Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Griezmann, Ings, Neves, Varane, Locatelli, Romero, Donnarumma, Grealish

Antoine Griezmann

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Antoine Griezmann
Yatangajwe

Chelsea iri mu migambi yo kurondera ko Barcelona yoyitiza umusatirizi w'umufaransa Antoine Griezmann w'imyaka 30. (Daily Express)

Ariko Chelsea yabwiwe ko iriko irata wakuba, mu gihe iriko yongereza akariro mu kurondera kugura umusatirizi wa Borussia Dortmund umunya Norvege Erling Braut Haaland w'imyaka 20 muri rino ci. (Sky Sports)

Manchester United iri hafi yo kwumvikana n'umukinyi w'inyuma wa Real Madrid umufaransa Raphael Varane w'imyaka 28. (Manchester Evening News)

Tottenham iriko irarondera, imbere y'ibindi vyose, umusatirizi wa Southampton umwongereza Danny Ings w'imyaka 28, ikaba yemeza idakekeranya ko ashobora gukinana na Harry Kane, ishaka kugumana uko vyogenda kwose, ku ruhande rw'ubusatirizi. (Telegraph)

Danny Ings

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Danny Ings

Arsenal iripfuza kugura umukinyi wo hagati wa Wolves umunya Portugal Ruben Neves ku miriyoni zirenga 48 z'amadorari y'abanyamerika. (Sun)

Aba Gunners kandi bariko bararondera umutaliyano akina hagati Manuel Locatelli w'imyaka 23 asanzwe akina muri Sassuolo mbere akaba akinira umurwi nserukiragihugu uherutse gutahukana Euro 2020, ariko kandi na Juventus imuraba ryiza. (AS)

Spurs na Manchester United ziriko irarondera umukinyi w'inyuma, umunya Argentina Cristian Romero w'imyaka 23 asanzwe akina muri Atalanta yatijijwemwo avuye muri Juventus. (Calciomercato)

Arsenal yanse guha Aston Villa umwongereza akina hagati Emile Smith Rowe w'imyaka 20, ubwa mbere ikaba yari yatanze imiriyoni 34.6 y'amadorari Arsenal irayanka, ubu naho ikaba yasubiye kwanka izindi miriyoni 41.5 z'amadorari y'abanyamerika. (Mail)

Emile Smith Rowe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Emile Smith Rowe

Paris St-Germain iri hafi yo gutangaza ko yaguze umunyegori wa AC Milan umutaliyano Gianluigi Donnarumma w'imyaka 22 asanzwe anasamira umurwi nserukiragihugu utahukanye Euro 2020. (Daily Express)

Umukinyi wo hagati wa Aston Villa umwongereza Jack Grealish w'imyaka 25 yagabishijwe ku bivugwa ko yoba ariko arondera kwimukira mu murwi Manchester City uherutse gutahukana ihiganwa ry'Ubwongereza Premier League. (Daily Mirror)

Southampton iri mu biganiro na Newcastle United kugira irabe ko yoronka umwongereza akina hagati Isaac Hayden w'imyaka 26, mu gihe iyi mirwi yoshika ku masezerano umunya Gabon Mario Lemina w'imyaka 27 ashobora guca aja gukinira Newcastle United . (Mail)

Mario Lemina

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mario Lemina

Umwongereza akina ku ruhande Andros Townsend w'imyaka 29 ariko ararondera uwundi murwi yoja gukinira inyuma y'aho yemereye ko hari amahirwe make cane ko Crystal Palace imwongera ayandi masezerano. (Evening Standard)

Arsenal irashaka kugumana umwongereza akina hagati Joe Willock w'imyaka 21 muri rino ci, n'aho Newcastle United yipfuza kugumana uyu mukinyi yavyifashemwo neza igihe yatizwa muri uno murwi mu 2020-21. (Newcastle Chronicle)

Joe Willock
Insiguro y'isanamu, Joe Willock

Brentford yahambije West Brom mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo hagati wa Chelsea umunya Sierra Leone Trevoh Chalobah. Umurwi wo mu Bufaransa Lorient na wo nyene uripfuza uyu mukinyi w'imyaka 22. (Express & Star)

Umunya Bresil Felipe Anderson w'imyaka 28 asanzwe akina hagati muri West Ham ari mu Butalirano aho yagiye gutera igikumu ku masezerano yo gusubira mu murwi Lazio - imyaka itatu inyuma y'aho aviriye muri uyu murwi wa Serie A agiye muri West Ham. (Evening Standard)