Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Torres, Mbappe, Sanches, Vlahovic, Eriksen, Isco, Benitez

Yatangajwe

Manchester City iriko irakurikiranira hagufi umusatorizi wa Fiorentina umunya-Serbia Dusan Vlahovic, 21 amaze kwinjiriza umurwi wiwe n'igihugu ciwe ibitsindo 19 vyose hamwe muri uno mwaka w'inkino. (La Repubblica)

Barcelona yagiranye ibiganiro na Manchester City mu buryo bwo kurondera ingene yoronka umusatirizi w'umunya Espagne Ferran Torres, 21, mu kwa mbere. Torres amaze kwinjiza ibitsindo icenda yongera atanga imipira itatu yavuyemwo ibitsindo mu nkino 28 amaze gukinira City muri Premier League. (ESPN)

Ariko, umukuru wa Barcelona Joan Laporta avuga ko ikibazo c'ubutunzi kitabemerera kugura umukinyi n'umwe mu gihe ibintu bikimeze uko bimeze. (Marca)

Umukuru wa Everton Bill Kenwright yahamagaje inama yihuta y'abarongoye uyu murwi, aho biteze kwiga ku kibazo ca kazoza k'umumenyereza Rafael Benitez.(Mirror)

Liverpool iripfuza kugura umukinyi wo hagati wa Lille umunya-Portugal Renato Sanches, 24, asanzwe afise igiciro c'imiliyoni zababa 45 z'amadolari y'abanyamerika. (Fichajes - in Spanish)

Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp yumvikanye avuga ko umukinyi w'inyuma umwongereza Nat Phillips, 24, ashobora kuva muri uyu murwi mu kwa mbere. (Goal)

Umusatirizi wa Lille umunya-Canada Jonathan David, 21, ariko arakurikiranirwa hagufi na Arsenal. Aba Gunners basanzwe bariko bararondera umusaturizi wa Everton umwongereza Dominic Calvert-Lewin ariko David na we nyene ari mu bujuje ibisabwa n'aba Gunners, na rirya ari we amaze kwinjiza ibitsindo vyinshi mw'ihiganwa ry'Ubufaransa Ligue 1. (London Evening Standard)

Everton iriko irihweza nimba yorondera umusatirizi wa Zenit St Petersburg umunya-Iran Sardar Azmoun, 26, yieze kuba aronderwa n'imirwi ya West Ham, Tottenham na Arsenal. (90min)

Umukinyi wo hagati wa Inter Milan umunya-Danemark Christian Eriksen, 29, ari hafi yo kurangiza amasezerano n'uyu murwi wo mu Butaliyano. Eriksen ntarigera asubira mu kibuga kuva ca gihe afatwa n'indwara y'umutima muri rya higanwa ryahuza imirwi nserukirabihugu rya Bulaya, Euro 2020. (Calciomercato)

Real Madrid iremeza neza ko izoruhira kuronka umusatirizi wa Paris St-Germain umufaransa Kylian Mbappe, 22, na rirya amasezerano afitaniye n'uyu murwi azorangira mu ci riza. (AS)

Hagati aho, Real, iriteguriye kugurisha umukinyi wayo wo hagati, umunya-Espagne Isco, 29, amaze gutsindira ihiganwa ry'imirwi yabaye iya mbere i Bulaya, Uefa Champions League, incuro zine mu myaka umunani amaze muri uyu murwi. (90min)

Manchester United ishobora kurondera umumenyereza wa New York Red Bulls umunya-Autriche Gerhard Struber kugira ngo abe icegera ca Ralf Rangnick. Bompi barakoranye mu murwi Red Bull Salzburg wo muri Autriche. (Sun)

Umukinyi wo hagati wa Barcelona umunya-Hollande Frenkie de Jong, 24, ntazova muri uyu murwi mu kwa mbere. De Jong yariko araronderwa n'imirwi itari mike harimwo na Manchester City. (Sky Sport Italy)

Umurwi Wrexham wo muri Pays de Galles uriko uraraba ko wozana umukinyi wo hagati yahoze akina muri Arsenal, West Ham no mu murwi nserukiragihugu w'Ubwongereza Jack Wilshere. Uyu mukinyi w'imyaka 29 nta murwi afise akinira kuva asezeye muri Bournemouth mu mpera z'umwaka w'inkino uheze. (Football Insider)