Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Suarez, Sancho, Bale, Hazard, Alli, Lingard, Ramsey
Borussia Dortmund yabwiye umukinyi wo ku ruhande, umwongereza Jadon Sancho w'imyaka 21, ko afise uburenganzira bwo kuva muri uyu murwi mu ci riza. (Bild - in German)
Umumenyereza wa Manchester United Ole Gunnar Solskjaer ashira imbere kugura Sancho mu ci riza, n'aho bamwe mu bakinyi biwe bariko bakora ibishoboka vyose kugira ngo umurwi wabo ugure umukinyi wo hagati wa Aston Villa, umwongereza Jack Grealish w'imyaka 25. (Telegraph)
Hari bamwe mu barongoye Tottenham babona ko bakwiye kugerageza kugarukana Mauricio Pochettino ngo asubire amenyereze uyu murwi. Pochettino, ubu asanzwe amenyereza Paris St-Germain, ashobora kuba yiteguye kugaruka muri uyo murwi wo mu Bwongereza. (Independent)
Real Madrid iriteguye kwumviriza abashaka kugura umunya Pays de Galles (Wales) Gareth Bale w'imyaka 31 akina imbere ku ruhande, hamwe n'umuburigi Eden Hazard w'imyaka 30 akina hagati, mu ci riza. (Sky Sports)
Hazard aripfuza gusubira muri Chelsea, umurwi yari yavuyemwo mu 2019 aja muri Real. (El Chiringuito - in Spanish)
Tottenham irategura kugurisha umukinyi wo hagati, umwongereza Dele Alli w'imyaka 25. (Football Insider)
Luis Suarez avuga ko azoguma mu murwi Atletico Madrid uherutse kwegukana igikombe c'ihiganwa La Liga ryo muri Espagne n'aho hari amakuru avugwa ko uyu mukinyi w'umunya Uruguay ashobora gusubira muri Liverpool. (Liverpool Echo)
West Ham ifise ubwoba ko Manchester United ishobora kuyankira ko igura umukinyi wo hagati, umwongereza Jesse Lingard, akaguma muri uyo murwi burundu. Uyu mukinyi w'imyaka 28 yarakoze birashimwa muri uno mwaka yamaze akinira West Ham nk'intizo. (Sun)
Juventus iriteguye kugurisha umukinyi wo hagati, umunya Pays de Galles Aaron Ramsey w'imyaka 30. (Calciomercato - in Italian)
Barcelona iriko irategura kugiriranira ibiganiro n'umukinyi w'imbere, umufaransa Ousmane Dembélé w'imyaka 24 kugira ishobore kugiriranira ayandi masezerano na we. Vyitezwe ko amasezerano asanzwe afitaniye n'uyu murwi azorangira mu ci ry'umwaka uza wa 2022. (Mundo Deportivo - in Spanish)
Barcelona na Bayern Munich buri yompi iriko iragerageza kurondera umukinyi wo hagati wa Liverpool, umunya Hollande Georginio Wijnaldum w'imyaka 30. (Sky Sports)
Leeds United iri mu biganiro kugira ngo ishobore kugura umukinyi wo ku ruhande, umunya Hollande Noa Lang w'imyaka 21, yafashije umurwi Club Bruges wo mu Bubirigi gutahukana igikombe c'ihiganwa ry'iki gihugu muri uno mwaka w'inkino, akaba yakina muri uyo murwi yari yatijijwemwo na Ajax. (Mail)
Wolverhampton Wanderers iri mu biganiro na Bruno Lage kugira ngo ayibere umumenyereza mushasha. Lage nta kazi afise kuva avuye muri Benfica mu mwaka uheze. (Telegraph)
Umumenyereza wa Newcastle Steve Bruce amenyesha ko azosaba amafaranga kugira ngo ashobore kugura abakinyi mu kiringo c'igura n'igurisha ry'abakinyi mu ci riza, aho ashira imbere ya vyose ukugura umukinyi wo hagati wa Arsenal,umwongereza Joe Willock w'imyaka 21. (Chronicle)
Newcastle ishobora kandi no gusubira kurondera umukinyi wo hagati wa Celtic, umufaransa Olivier Ntcham w'imyaka 25 asanzwe yatijijwe muri Marseille. (Football Insider)
Umunyegori w'umunya Australia Mat Ryan w'imyaka 29, avuga ko ashobora kubandanya ari muri Arsenal iyo yatijijwe avuye muri Brighton ikiringo kikaba carangiye. (Mail)
AC Milan iri hafi yo kugura umunyegori w'umufaransa Mike Maignan w'imyaka 25 asanzwe asamira Lille, ibishobora gutuma umunyegori w'umutaliyano Gianluigi Donnarumma w'imyaka 22 agenda, na rirya amasezerano afitaniye n'uyu murwi wo mw'ihiganwa Serie A azorangira mu ci riza. (Sky Italia, via Mail)