Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Ramos, Bale, Camavinga, Patricio, Belotti, Gilmour, Greenwood

Sergio Ramos

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe

Umukinyi w'inyuma wa Espagne Sergio Ramos w'imyaka 35 ariko arihweza ivyo yemerewe na Manchester City, Paris St-Germain na Bayern Munich imbere y'uko afata ingingo kuri kazoza kiwe. (ESPN)

Tottenham Hotspur nta buryo ifise yo kwongereza amasezerano y'intizo ifise ku mukinyi Gareth Bale wo muri Pays de Galles/Wales kugira ngo irabe ko yokwongera ikamugumana mu kindi kiringo c'umwaka ugira kabiri mu gihe uyu mukinyi w'imyaka 31 yiteze gusubira mu murwi wiwe wa Real Madrid, aho asanzwe afise amasezerano asigaje amezi 12. (Evening Standard)

Rennes ivuga ko itarigera ibona umurwi urondera umukinyi wo hagati, umufaransa Eduardo Camavinga w'imyaka 18, n'aho hari amakuru avuga ko arongerwa na Manchester United hamwe na Paris St-Germain. (Metro)

Eduardo Camavinga

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Eduardo Camavinga

Roma iri hafi yo gushika ku masezerano n'umunyegori w'umunya Portugal Rui Patricio w'imyaka 33 asanzwe akina muri Wolves. (Sky Sports)

Chelsea iriko irihweza ko yogura umukinyi wo hagati wa Barcelona Miralem Pjanic w'imyaka 31 akomoka muri osnia and Herzegovina, ariko ishobora kumurwanira na Juventus hamwe na Paris Saint-Germain. (Sun)

Arsenal iripfuza umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'ibubamfu, umunya Portugal Nuno Tavares w'imyaka 21 asanzwe akina muri Benfica. (Sky Sports)

Miralem Pjanic

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Miralem Pjanic

AC Milan yahawe amahirwe yo kugura umusatirizi w'umunya Colombia James Rodriguez w'imyaka 29 akina muri Everton, hamwe n'umukinyi wo hagati wa Barcelona, umunya Brésil Philippe Coutinho w'imyaka 29. (Tuttosport - in Italian)

Newcastle igiye guhiganwa n'umurwi uherutse gutahukana ihiganwa ry'Ubufaransa Lille mu rugamba rwo kurondera umukinyi w'inyuma w'umufaransa William Saliba w'imyaka 20 asanzwe yaratijijwe na Arsenal. (Mail)

Chelsea ntirota irekura umunya Espagne akina inyuma Marcos Alonso w'imyaka 30 muri rino ci n'aho Barcelona na Inter Milan yompi imwipfuza. (Mundo Deportivo - in Spanish)

Marcos Alonso

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Marcos Alonso

Arsenal irarondera cane umusatirizi wa Torino umutariyano Andrea Belotti w'imyaka 27, ariko AC Milan, Fiorentina, Napoli na Roma nayo nyene iriko iramukurikirana. (Tuttosport, via 90Min)

Umusatirizi wa Inter Milan umunya Uruguay Martin Satriano w'imyaka 20 aripfuzwa n'imirwi ya Arsenal, Everton, Tottenham. (Mail)

Leicester City ni umwe mu mirwi irondera muri rino ci umusatirizi w'umutariyano Domenico Berardi w'imyaka 26 asanzwe akina muri Sassuolo. (Gazzetta Dello Sport, via Leicester Mercury)

Norwich City iri hafi yo gushika ku masezerano y'intizo ku mukinyi wo hagati w'umunya Ecosse Billy Gilmour w'imyaka 20 asanzwe akina muri Chelsea. (Sky Sports)

Liverpool ishobora kugura umukinyi wo hagati wa Porto umunya Brésil Otavio w'imyaka 26 imbere y'uko ingingo yemeza ko uwumukeneye ategerezwa gutanga imiriyoni 47 arangira ku wa gatatu. (Star)

Otavio

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Otavio

Aston Villa na Norwich yompi iriko iragerageza kugura umunyegori w'umwongereza Matthew Cox w'imyaka 18 asanzwe asamira AFC Wimbledon yo mw'ihiganwa League One. (Football Insider)

Barcelona iriko irihweza ingene yogiriranira amasezerano mashasha y'imyaka ibiri n'umukinyi w'umunya Espagne Sergi Roberto w'imyaka 29, ni mu gihe amasezerano afitaniye n'uyu murwi azorangira mu 2022. (Marca)

West Ham United ishobora kugena Alan Irvine yahora aci icegera c'umumenyereza wayo David Moyes kugira abe umukuru w'igisata kijejwe umupira w'amaguru muri uyo murwi. (Football Insider)