Ayavugwa mu mupira i Buraya: Mourinho, De Gea, Aguero, Bissouma, Zidane, Benteke, Silva

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igenwa rya Jose Mourinho ngo abe umumenyereza wa Roma mw'ihiganwa ry'umwaka uza w'inkino rishobora gutuma umukinyi wo hagati w'umutariyano Lorenzo Pellegrini w'imyaka 24 yimukira muri Liverpool, ni mu gihe Mourinho ashaka kugura abakinyi asanzwe azi cane, harimwo Nemanja Matic, umunya Serbia w'imyaka 32 asanzwe akinira Manchester United.(Mirror)
Mourinho kandi arizeye ko, mu gihe azoba atanguye ibikorwa muri Roma, ashobora gukorana n'umunyegori wa Manchester United, umunya Espagne David De Gea w'imyaka 30. (Todofichajes - in Spanish)
Barcelona yatanguye ibiganiro n'abaserukira wa musatirizi w'umunya Argentina Sergio Aguero w'imyaka 32 yiteze kurangiza amasezerano afitaniye na Manchester City mu ci riza. (Sky Sports)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Arsenal iri imbere mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo hagati wa Brighton Yves Bissouma w'imyaka 24, ni mu gihe Tottenham, West Ham na Everton na yo nyene iriko iramurondera. (Express)
Manchester City nayo nyene iriko iraraba ingene yogura uyu mukinyi mpuzamakungu wa Mali Bissouma, inyuma y'aho ikuriyemwo akarenge mu rugamba rwo kurondera umukinyi wa West Ham, Declan Rice w'imyaka 22. (Star)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Manchester United yabwiwe ko nimba mu ci riza yipfuza umusatirizi wa Eintracht Frankfurt, umunya Portugal Andre Silva w'imyaka 25 itegerezwa kwegeranya imiriyoni zirenga 48 z'amadorari y'abanyamerika. (Express)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza wa Brighton & Hove Albion, Graham Potter ubu afise imyaka 45, ashobora kutemererwa kuva muri uyo murwi mu gihe Tottenham, isanzwe itagira umumenyereza, yomurondera, ibi bivugwa n'umuyobozi nshingwabikorwa wa Brighton & Hove Albion Paul Barber. (Argus)
Umumenyereza wa Leeds United umunya Argentina Marcelo Bielsa aripfuza kugumana umukinyi w'inyuma wo ku ruhande rw'ibubamfu Ezgjan Alioski w'imyaka 29, ariko ntabona neza kazoza k'uyu munya Macedonia asanzwe ariko araronderwa na Galatasaray yo muri Turukiya. (Yorkshire Evening Post)
Chelsea irondera kugabanya abakinyi b'inyuma kugira ngo irondere amahera yo kugura abakinyi bandi mu ci, bikaboneka ko umunya Espagne Marcos Alonso w'imyaka 30 n'umutariyano akina inyuma ku ruhande rw'ibubamfu Emerson Palmieri w'imyaka 26 bashobora gusezera Stamford Bridge. (Goal)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Hagati aho, Chelsea na Inter Milan ziteguriye kurondera umukinyi wo hagati wa Bosnia, Miralem Pjanic w'imyaka 31 adakunze gukinishwa cane muri Barcelona yashitsemwo mu ci riheze avuye muri Juventus. (Sport)
Umukinyi Ashley Young w'imyaka 35 avuga ko bishobora kumugora kwirengagiza gusubira mu murwi wamureze Watford mu gihe womurondera ntanashobore kugiriranira ayandi masezerano mashasha na Inter Milan mu mpera z'ihiganwa ry'umwaka w'inkino uza. (Sky Sports)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi w'inyuma w'umufaransa Florian Thauvin w'imyaka 28, umukinyi ari mu rutonde rw'umurwi nserukiragihugu w'Ubufaransa uherutse gutsindira igikombe c'isi yose, yanse kuja gukinira Crystal Palace ahubwo akaba azova mu murwi wiwe Marseille akaja gukina mu murwi Tigres wo muri Mexique mu ci riza. (La Provence - in French)
Abakinyi ba Real Madrid bafise ubwoba ko umumenyereza wabo, umufaransa Zinedine Zidane w'imyaka 48 "arushe kandi ashavuye", kandi ko azohava ava muri uyu murwi mu ci riza atanarangije amasezerano afitaniye n'uyu murwi asigaje umwaka umwe. (Goal)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Inyuma y'aho Real Madrid ikuriwe na Chelsea mw'ihiganwa ry'imirwi yabaye iya mbere i Buraya (Champions League) igeze mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, abakinyi Eden Hazard umubirigi w'imyaka 30, umunya Bresil Marcelo w'imyaka 32 akina inyuma, hamwe n'umunya Espagne Isco w'imyaka 29 akina hagati, baboneka ko batari muri kazoza k'uyu murwi. (Marca - in Spanish)
Umukinyi w'imbere wa Crystal Palace n'umurwi nserukiragihugu w'Ububirigi Christian Benteke ashobora kuja gukinira umurwi Fenerbahce, atagisabwe, ni mu gihe amasezerano afitaniye n'uyo murwi azorangira ku wa 30 z'ukwa gatandatu. (Sun)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Everton yemereye amasezerano mashasha umukinyi w'inyuma w'Umwongereza Joe Anderson w'imyaka 20 mu gihe imirwi itari mike yo mw'ihiganwa ry'Ubwongereza iriko iramurondera cane, na rirya amasezerano afitaniye n'umurwi wiwe azorangira mu ci riza. (Liverpool Echo)
Atletico Madrid irashaka kugura mu ci riza umukinyi wa Barcelona, umunya Espagne Riqui Puig w'imyaka 21. (Fichajes - in Spanish)
Barcelona na Paris Saint-Germain ziriko zirarondera umukinyi w'inyuma wa Monaco, umunya Bresil Caio Henrique w'imyaka 23. (UOL - in Portuguese)

Ahavuye isanamu, Getty Images










