ukuvuga ko yabonetse nk'uko ari kibirengeye nk'abandi kubona Real itagiye akagirire, muri uru rugamba rwo kurondera gukina urukino rwa nyuma rw'iri higanwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Champons League).

Abakinyi ba City nta mubabaro bari bafise - ivyo ntivyari kuba kuko berekanye urukino rwiza cane mbere rurangira barutsinze. Hagati aho, baraboneka mu maso ko ibintu vyari kuba ibindi iyo bagashobora kurushiriza aho bagatsinda vyinshi nk'uko bavyibaza, imbere y'urukino rwo gusubiza ruzobera ku kibuga ca Real Madrid, Bernabeu.

Ijoro ryakeye ryari iridasanzwe, aho vyose vyari biryoheye ijisjo mu bijanye n'umupira w'amaguru wo kuri uru rugero rudakunze kuboneka, aho City, igihe cose, yari iteye ubwoba.

Ariko rero...

Iyo hageze muri Champions League, Bernabeu yama ikora ibitangaza kandi n'aho kumbure City ishobora kudaterwa inkokora nk'izo yatewe bigakomera igihe ihura na Atletico Madrid mu rukino rugira kabiri rw'igice ca nyuma gishira ica kane, kizoba ikibazo gikomeye kuri bo ni bashobora kubandanya mu gihe bafise igitsindo kimwe gusa basumvya Real.

Karim Benzema

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igitsindo ca nyuma ca penalty yatewe na Karim Benzema cahaye Real Madrid icizere kinini mu rukino rwo gusubiza ruzoba ku wa gatatu w'indwi iza igenekerezo rya 04 Rusama

City barasamaye barareka Real ibaca mu ryahumye, kahise kagashobora kutwereka ko iri rishobora kuba ikosa riremereye cane.

Ancelotti, co kimwe n'abandi benshi muri Real, baramaze guca mu bintu nk'ibi bakarengana, n'aho kumbure bazotegerezwa kwemera ko barushijwe bimwe biteye ubwoba mu kiringo kitari gito c'uru rukino.

Ariko kandi ntibashobora kubura ivyizigiro ko impera n'imperuka bashobora kurengana bagahura na Liverpool canke Villarreal mu rukino rwa nyuma ruzobera i Paris.

Inkuru nziza kuri City ni uko, n'aho ata ntsinzi nini baronse, baramaze igihe kitari gito basumvya cane urukino Real, aho na Luka Modric n'ubuhinga bwiwe hagati yananiwe kwerekana ibidasanzwe.

City bari babangutse, berekana ubuhinga bwinshi, bagakina neza, kandi bafashe umupira bari abantu bateye ubwoba. Ibi ni vyo bizoba biri mu mitwe yabo mu gihe bazoba bari mu rugendo ruzobashikana i Madrid.

Ariko kandi ...

Pep Guardiola na Carlo Ancelotti

Ahavuye isanamu, NurPhoto

Insiguro y'isanamu, Pep Guardiola na Carlo Ancelotti bompi baramaze gutsindira igikombe ca Bulaya/ Champions League nk'abakinyi hanyuma nk'abamenyereza

Ni nde yoshobora kumenya urugero Real ikwiye gutsindwa kugira ngo itahe, mu gihe mu rukino ruzokurikira izoba ashigikiwe n'isinzi ry'abakunzi i Bernabeu muri uno murwi ufise kahise gakomeye muri iri higanwa? Mu rukino urwo ari rwo rwose ruhambaye nk'uru muri iki kibuga c'amateka, uyu murwi wama ukora ibitangaza.

Guardiola yarerekanye icari mu mutwe igihe City iteye ica kabiri, Real iboneka koko ivyayo birangiye.

Uyu munya Espagne yatewe n'uburakari igihe Riyad Mahrez akoze icaha gikomeye cane mu kwigungirako umupira, aza kuwutera inyuma kandi Phil Foden yari wenyene imbere y'igori arindiriye ko amuha umupira ngo atereremwo. Kuri 3-0, nta wuzi ko ibintu bitari kuba birangiye.

N'uburakari bwinshi, Guardiola yakome induru ati: "Riyad. Riyad". Arazi neza ko ari ikosa rinini guha akanya na gato Real, kandi uyu murwi rutura wa Espagne waravyerekanye koko.

City binjije ibitsindo bibiri vyose ku ncuro zitatu gusa bateye mw'igori, bakinye neza, urukino ruryoheye ijisho. Ariko, ifirimbi ya nyuma ivuze, bashobora kuba baricujije kuri ayo mazinda atari akenewe bagiye bagira muri urwo rukino rwa nijoro.