Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Lewandowski, Ramsdale, Abraham, Werner, Bowen, Pogba, Neves

Ahavuye isanamu, Getty Images
Chelsea yamaze kuvugana n'umuserukizi w'umusatirizi wa Bayern Munich umunya Pologne Robert Lewandowski w'imyaka 32 mu ntumbero yo kurondera ko yokwimukira i Stamford Bridge. (Bild, via Sun)
Arsenal iriko iregeranya imiriyoni zirenga 41 z'amadorari y'abanyamerika kugira ngo irabe ko yoronka umunyegori wa Sheffield United umwongereza Aaron Ramsdale w'imyaka 23. (Talksport)
Ariko, aba Gunners basabwa gushikana imiriyoni 44 z'amadorari kugira ngo bashobore kuronka Ramsdale, ku ncuro zibiri zose bamaze kumurondera bakaba babwiwe ko amafaranga bashaka kumutangako ari make. (Times)
Chelsea iripfuza kurekura umusatirizi w'umwongereza Tammy Abraham ngo yinjire mu bakeba bayo Arsenal ku masezerano y'intizo. Tottenham na West Ham nayo nyene iripfuza uyu mukinyi w'imyaka 23. (Sun)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umusatirizi wa Chelsea umudagi Timo Werner w'imyaka 25 aremera ko ashobora kuva muri Chelsea muri rino ci, akavugwa ko yipfuza gusubira muri Bundesliga, ihiganwa ryo mu Budagi. (90min)
Liverpool irashobora kugurisha umukinyi w'inyuma, umwongereza Nat Phillips w'imyaka 24, umukinyi wo ku ruhande umunya Pays de Galles Harry Wilson w'imyaka 24, umusatirizi w'umubirigi Divock Origi w'imyaka 26, umunya Pays de Galles akina inyuma Neco Williams w'imyaka 20 hamwe n'umuswisi akina hagati Xherdan Shaqiri w'imyaka 29, ikaba yipfuza kwegeranya imiriyoni ziri hagati ya 82 na 96 z'amadorari. (Liverpool Echo)
Liverpool yamaze kubona umusatirizi ishobora kurondera, uyu nawe akaba ari umwongereza Jarrod Bowen w'imyaka 24 wa West Ham. (Athletic, subscription required)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Paris St-Germain iripfuza umukinyi wo hagati wa Manchester United, umufaransa Paul Pogba w'imyaka 28, ariko ni ngombwa ko ibanza kugurisha abakinyi kugira ngo ishobore kumuronka. (Sky Sports)
Manchester United iri imbere ya Arsenal mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo hagati wa Wolves umunya Portugal Ruben Neves w'imyaka 24 muri rino ci ku miriyoni zirenga 48 z'amadorari y'abanyamerika. (Talksport)
Manchester United irabandanya ibiganiro n'umukinyi w'inyuma wa Real Madrid umufaransa Raphael Varane w'imyaka 28. (Daily Express)
Hagati aho, Manchester United yemereye umukinyi wo hagati w'umudagi Leon Goretzka w'imyaka 26 umushahara ungana hafi na 275.000 y'amadorari y'abanyamerika ku ndwi mu gihe amasezerano afitaniye n'umurwi wiwe Bayern Munich azoba arangiye mu ci riza. (Mail)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ariko Real Madrid nayo nyene yatanguye kuvugana na Gortezka kugira irabe ko yomuronka. (Bild, via Marca)
Aston Villa iri mu biganiro kugira ngo irabe ingene yogura umukinyi wo hagati wa Norwich City umwongereza Todd Cantwell w'imyaka 23. (Football Insider)
Villa iriteguye kandi kugura umukinyi wo ku ruhande wa Bayer Leverkusen umunya Jamaica Leon Bailey w'imyaka 23 ku giciro kiri hagati y'imiriyoni 34 na 41 z'amadorari y'abanyamerika. (Mail)
Crystal Palace iri mu biganiro na Schalke kugira ngo irabe ko yoronka umunya Turukiya akina inyuma Ozan Kabak w'imyaka 21 ku giciro kiri hagati y'imiriyoni 13 na 16 z'amadorari y'abanyamerika. (Guardian)
Everton yinjiye mu rutonde rw'imirwi iriko irakurikiranira hagufi ingene ibintu bimeze muri Manchester United ku musatirizi w'umwongereza Jesse Lingard w'imyaka 28. (Sun)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza wa West Ham David Moyes ashobora kurondera umukinyi wo hagati wa Chelsea umwongereza Ross Barkley w'imyaka 27 mu gihe uyo murwi wonanirwa no kugura Lingard. (90min)
Newcastle yasubiye kuvyura ibiganiro kugira ngo irabe ko yoronka umukinyi wo hagati wa Southampton umunya Gabon Mario Lemina w'imyaka 27 ku giciro c'imiriyoni zababa zitanu z'amadorari y'abanyamerika, ikaba yiteze ko ishobora gushika ku masezerano muri ino ndwi. (Mail)
Umukinyi wo hagati wa West Brom umunya Brésil Matheus Pereira w'imyaka 25 yasubiye gutera amero imirwi itari mike ya Premier League na Bundesliga. (Express and Star)
Leeds United airi hafi yo kuronka umukinyi wo hagati wa Chelsea umwongereza Lewis Bate w'imyaka 18. (Leeds Live)
Umukinyi wo hagati w'umunya Hollande Donny van de Beek w'imyaka 24 avuga ko vyanka vyakunda azoguma muri Manchester United muri rino ci n'aho imirwi itari mike yo mu Butaliyano, muri Espagne no mu Budagi imurondera. (Manchester Evening News)

Ahavuye isanamu, PA Media
Juventus iri hafi yo gushika ku masezerano na Sassuolo ku mukinyi wo hagati w'Ubutaliyano Manuel Locatelli w'imyaka 23. (Corriere dello Sport, in Italian)
Barcelona ihannzwe n'ingorane z'imishahara bigashobora kuba ngombwa ko iyigabanya igakurako imiriyoni 606 z'amadorari y'abanyamerika kugira ngo ishobore gukurikiza urugero rw'imishahara muri La Liga. (Star)









