Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Diaz, Ronaldo, Longstaff, Origi, Cantwell, Coutinho, Traore

Luis Diaz wa Porto

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Luis Diaz wa Porto
Yatangajwe

Liverpool iri hafi yo gushika ku masezerano yo kugura umukinyi wo ku ruhande wa Porto, umunya Colombia Luis Diaz, 24, ku miriyoni zirenga 81 z'amadorari y'abanyamerika. (Sun)

Umusatirizi w'umunya-Portugal Cristiano Ronaldo, 36, ashobora kuva muri Manchester United mu ci riza mu gihe atokwishimira umumenyereza uyu murwi uzohitamwo burundu. (Star)

Manchester United yemereye umukinyi wayo wo hagati Paul Pogba amasezerano mashasha y'igihe kirekire - ashobora kumuha umushahara w'ibihumbi birenga amajana 540 y'amadorari y'abanyamerika ku ndwi - kugira ngo uyu mufaransa w'imyaka 28 ntazohave agenda kuri gusa mu ci riza mu gihe amasezerano afitaniye na'uyu murwi azoba arangiye. (Sun)

Paul Pogba

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Paul Pogba

Newcastle yanse ivyo yemerewe na Everton ku mukinyi Sean Longstaff. Uyu mwongereza w'imyaka 24 akina hagati azorangiza amasezerano afitaniye n'aba Magpies mu mpera z'iri higanwa ry'uno mwaka, bakaba bizeye ko bazokwumvikana ku masezerano mashasha. (Shields Gazzette)

Newcastle n'uwundi murwi wa Premier League nyene iripfuza umukinyi wo hagati wa Norwich Todd Cantwell, 23. (Sky Sports)

Newcastle iripfuza kandi umukinyi w'inyuma wa West Ham umufaransa Issa Diop, 24, kandi iriko irategura imiriyoni zababa 13,5 z'amadorari y'abanyamerika kugira ngo batangure urugamba rwo kumugura. (L'Equipe via Hammers News)

Umusatiri wa Liverpool umubirigi Divock Origi, 26, hamwe n'umusatirizi wa Bournemouth umwongereza Dominic Solanke, 24, bari mu bakinyi bariko barakurikiranirwa hagufi na Newcastle mu gihe iriko irondera uwosubirira Callum Wilson yavunitse. (Telegraph - subscription required)

Imirwi ibiri yo muri Premier League iriko irarwanira kugura umukinyi wo hagati wa Barcelona umunya Brésil Philippe Coutinho, 29, akaba yiteze gufata ingingo kuri kazoza kiwe kuri uwu wa gatanu. (Sky Sports)

Philippe Coutinho

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Philippe Coutinho

Umumenyereza wa Paris St-Germain Mauricio Pochettino ariteguye kwakira ico bomwemerera cose kugira ngo abe umumenyereza wa Manchester United. (Sun)

Tottenham iriteguye gusubira gutangura urugamba rwo kurondera umukinyi wo ku ruhande wa Wolves umunya-Espagne Adama Traore, 25. (Athletic - subscription required)

Chelsea nta mugambi ifise wo gutanga amafaranga akenewe kugira ngo igumye burundu umukinyi wo hagati yatijijwe ava muri Atletico Madrid Saul Niguez, 27. (Express)

Manchester United ifise amahirwe make yo kugura umukinyi n'umwe muri kuno kwezi ariko ifise umugambi wo kurondera umukinyi wo hagati mu ci riza, igashobora kuzorondera Declan Rice, 22, wa West Ham. (Talksport)

Arsenal yemeye kuzotanga umukinyi azokwiyongera ku mafaranga yemeye gutanga kugira ngo ironke umusatirizi wa Fiorentina umunya-Serbia Dusan Vlahovic, 21. (Ben Jacobs - CBS)

Dusan Vlahovic

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Dusan Vlahovic

Watford yemeye kugura umukinyi w'inyuma wa Liverpool umwongereza Nathaniel Phillips, 24, yamaze kubwirwa ko afise uburenganzira bwo gusezera uyu murwi muri uku kwezi. (Football Insider)

Aba ba Hornets kandi bamenyesheje umukinyi wabo w'inyuma w'umwongereza Danny Rose, 31, ko atazosubira gukinira uyu murwi kandi ko afise uburenganzira bwo kwigira muri kano kadirisha k'igura n'igurishwa ry'abakinyi. (Sky Sports)

Leicester City n'iyindi mirwi itari mike ya Premier League izotegerezwa gutanga imiriyoni zababa 45 z'amadorari y'abanyamerika nimba ishaka kugura umusatirizi wa Club Bruges, Charles de Ketelaere, ariko yipfuza cane kwimukira muri Premier League muri uku kwa mbere. (Voetbal Nieuws - via Leicester Mercury)

Barcelona iriko iraraba ko yotira umusatirizi wa Manchester United umufaransa Anthony Martial, 26, harimwo n'umugambi wo kuzoshobora kumugura burundu mu mpera z'iri higanwa. (Sport - in Spanish)

Anthony Martial Norwich

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Anthony Martial celebrates a goal against Norwich City

Newcastle nayo nyene iripfuza gutira Martial kugira ngo ashobore gusubirira umusatirizi Callum Wilson yavunitse. (Times - subscription required)

Barca kandi iripfuza umukinyi w'inyuma wa Chelsea umunya Danemark Andreas Christensen, 25. (Mundo Deportivo - in Spanish)

Everton na Newcastle yahambije Arsenal mu rugamba rwo kurondera umunya Brésil Bruno Guimaraes, 24, asanzwe akina hagati muri Lyon mu Bufaransa. (Standard)

Bruno Guimaraes

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Bruno Guimaraes

Umunyegori wa Liverpool Loris Karius, 28, vyanse ko yimukira muri Greuther Furth, inyuma y'aho uyu murwi wa Bundesliga mu Budagi unaniriwe no kuronka amafaranga asabwa kugira ngo imukure i Anfield. (Fussball Transfers via Daily Star)

Umusatirizi wa Jamaica Michail Antonio, 31, yateye igikumu ku masezerano mashasha muri West Ham azomushikana mu ci rya 2025. (90 Min)