Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Zaha, Pochettino, Martinez, Conte, Neves, Coutinho, Willian

Ahavuye isanamu, PA Media
Tottenham na Everton ziripfuza kugura umukinyi w'imbere wa Crystal Palace umunya Côte d'Ivoire Wilfried Zaha w'imyaka 28 ku miriyoni zirenga 56.5 z'amadorari y'abanyamerika. (Goal)
Umumenyereza wa Paris St-Germain Mauricio Pochettino ariko arihweza nimba ari ngombwa ko yosubira mu murwi Tottenham yahoze amenyereza. (Sun)
Hagati aho, Tottenham iri mu biganiro n'umumenyereza w'umurwi nserukiragihugu w'Ububirigi, yahoze kandi amenyereza imirwi ya Everton na Wigan Roberto Martinez w'imyaka 47, mu gihe igikorwa co kurondera umusubirizi wa Jose Mourinho kibandanya. (Sky Sports)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza wa Inter Milan Antonio Conte yarafashije uyu murwi gutahukana igikombe c'ihiganwa ry'Ubutaliyano Serie A, ariko uyu mugabo yahoze amenyereza Chelsea ategerezwa kuva muri uyo murwi mu masaha 48 ari imbere. (La Gazzetta dello Sport, via Metro)
Wolves iriteguye kugurisha umukinyi wo hagati, umunya Portugal Ruben Neves ku miriyoni hafi 50 z'amadorari kugira ngo ishobore kuronka amahera yo kwiyubaka ku muntu uwo ari we wese yosubirira umumenyereza Nuno Espirito Santo amaze kugenda. (The Athletic - subscription required)

Ahavuye isanamu, PA
Wolves si ngombwa ngo igurishe uyu mukinyi Neves w'imyaka 24 ari muri uyu murwi kuva mu 2017, ariko izokwakiriza yompi abo bose bazomurondera mu gihe amafaranga bazoshaka gutanga yoba ashobora gufasha mu kwiyubaka. (Express & Star)
Umukinyi wo hagati wa Brazil Philippe Coutinho w'imyaka 28 azoba ari mu bakinyi 10 bari ku rutonde rw'abazogurishwa n'umurwi Barcelona mu ci riza. (Star)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Barcelona na Manchester City ziri mu mirwi irondera umukinyi wo hagati wa Atalanta umudagi Robin Gosens w'imyaka 26. (Sport)
Arsenal na Aston Villa igiye guhangana bikomeye mu kurondera kugura umukinyi wo hagati wa Norwich City umunya Argentine Emiliano Buendia w'imyaka 24 . (Telegraph - subscription required)
Umukinyi w'imbere wa Arsenal umunya Brazil Willian w'imyaka 32 aripfuza gusubira muri Chelsea - inyuma y'amezi ari musi ya 12 avuye muri uyu murwi yari amazemwo imyaka indwi. (Sky Sports)
Chelsea ishobora kuba ishaka kugurisha umukinyi wayo wo hagati, umwongereza Callum Hudson-Odoi w'imyaka 20, agashobora kuja mu murwi Borussia Dortmund wo mu Budagi. Dortmund ishobora kandi kurondera umukinyi w'imbere wa Leeds United umunya Brazil Raphinha w'imyaka 24. (Eurosport)

Ahavuye isanamu, Getty Images
West Ham iripfuza umukinyi wo hagati wa Spartak Moscow wo muri République tchèque, Alex Kral w'imyaka 23 . (Sky Sports)
Umukinyi w'inyuma wa Villarreal umunya Espagne Pau Torres w'imyaka 24 yanse kuvuga ku bijanye n'amakuru avuga ko ashobora kwimukira muri Manchester United mu ci riza, imbere y'urukino rwa nyuma rw'ihiganwa Europa League ruhuza iyi mirwi ibiri kuri uyu wa gatatu. (Metro)
Manchester United yashitse ku masezerano n'umunyegori wa Aston Villa umwongereza Tom Heaton w'imyaka 35 akazoshobora kuja muri uyo murwi mu kwezi kuza ataco urinze gutanga. (Express)
Umukinyi w'inyuma wa Liverpool umwongereza Rhys Williams w'imyaka 20, ashobora gutizwa mu mwaka w'inkino uza n'aho yari yashoboye gukina mu murwi mukuru w'uyu murwi mw'ihiganwa rirangiye rya 2020-21. (Star)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi wo hagati wa Arsenal umunya Uruguay Lucas Torreira avuga ko azofata ingingo kuri kazoza kiwe inyuma y'inkino zo kurondera uburenganzira bwo gukinira igikombe c'isi yose mu kwezi kuza. Uyu mukinyi w'imyaka 25 vyari amaze umwaka wose wa 2020-2021 akina muri Atletico Madrid aho yari yaratijijwe. (Express)
Arsenal ishobora kuvyura urugamba rwo kurondera umukinyi wo hagati wa Lyon umufaransa Houssem Aouar w'imyaka 22. (Mirror)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Roma irashaka kugura umukinyi wo ku ruhande umwongereza Demarai Gray w'imyaka 24 yari yinjiye mu murwi Bayer Leverkusen mu kwa mbere mu masezerano afitaniye n'uyu murwi hakaba harimwo umurongo uvuga ko uwumukeneye ategerezwa gutanga imiriyoni zibiri z'ama euro. (Roma Press, via Sky Germany)
Umukinyi wo hagati umufaransa Eduardo Camavinga arashaka kuja gukinira umurwi Paris St-Germain, umurwi wiwe Rennes ukaba umushakako imiriyoni 100 z'ama euros , mu gihe amasezerano ifitaniye n'uyu mukinyi w'imyaka 18 azorangira mu ci ry'umwaka uza. (RMC Sport)









