Tottenham: Nuno Espirito Santo yirukanywe mu mabanga y'umumenyereza inyuma y'amezi ane

Yatangajwe

Umugwi wa Tottenham Hotspur yirukanye umumenyereza Nuno Espirito Santo inyuma y'amezi ane agenywe muri ayo mabanga.

Tottenham imaze gutsindwa inkino zitanu kuri ndwi ziheze mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza, harimwo n'urukino rwabahuje na Manchester United kuri uyu wa gatandatu.

Iri mu kibanza ca 8 mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza ikaba iri inyuma amanota 10 ku mugwi wa mbere Chelsea.

Uwurongoye uwo mugwi Fabio Paratici yavuze ati:"Ndazi uko Nuno n'abamufasha bagerageje kugira bagire ico bashitseko, nkaba ntanejerejwe no kuba twatinze dufata iyo ngingo."

Uwo munye Portugal w'imyaka 47, yari yagenywe mu mabanga yo kumenyereza uwo mugwi mu kiringo c'imyaka ibiri mu kwezi kwa gatandatu inyuma y'imyaka ine yari amaze muri Wolves.

Paratici yagize ati:"Nuno n'umugabo w'abagabo kandi arahawe ikaze ngaha igihe ico ari co cose. Dukwiye kumushimira co kimwe n'abamufasha mu kazi kiwe, tunabipfurize n'ivyiza mu bihe biri imbere."

Tottenham yavuze ko ingingo yo kumenya uwuzosubirira Nuno " Ni yo igiye gukurikira".

Tottenham yazomerewe cane inyuma yo gutsindwa ibitego 3-0 na United, yatanguranye inguvu, hanyuma inyuma yo gutsinda inkino zitatu, Nuno yabaye umumenyereza wa mbere mwiza w'ukwezi kw'umunani.

Hagati aho, umwimbu wagiye umanuka. N'aho bari batsinze Aston Villa na Newcastle mu kwezi kwa cumi, baratsinzwe na Chelsea, Arsenal, West Ham na Crystal Palace udashizemwo gutsindwa mu nkino za Europa League.