'Ntihagire Umunyapolitike n'umwe arota yiba ingoma' – Aya majambo ya Ndayishimiye yavuye kuki?

Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye yadugije ukuboko kw'iburyo akaba yafumbase n'ingumu. Yambaye umupira n'inkofero vy'umugambwe CNDD-FDD vyera. Mu kubamfu, afise micro (ifoto mbarankuru)

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Kuva Uburundi bwikukira mu 1962, bwagiye buzingamikwa n'indyane za politike hamwe n'amahirikwa y'ubutegetsi
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 4

"Cane cane nkebure abanyapolitike. Kwiba ingoma ni kimwe, kuronka aho uyivugiriza ni ikindi".

Ayo ni amwe mu majambo umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yashikirije ku wa gatandatu, mu birori vyo guhimbaza ku ncuro igira 10 umusi ngarukamwaka wahariwe urwaruka rw'umugamwe CNDD-FDD, Imbonerakure Day, vyabereye ku murwa mukuru wa politike Gitega.

Yabandanije ati: "Ntihagire umunyapolitike n'umwe arota yiba ingoma".

Yamara, muri iryo jambo rigufi cane, ntiyatomoye abo banyapolitike akebura abo ari bo.

Mbere, ririko rivugisha abatari bake ku mbuga ngurukanabumenyi na nyagiro, aho bamwe bibaza ico umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yashatse kuvuga n'igituma.

Iri jambo arishikirije mu gihe Uburundi buhanzwe n'ingorane zikomeye z'ubutunzi harimwo ikena ry'igitoro n'iry'amafaranga y'agaciro ridasanzwe, aho binugwanugwa ko ukutishimira ukwo ibintu bimeze muri iki gihe kugenda kwiyongera n'imbere mu mugambwe akomokamwo CNDD-FDD, ukaba umaze imyaka irenga 20 uramutswa Uburundi.

Imirwi irondera gutera Uburundi?

Mu misi iheze ku mbuga ngurukanabumenyi hagiye hagaragara ama videwo y'abantu bari mw'ishamba, mu mwambaro wa gisirikare bafise n'inkoho, aho bavuga ko bagiye gutera ubutegetsi bw'Uburundi.

Bamwe biyitirira imihari RED TABARA (urwanya ubutegetsi bwa CNDD-FDD kuva mu 2015) hamwe na FNL y'uwitwa Nzabampema.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Hambavu y'ivyo, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika aherutse gutangaza ko huguruwe idosiye y'ubucamanza ku birwanisho "vyinshi" vyafatiwe ku butaka bw'Uburundi, biri mu nzira y'ubucuruzi butemewe n'amategeko. Avuga ko abariko barakurikiranwa kuri vyo, ari umurundi n'umunyamahanga. Yamara, umushikirizamanza kizigenza ntatomora ubwoko bw'ivyo birwanisho ubwo ari bwo, n'iyo vyariko birerekeza.

Nta wuzi rero nimba ijambo Ndayishimiye yashikirije ku wa gatandatu ari iryo kugabisha abantu bari inyuma y'igihugu canke abari imbere mu gihugu.

Gusa, yagize ati: "Igihugu cacu kirarinzwe… Ico nemereye umwansi n'umukunzi, ni uko Uburundi burinzwe".

Yongerako ati: " Mugende mwese mu mihingo yose mwavuyemwo, … mugende muvuga muti akabi ndakumve ahandi".

Muri iryo jambo, aranagaruka ku ntureka za politike zabaye mu 2015, aho agira ati: " Mu 2015 twari tukiri ibihwiji. Ni co gituma bashatse kuduca mu rya humye".

"Uno musi twese turi ibishirira turakanura. Nta n'umwe azoduca mu ryahumye", ni ko ashimangira.

'Lazima uwe na sababu'

Umukuru w'umugambwe uri ku butegetsi wa CNDD-FDD, Reverien Ndikuriyo yambaye agapira kera, gafise amadebure asa n'urwatsi rubi, yambaye n'amarpori. Imbere yiwe hari mikoro.

Ahavuye isanamu, CNDD-FDD

Insiguro y'isanamu, Umukuru w'umugambwe uri ku butegetsi wa CNDD-FDD, Reverien Ndikuriyo

Ibijanye n'abamaze imisi batangariza ku mbuga ngurukanabumenyi ko bashaka gutera Uburundi, umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD, Révérien Ndikuriyo, yarabigarutseko mu kiganiro c'abanditsi n'abamenyeshamakuru cabereye i Makamba (intara ya Burunga) kw'igenekerezo rya 22 Myandagaro(8) uwu mwaka.

Mu gisa no kwerekana ko ari "ibisanzwe", yagize ati: "Kugira urwane intambara ya kanyeshamba 'lazima uwe na sababu' [ni ngombwa ube ufise imvo]. Ugiye ata gituma, imbwa zose zirakwirukako, Rurebeya zimwe bagira bati fata, …".

Abandanya ati: "Umutahe ushobora gutanguza intambara ngaha mu Burundi, ni abantu ilaki zibiri [ibihumbi amajana abiri], bafise inkoho …".

Kuva Uburundi bwikukira mu 1962, bwagiye buzingamikwa n'indyane za politike hamwe n'amahirikwa y'ubutegetsi.

Ihirikwa rya Perezida Melchior Ndadaye - umukuru w'igihugu wa mbere w'umuhutu yari yatowe n'abanyagihugu - ryagizwe n'umurwi w'abasirikare mu 1993, riri mu vyatumye umuhari CNDD-FDD ufata ibirwanisho.

Ingingo yo kwitoreza ikiringo ca gatatu kitavugwako rumwe Petero Nkurunziza - yahoze arongoye Uburundi - yafashe mu 2015, yatumye haba umurwi w'abasirikare wagerageje kumutembagaza.

Ico gihe, inzego z'umutekano zagirijwe gukoresha inguvu zirenze urugero mu guhasha abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwiwe, bamwe mu basirikare hamwe n'abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ico kiringo ca gatatu.

Ivyo vyatumye amakungu afatira Uburundi ibihano vy'ubutunzi. Mu ngaruka z'ivyo bihano, harimwo ubukene bw'igitoro bukomeye n'ubw'amafaranga mvamakungu bwugarije kino gihugu muri iki gihe.

Amashirahamwe yigenga aguma yerekana amakenga ko intwaro ibereye iriko irasubira inyuma kandi ko n'ukurya ibiturire bigenda vyiyongera.

Uno musi, ibihe bidasanzwe Uburundi burimwo vyunyurwa n'uko bamwe mu bakozi ba reta baguma bata akazi bakaja kurondera ubuzima mu mahanga. Mu gisata c'ubudandaji, hari n'urukurikirane rw'imiriro imaze igihe yaduka mu masoko no mu bibanza bitandukanye vy'ubucuruzi igahekura abadandaza, ivyatumye inama nkuru y'umutekano y'igihugu ihava igakorana kugira yihweze iyo ngorane.

Umukuru w'igihugu avuze ko "Uburundi burinzwe", hari ababona ko harimwo n'intumbero yo kugerageza guhumuriza Abarundi, mu kubereka ko "afise ibintu mu ntoke".