Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Kane, Areola, Smith Rowe, Zouma, Coutinho, Damsgaard, Umtiti

Harry Kane

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Harry Kane
Yatangajwe

Manchester United iri imbere ya Chelsea n'umukeba wayo Manchester City mu rugamba rwo kurondera umusatirizi w'umwongereza Harry Kane w'imyaka 27, ariko Tottenham isaba imiriyoni 139 z'amadorari y'abanyamerika hamwe n'abakinyi babiri bakina mu murwi A wa Man U. (Football Insider)

Manchester City yavuganye n'umusatirizi w'umufaransa Antoine Griezmann w'imyaka 30 akina muri Barcelona kugira ngo irabe ko yomugura. (Footmercato - in French)

West Ham iri mu biganiro na Paris St-Germain kugira ngo irabe ko yoronka umunyegori w'umufaransa Alphonse Areola w'imyaka 28 yari amaze umwaka wose akina muri Fulham iyo yari yaratijijwe. (Mail)

Tottenham yahambije Arsenal, PSG na Atletico Madrid mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo hagati wa Lyon umufaransa Houssem Aouar w'imyaka 23. (Le10 Sport, via Metro)

Houssem Aouar

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Houssem Aouar

Arsenal yongereje amafaranga kugira ngo irabe ko yoronka umukinyi w'inyuma wa Brighton umwongereza Ben White w'imyaka 23, aho yemeye ko ishobora gutanga imiriyoni 66.7 z'amadorari y'abanyamerika hamwe n'uturusho dushobora kwiyongerako duharurwa mu mamiriyoni umunani z'amadorari y'abanyamerika. (Star)

Umukinyi wo hagati wa Arsenal Emile Smith Rowe w'imyaka 20 amaze kutangirwa amafaranga incuro zibiri na Aston Villa ariko bikanka, ariteguye gutera igikumu ku yandi masezerano y'imyaka itanu n'abarashi (Gunners). (Birmingham Mail)

Napoli na Roma iripfuza kugura umukinyi w'inyuma wa Chelsea, umutariyano Emerson Palmieri w'imyaka 26, ariko iyo mirwi ikaba idashaka kurekura imiriyoni 20 z'ama euro zisabwa kuri uyu mukinyi afise amasezerano azorangira mu kwa gatandatu 2022. (Calciomercato, via Football Italia)

Emerson Palmieri

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Emerson Palmieri

Umukinyi w'inyuma w'umufaransa Kurt Zouma w'imyaka 26 yiteze kuva muri Chelsea muri rino ci, mu gihe Everton, Tottenham na Roma ya Jose Mourinho yose imwipfuza, akaba aherutse kwanka kuja gukinira Wolves.(Telefoot on Twitter)ya

Newcastle United, Tottenham, Wolves na Southampton iriko iregeranya amafaranga mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Schalke umunyamerika Matthew Hoppe w'imyaka 20. (90min)

Sampdoria yiyemeje kugumya umusatirizi wayo, umunya Danemark Mikkel Damsgaard w'imyaka 21 n'imiburiburi mu kiringo w'uwundi mwaka, mu gihe Liverpool na Tottenham, co kimwe na Juventus hamwe na Barcelona iri mu mirwi itari mike imwipfuza. (Gazzetta dello Sport - in Italian)

Umukuru w'igisata kijejwe umupira w'amaguru ca Tottenham Fabio Paratici abona ko kimwe mu bikorwa nyamukuru ari uko agiriranira ayandi masezerano y'igihe kirekire n'umusatirizi Son Heung-min w'imyaka 29 akomoka muri Korea y'Epfo. (90min)

Son Heung-min

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Son Heung-min

Manchester United ivugwa ko ifise umunoho mwinshi cane wo kugura umukinyi w'inyuma wa Barcelona, umufaransa Samuel Umtiti w'imyaka 27 mu gihe na Arsenal nyo nyene imwipfuza. (El Gol - in Spanish)

Everton iri hafi kuronka umukinyi w'inyuma Ryan Bertrand ata mafaranga itanze, inyuma y'aho uyu mukinyi w'imyaka 31 yankiye kubandanya akinira Southampton. (Fabrizio Romano, via Leicester Mercury)

Barcelona na Tottenham zahambiije Manchester United mu rugamba rwo kurondera umukinyi w'inyuma wa Juventus umunya Argentina Cristian Romero w'imyaka 23 asanzwe akina muri Atalanta iyo yatijijwe. Ariko Atalanta nayo ifise uburenganzira bwo gushobora kumugura. (Calciomercato - in Italian)

Tottenham na Manchester United iriko irakurikiranira hagufi umukinyi w'inyuma wa Lyon umunya Danemark Joachim Andersen w'imyaka 25, yari amaze umwaka akina muri Fulham iyo yari yaratijijwe. (Footmercato - in French)

Uwahoze ari umusatirizi wa Manchester City, West Ham hamwe na Manchester United umunya Argentina Carlos Tevez w'imyaka 37, avuga ko ashaka kurangiriza umwuga wiwe w'umupira w'amaguru muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika kandi akavuga ko amaze kuronka imirwi itatu imwipfuza, ni inyuma y'aho aviriye mu murwi Boca Juniors wo mu gihugu ciwe mu kw'indwi. (ESPN Deportes - in Spanish)

Carlos Tevez

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Carlos Tevez

Umukinyi w'inyuma wa Liverpool Ben Davies w'imyaka 25 ntashaka kuva muri uyu murwi n'aho aronderwa n'imirwi Celtic na Bournemouth. (Mail)

Uwahoze akina ku ruhande mu murwi nserukiragihugu w'Ubufaransa, Franck Ribery w'imyaka 38,avuga ko bibabaje kubona Fiorentina itashatse kumwongera ayandi masezerano ngo abandanye ayikinira inyuma y'aho ayo yari afitaniye nawe arangiriye mu mpera z'ukwa gatandatu akavuga ko yipfuza kugumua muri uwu murwi w'ihiganwa ry'Ubutariyano, Serie A. (Toscana TV, via Football Italia)