Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Grealish, Mbappe, Sterling, Ramos, Haaland, Gilmour

Yatangajwe

Chelsea iriteguye guhangana na Manchester City mu rugamba rwo kugura umukinyi wo hagati wa Aston Villa umwongereza Jack Grealish w'imyaka 25. (Football Insider)

Umusatirizi w'umufaransa Kylian Mbappe yasavye ko yova mu murwi wiwe Paris St-Germain. Amasezerano uyu mukinyi w'imyaka 22 afitaniye n'uyu murwi wo mw'ihiganwa ry'Ubufaransa Ligue 1 azorangira mu ci ry'umwaka uza. (RMC Sport, via Marca)

Umukinyi w'imbere ku ruhande wa Manchester City Raheem Sterling w'imyaka 26 ashobora kuba atipfuza kwimukira muri Tottenham mu masezerano ashobora gutuma aguzanya na mugenziwe bakinana mu murwi nserukiragihugu c'Ubwongereza Harry Kane w'imyaka 27. (ESPN)

Chelsea iriko iragerageza kugura umukinyi w'imbere wa Villarreal, umunya Espagne Gerard Moreno w'imyaka 29 mu gihe vyokwanka ko igura umusatirizi wa Norvège Erling Haaland w'imyaka 20 asanzwe akinira Borussia Dortmund. (Fichajes, via Mirror)

Real Madrid ibandanya kugira amakenga menshi ku mukinyi wayo w'inyuma umufaransa Raphael Varane w'imyaka 28 yamaze kwemera ko ashobora kwimukira muri Manchester United. Uyu murwi uriko urategura ingene womuguza n'umufaransa Paul Pogba na we nyene w'imyaka 28, akina hagati. (Metro)

Umukinyi w'inyuma w'umunya Espagne Sergio Ramos w'imyaka 35 yiteguye gutera akagere imirwi ya Manchester United na Manchester City akaja gukinira Paris St-Germain mu gihe amasezerano afitaniye na Real Madrid azoba arangiye mu mpera z'uku kwezi. (AS)

West Ham United iravugwa ko yipfuza kugura umunyegori wa Fiorentina umunya Pologne Bartlomiej Dragowski w'imyaka 23 muri rino ci, ni mu gihe Tottenham na yo nyene iriko iramukurikiranira hagufi.(Viola News - in Italian)

Arsenal ishobora kugurisha umukinyi w'inyuma wayo, umufaransa William Saliba w'imyaka 20 mu gihe iri hafi yo kugura umukinyi w'inyuma wa Brighton umwongereza Ben White w'imyaka 23. (Football London)

Umumenyereza wa Leeds Marcelo Bielsa aripfuza cane umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'ibubamfu wa Huesca, umunya Espagne Javi Galan w'imyaka 26 ariko akaba ariko amurwanira n'imirwi ya Atletico Madrid na Sevilla. (Mundo Deportivo - in Spanish)

Imirwi ya Wolves nad West Ham iripfuza umukinyi w'inyuma wa Burnley umwongereza James Tarkowski w'imyaka 28 mu gihe agira yinjire mu mwaka wa nyuma w'amasezerano yiwe afitaniye n'uyu murwi wiwe. (Telegraph - subscription required)

Ariko West Ham ifise kuba yahisemwo kuvanamwo akarenge mu kurondera Tarkowski asanzwe kandi arabwa ryiza na Leicester City. (Mail)

Brighton ivuga ko itarigera ironka umuntu arondera umumenyereza wayo Graham Potter, n'aho ari ku rutonde rw'umukuru w'umurwi wa Tottenham Daniel Levy nk'umwe mu bashobora gusubirira Jose Mourinho. (Argus)

Burnley yemeye igiciro c'imiriyoni zabaya 17 z'amadorari y'abanyamerika kugira ngo ishobore kuronka umukinyi w'inyuma wa Stoke City Nathan Collins w'imyaka 20 akomoka muri République d'Irlande. (Athletic)

Umukinyi w'inyuma wa Liverpool Nathaniel Phillips arateye amero imirwi ya Brighton, Burnley, Newcastle United na Southampton. (Goal)

Barcelona iriko iraraba ingene yorungika umukinyi wo hagati w'umunya Brésil Philippe Coutinho muri rino ci mu gihe imirwi nka Everton na Arsenal ivugwa ko iriko irakurikiranira hagufi uyu mukinyi w'imyaka 29 ariko arakira imvune.(Sport - in Spanish)

Newcastle irashaka ko umukinyi wo hagati, umwongereza Jacob Murphy w'imyaka 26 yotera igikumu ku yandi masezerano y'igihe kirekire mu gihe asigaje umwaka umwe gusa mu masezerano afitaniye nayo kandi ikimukeneye. (Sky Sports)

Norwich irashaka kugiriranira amasezerano n'umurwi wa Chelsea kugira ngo uyitize umukinyi wo hagati, umunya Ecosse Billy Gilmour w'imyaka 20 mu kiringo c'umwaka umwe. (Mail)