Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Ings, Kane, Sancho, Ramsey, Griezmann, Flick

Ahavuye isanamu, Getty Images
Manchester United ishobora guhindukirira umusatirizi wa Southampton umwongereza Danny Ings w'imyaka 28 mu ci riza mu ntumbero yo gukomeza uruhande rw'abasatirizi b'uyu murwi wa Ole Gunnar Solskjaer. (Telegraph - subscription required)
Wa musatirizi w'umwongereza Harry Kane abona ko umurwi umubereye ari Manchester City mu gihe abandanya akora ibishoboka vyose kugira asezere umurwi wiwe Tottenham mu mpera z'ihiganwa ry'uwu mwaka.
Uyu mukinyi w'imyaka 27 yemeza ko umukuru wa Tottenham yamaze kumwemerera mu majambo gusa kuva muri uyu murwi uwu mwaka w'inkino urangiye igihe bavugana mu mwaka uheze akamugondoza ko yobandanya akinira Spurs mu kiringo c'uwundi mwaka, uwu nawo ukaba ugiye kurangira. (Times - subscription required)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Hagati aho, Manchester United irashaka gutanga umufaransa akina imbere Anthony Martial w'imyaka 25, hamwe n'umusatirizi w'umwongereza Jesse Lingard w'imyaka 28 - asanzwe yaratijijwe muri West Ham - kugira ngo ishobore kuzana Kane muri Old Trafford. (Football Insider)
Chelsea yateguye imiriyoni zababa 113 z'amadorari y'abanyamerika kugira ngo izane umukinyi wo ku ruhande wa Borussia Dortmund umwongereza Jadon Sancho w'imyaka 21, ariko rero ikaba iriko imurwanira na Manchester United. (Sun)

Ahavuye isanamu, EPA
Imirwi itari mike ku mugabane w'Uburayi, harimwo Tottenham, Chelsea, Borussia Dortmund na AC Milan, iriko irikazanura kugira ngo ishobore kugura umunyegori w'umwongereza Dean Henderson w'imyaka 24 asanzwe ari muri Manchester United. (Sky Sports)
Umukinyi wo hagati wa Juventus hamwe n'umurwi nserukiragihugu wa Pays de Galles (Wales) Aaron Ramsey w'imyaka 30 arashimwa cane na Liverpool, nk'uko amakuru ava mu Butariyano abivuga. Liverpool ivugwa ko yoba iriko itegura amahera kugira ngo ishobore kugura uyu mukinyi yahoze akina muri Arsenal mu gihe ca gihe c'igura n'igurisha ry'abakinyi kizoba gitanguye. (Tutto Juve - in Italian)
Umurwi Chelsea urindiriye gukira urukino rwa nyuma rw'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya (Champions league) uriko urakurikiranira hagufi umukinyi wo hagati wa Monaco umufaransa Aurelien Tchouameni w'imyaka 21. (Goal)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza wa Bayern Munich Hansi Flick w'imyaka 56 ariko abonwa ko ashobora kuja kumenyereza umurwi nserukiragihugu w'Ubudagi amaze gusezera umurwi wiwe, araronderwa cane na Barcelona nk'uwushobora gusubirira umunya Hollande Ronald Koeman w'imyaka 58. (RAC1 - in Spanish)
Barcelona iriteguye kwumviriza abo bose boba bipfuza umukinyi w'imbere w'umufaransa Antoine Griezmann kugira ngo ishobore gukemura ibibazo vy'amafaranga biyihanze. (Marca)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Griezmann w'imyaka 30 ashobora gusubira muri Atletico Madrid agujijwe n'umunya Portugal Joao Felix n'aho Barca itaremera neza. (Sport - in Spanish)
Umurwi Roma usanzwe umenyerezwa na Jose Mourinho ufise "amahirwe menshi" yo kuronka umusatirizi w'umutariyano Andrea Belotti w'imyaka 27 asanzwe akina muri Torino. AC Milan nayo nyene ibandanya irondera uyu mukinyi, ariko kandi ikaba iriko ikurikirana umukinyi w'imbere wa Chelsea umufaransa Olivier Giroud, mu gihe amasezerano afitaniye n'uyu murwi azorangira mu ci riza. (Calcio Mercato - in Italian)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Imigwi yaEverton na Arsenal ibandanya ishinze ijisho ku mukinyi w'inyuma wa Real Betis Emerson Royal. Uyu munya Brésil w'imyaka 22 yatijijwe na Barcelona ariko ashobora kwigira muri Premier League mu gihe gushirwa ku ruhande muri Barcelona. (Sport - in Spanish)
Leeds United na West Ham ivugwa ko ishobora guhangana na Inter Milan, Roma na Napoli mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo hagati wa Cagliari Nahitan Nandez afise agaciro k'imiriyoni 42 z'amadorari y'abanyamerika mu ci riza. Uyu mukinyi w'imyaka 25 akomoka muri Uruguay afise amasezerano n'uyu murwi wo mw'ihiganwa Serie A ry'Ubutariyano azorangira mu 2024. (Corriere dello Sport - in Italian)
Umukinyi wo ku ruhande wa Newcastle United umufaransa Allan Saint-Maximin avuga ko uyu murwi ukwiye kugura umukinyi wa Arsenal umwongereza Joe Willock w'imyaka 21, asanzwe yatijijwe muri uyo murwi kugira ngo awegukire burundu. (Sky Sports)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu gihe Southampton ivugwa ko yoba iriko irondera uwundi munyegori, uyu murwi uvugwa ko woba uriko urakurikiranira hagufi umunyegori wa Lazio umunya Albania Thomas Strakosha w'imyaka 26 nk'umwe mu bo ushobora kugura. (La Repubblica, via Sport Witness)









