Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Grealish, Kane, Sancho, Ronaldo, Haaland, Edouard, White
Umumenyereza wa Manchester City Pep Guardiola arashaka kugura umukinyi wo hagati wa Aston Villa umwongereza Jack Grealish w'imyaka 25 muri rino ci. (ESPN)
Tottenham Hotspur ikeneye n'imiburiburi imiriyoni 212 z'amadorari y'abanyamerika ategerezwa kurihwa 'cash' ku musatirizi w'umwongereza Harry Kane mu gihe umukuru wayo Daniel Levy yoramuka yemereye uyu mukinyi w'imyaka 27 kuva muri uyu murwi. (Sun)
Manchester United iri hafi yo gushika ku masezerano yo kugura umukinyi wo ku ruhande wa Borussia Dortmund, umwongereza Jadon Sancho w'imyaka 21 inyuma y'aho igiciro ciwe kigabanirijwe kigashika ku miriyoni zababa113 z'amadorari y'abanyamerika, ariko hariko n'uturusho. (Times, subscription required)
Umukinyi w'imbere wa Portugal Cristiano Ronaldo ubu afise imyaka 36, ariko arihweza nimba yoja gukinira uwundi murwi n'aho ari mu biganiro na Juventus ku bijanye na kazoza kiwe muri uyu murwi. (ESPN)
Mu gihe Ronaldo yoramuka avuye muri Juve, umunya Brésil Gabriel Jesus w'imyaka 24 akina muri Manchester City niwe ashirwa imbere ku rutonde rw'abashobora kumusubirira, ari kumwe n'umunya Serbia Dusan Vlahovic w'imyaka, akaba ari umusatirizi wa Fiorentina, hamwe rero n'umunya Argentina Mauro Icardi w'imyaka 28 asanzwe akina muri Paris St-Germain. (Gazzetta dello Sport - in Italian)
Chelsea yatanguye ibiganiro na Borussia Dortmund kugira ngo irabe ko yoronka umusatirizi w'umunya Norvege Erling Braut Haaland w'imyaka 20; umwongereza akina imbere Tammy Abraham w'imyaka 23 akaba ashobora gushirwa muri ayo masezerano nk'uwokwongerwa ku mafaranga yotangwa. (Mail)
Everton yakoresheje ikibazo (interview) uwahoze ari umumenyereza wa Wolves Nuno Espirito Santo w'imyaka 47 kugira ngo ashobore gusubirira Carlo Ancelotti nk'umumenyereza mushasha inyuma y'aho uyu mutariyano asubiriye mu murwi Real Madrid. (Football Insider)
Brighton yiteze ko izohebuza imirwi ya Manchester United, Arsenal na Liverpool iriko irarondera umukinyi w'inyuma w'umwongereza Ben White w'imyaka 23 mu kumushira ku giciro c'imiriyoni 70 z'amadorari y'abanyamerika. (Mail)
Leicester yemeranije n'umurwi Celtic ko ushobora kuyiha umukinyi w'imbere, umufaransa Odsonne Edouard w'imyaka 23 ku miriyoni zababa 21 z'amadorari y'abanyamerika. (Sun)
Atalanta yashinze igiciro kingana n'imiriyoni zababa 73 z'amadorari y'abanyamerika ku bakeneye umukinyi w'inyuma, umunya Argentina Cristian Romero w'imyaka 23, asanzwe aronderwa na Manchester United. (Tuttosport - in Italian)
Paris St-Germain iri hafi yo kuronka kuri gusa umunyegori wa AC Milan, umutariyano Gianluigi Donnarumma w'imyaka 22. (Sky Italia)
Juventus iripfuza ko umusatirizi w'umunya Espagne Alvaro Morata w'imyaka 28 ayegukira burundu, akaba yari asanzwe akina muri uyu murwi atijijwe na Atletico Madrid. (Calciomercato - in Italian)
Newcastle irashaka gukubita hasi Southampton mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo hagati wa Leicester umwongereza Hamza Choudhury w'imyaka 23. (Football Insider)
Umumenyereza wa Fulham Scott Parker arashobora kuva muri uyu murwi kugira ngo aje kumenyereza Bournemouth. (Talksport)
West Ham na Aston Villa iripfuza kugura umusatirizi wa Burnley umunya Nouvelle Zelande Chris Wood w'imyaka 29, mu gihe Everton nayo nyene iriko iramukurikiranira hagufi muri kino gihe ikirindiriye kuronka umumenyereza mushasha. (Mirror)
Hagati aho, West Ham yashitse ku masezerano n'umukinyi wo hagati wa Chelsea umufaransa Pierre Ekwah-Elimby w'imyaka 19. (Sky Sports)
Aston Villa niyo ifise amahirwe menshi yo kuronka umukinyi w'inyuma wa Fleetwood muri iri ci, umwongereza Josh Feeney w'imyaka 16, kizigenza w'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza w'abatarenza imyaka 16, ariko iriko iramurwanira na Manchester United. (Mail)