Nepal: Umukobwa w'imyaka 5 yashikirijwe abavyeyi biwe inyuma yo kurokorwa mu buryo butangaje

Umugore ariko aca mu bibomoke vy'amazu. Yambaye impuzu zitukura.

Ahavuye isanamu, EPA/Shutterstock

Insiguro y'isanamu, Umugore ariko aca mu bibomoke vy'amazu. Yambaye impuzu zitukura.
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Umukobwa muto yatabawe ku wa gatanu, igihe hari haciye iminsi ibiri kuva habaye imyuzure ikomeye cane muri Nepal, yahujwe n'abavyeyi biwe aho ari kwa Muganga.

Manisha, w'imyaka 5, ameze neza, nk'uko umukozi wo ku bitaro vy'inyigisho i Kathmandu yabibwiye BBC.

Abajejwe gutabara bariko bararondera aboba barokotse imyuzure hafi ya Syabrubesi, mu karere ka Ruswa, igihe bumva ijwi womengo ni iry'akayabu kaheze musi y'ibibomoke.

Baciye banyaragasa barimba rwose muri ako gace. Ni kwo guserukira kuri Manisha, yari yaheze musi y'ibimoke.

Vyatwaye nk'amasaha abiri kugira bamukureyo.

Umukozi wo kwa Muganga yasiguye ko yari muzima. Umurwi w'abatabara waciye usaba kajugujugu kugira umujane ku bitaro, ariko ntivyakunze kubera ikirere kitari cifashe neza.

Baciye bamujana ku kigo cabo co gutabariramwo, bamuha amazi. Mu nyuma, Manisha yarahembutse maze baca batangura kumuha amazi y'umuceri ashushe kugira aronke intege.

Yari yagize ubwoba bwinshi kubera ivyari vyamushikiye. Ariko ku muhingamo wo ku wa gatandatu, yajanywe muri kajugujugu ku bitaro vy'inyigisho i Kathmandu, mu gisata c'abana bakeneye ubutabazi bwihuse.

Mu makuru mashasha yatanzwe ku w'Imana, ivyo bitaro vyavuze ko uwo mwana ariko aratora mitende.