Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Ramos, Varane, Camavinga, Coman, Messi, Ronaldo, Griezmann

Sergio Ramos

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Sergio Ramos
Yatangajwe

Umukinyi w'inyuma w'umunya Espagne Sergio Ramos w'imyaka 35 yiteze gupimwa kwa muganga kuri uwu wa kabiri i Paris imbere y'uko yinjira muri Paris St-Germain ata kirinze gusabwa inyuma y'aho amasezerano yari afitaniye na Real Madrid arangiriye. (ESPN)

Manchester United iriteguye gutanga imiriyoni hafi 70 z'amadorari y'abanyamerika kugira ngo irabe ko yoronka umukinyi w'inyuma wa Real Madrid umufaransa Raphael Varane w'imyaka 28, hamwe n'izindi hafi 35 kugira ngo ironke umukinyi wo hagati wa Rennes umufaransa Eduardo Camavinga w'imyaka 18, kandi iracabandanya irondera n'abandi muri rino ci. (Marca via Mail)

Umukuru wa Bayern Munich Oliver Kahn afise "icizere" ko umufaransa akina imbere ku ruhande Kingsley Coman w'imyaka 25 ashobora kuguma muri uyu murwi n'aho Liverpool imwipfuza. (Mirror)

Kingsley Coman

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kingsley Coman

Paris St-Germain yemereye Lionel Messi amasezerano ashobora gutuma uyu musatirizi yimukira mu Bufaransa inyuma y'uko amasezerano yari afitaniye na Barcelona arangiriye mu ndwi iheze.

Messi yakoze amateka adasanzwe i Nou Camp yafashije igihugu ciwe gushika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mw'ihiganwa ry'ibihugu vyo muri Amerika Copa America ni mu gihe bitaboneka neza umurwi ashobora kuja gukinira. (Mail)

Tottenham iramaze kuvugana na Southampton kugira ngo irabe ko yoronka umukinyi w'inyuma w'umunya Danemark Jannik Vestergaard w'imyaka 28. (Mail)

Umusatirizi wa Atletico Madrid umufaransa Antoine Griezmann w'imyaka 30 niwe aboneka ko ashobora kugurwa na Manchester City muri rino ci mu gihe vyokwanka ko ironka umwongereza Harry Kane w'imyaka 27 akina muri Tottenham Hotspur. (Mundo Deportivo - in Spanish)

Antoine Griezmann

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Antoine Griezmann

Ariko kandi umumenyereza wa Manchester City Pep Guardiola avuga ko hari amahirwe make y'uko uyu murwi ushobora kugura uwundi musatirizi. (Mundo Deportivo - via Manchester Evening News)

Cristiano Ronaldo ari mu biganiro na Juventus kugira ngo abandanye ayikinira. Hagize imisi hari amakuru yavuga ko uyu munya Portugal w'imyaka 36 aronderwa na Manchester United.(Gazzetta dello Sport - via Mirror)

Juventus irashaka kwisubiza umukinyi wo hagati wa Manchester United Paul Pogba w'imyaka 28 muri rino ci, inyuma y'imyaka itanu avuye muri uyu murwi w'Ubutariyano ku giciro kitari bwigere kibaho ico gihe. (90Min)

Paul Pogba

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Paul Pogba

Umukinyi wo hagati wa Arsenal umufaransa Matteo Guendouzi w'imyaka 22 aboneka ko ashaka gusezera uyu murwi, ni mu gihe Marseille imwipfuza cane. (Mirror)

AC Milan iriteguye kuganira na Chelsea kugira ngo ishobore kuyitiza umufaransa akina hagati Tiemoue Bakayoko w'imyaka 26. (Corriere dello Sport - in Italian)

Liverpool iri imbere mu mirwi irondera umusatirizi wa PSG umufaransa Kylian Mbappe w'imyaka 22, ni mu gihe kazoza kiwe muri uyu murwi kataboneka neza na rirya amasezerano afitaniye n'uyu murwi asigaje umwaka umwe gusa. (ESPN)

Umumenyereza mushasha wa Crystal Palace Patrick Vieira arizeye ko umukinyi wa mbere azoshobora kugura ari umunya Ecosse akina hagati muri Celtic Ryan Christie. Uyu mukinyi w'imyaka 26 kandi ariko arakurikiranwa n'umurwi Vieira yahoze akinamwo mu Bufaransa, Nice. (Daily Record)

Umumenyereza wa Arsenal Mikel Arteta aripfuza kugumana umukinyi wo hagati Emile Smith Rowe n'aho yipfuzwa cane na Aston Villa. Uyu murwi witeguye kwongereza amafaranga kugira igure uyu mukinyi w'imyaka 20, inyuma y'aho itangiye imiriyoni zirenga 41.5 z'amadorari ariko bakayiraba utw'ininga. (Mirror)

Emile Smith Rowe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Emile Smith Rowe

Umumenyereza mushasha wa Tottenham Hotspur Nuno Espirito Santo ariko ararondera umusatirizi w'Ubuswisi Haris Seferovic w'imyaka 29, mu gihe umurwi wiwe Benfica ushaka kumugurisha muri rino ci. (Mirror)

Inter Milan irafise icizere co kugura umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'ibubamfu, umugiriki Kostas Tsimikas wo muri Liverpool. Uyu mukinyi w'imyaka 25 yinjiye muri uyu murwi mu ci riheze, ariko yashoboye gukinishwa mu nkino indwi zonyene gushika ubu mu mahiganwa yose uyu murwi warimwo. (Calciomercato, in Italian)

Umusatirizi Mario Balotelli w'imyaka 30 yahoze akina muri Manchester City aboneka ko yiteguye kuja gukinira umurwi Adana Demirspor wo muri Turukiya, akaba afise icizere ko ashobora gukinishwa mu nkino mpuzamakungu imbere y'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose ryitezwe mu mwaka uza. (Goal)