Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Pulisic, Bereton Diaz, Phillips, Dembele, Origi, Danjuma, Cook

Yatangajwe

Barcelona iriko irategura urugamba rwo kurondera umunyamerika Christian Pulisic, 23 akina ku ruhande, umudagi Antonio Rudiger, 28, akina inyuma hamwe n'umunya Espagne akina inyuma nyene Cesar Azpilicueta, 32, bose basanzwe bakina muri Chelsea. (Mundo Deportivo - in Spanish)

Leeds United iracarondera umusatirizi wa Chili Ben Brereton Diaz, 22, n'aho Blackburn Rovers imushakako imiriyoni 33 z'amadorari y'abanyamerika. (Sun)

West Ham iriko irarondera umukinyi w'inyuma w'umwongereza Nathaniel Phillips, 24, kugira ngo asubirire umutaliyano Angelo Ogbonna, 33, ariko rero Liverpool iriko imuronderako imiriyoni zababa 13 z'amadorari y'abanyamerika kugira imurekure. (Sun)

Umufaransa akina ku ruhande muri Bayern Munich Kingsley Coman, 25, aracanana gutera igikumu ku masezerano mashasha n'uyu murwi, bikaboneka ko, mu gihe yokwanka, mugenziwe Ousmane Dembele, 24, basanzwe bakinana mu murwi nserukiragihugu akaba ariko ararangiza amasezerano afitaniye na Barcelona, ari we ashobora kumusubirira. (Christian Falk)

Real Madrid nta mugambi ifise wo kugurisha umusatirizi wa Bresil Rodrygo, 20, n'aho hari amakuru avuga ko ariko araronderwa na Liverpool.(Fabrizio Romano)

Tottenham yatanguye ibiganiro n'umunyegori wayo, umufaransa Hugo Lloris, 34, akaba ari na we kizigenza, imbere y'uko amasezerano afitaniye n'uyu murwi arangira mu ci riza. (Football Insider)

Umusatirizi wa Liverpool umubirigi Divock Origi, 26, ariko araronderwa n'imirwi yo mu Butaliyano AC Milan - isanzwe iriko irarondera abakinyi bashobora gusubirira Zlatan Ibrahimovic - hamwe na Atalanta. (Tutto Mercatao - in Italian)

Imirwi ya Paris St-Germain na Lyon iriko irarondera ingene yoronka umusatirizi w'umufaransa Anthony Martial, 26, ni mu gihe umuserukizi wiwe avuga ko uyu mukinyi yipfuza kuva muri Manchester United. (90 Min)

Lyon iripfuza kuronka umukinyi wo ku ruhande wa Villarreal umunya Hollande Arnaut Danjuma, 24. Manchester United na Barcelona nayo nyene izwi ko iriko iramukurikiranira hagufi. (TodoFichajes - in Spanish)

Chelsea iri hafi yo gushika ku masezerano n'abakinyi Andreas Christensen, 25, umunya Danemark akina inyuma, hamwe na Thiago Silva, 37, umunya Bresil na we nyene akina inyuma. (Metro)

Arsenal iriko irakora uko ishoboye kugira ngo irabe ko yogumana umusatirizi wayo, umwongereza Khayon Edwards, 18, amaze kwinjiza ibitsindo 14 vyose mu murwi w'abakiri bato muri uno mwaka w'inkino, ni mu gihe amasezerano afitaniye nayo asigaje amezi atandatu gusa. Chelsea, Leeds, Southampton, Brighton naNewcastle yose iriko irakurikiranira hagufi ingene ivyiwe biriko biragenda, hampande y'imirwi itari mike yo mu Budagi. (Mail)

Newcastle United igiye kuronderera muri Bournemouth umukinyi w'inyuma, Umwongereza Steve Cook, 30, inyuma y'aho isabiwe amahera y'umurengera ku mukinyi w'inyuma wa Burnley, James Tarkowski, 29. (Sun)

Everton, Leicester City na Newcastle iripfuza umukinyi w'inyuma w'umunya Suwede Pontus Jansson, 30, ni m ugihe amasezerano afitaniye na Brentford azorangira mu ci riza. (Guardian)

Umukinyi w'inyuma wa Manchester United umunya Portugal Diogo Dalot, 22, yariko araronderwa na Roma ariko bivanye n'ingene agize imisi avyifatamwo neza igihe Man U itanguriye kumenyerezwa na Ralf Rangnick amahirwe ni make cane, ibi bikavugwa ko uyo murwi wa Serie A uriko uronderera ahandi, harimwo n'umwongereza Max Aarons, 21 wa Norwich hamwe n'umudagi Benjamin Henrichs, 24 wa RB Leipzig.(Corriere Dello Sport - in Italian)

Umukinyi w'inyuma wa Arsenal umufaransa William Saliba, 20, avuga ko atipfuza "kuvuga ibijanye" na kazoza kiwe, ni mu gihe hari ibihuha bivuga ko ashobora gutera igikumu ku masezerano yo kwinjira burundu mu murwi Marseille asanzwe akinamwo nk'intizo kuva igihe kitari gito. (RTL, via Mirror)