Super League: Arsenal, Liverpool, United, City, Chelsea na Tottenham yarivuyemwo

Ahavuye isanamu, EPA
Ya mirwi yose itandatu y'Ubwongereza yari yagiye hamwe n'iyindi ngo itanguze rya higanwa European Super League yakuyemwo akarenge.
Manchester City niyo yavuyemwo mbere inyuma y'aho Chelsea imenyeshereje ko yariko itegura urwandiko rwo gusezera iryo higanwa.
Iyindi ine yari isigaye - Arsenal, Liverpool, Manchester United na Tottenham - yaciye ikurikira.
Super League ivuga ko igiye gusubira kwiga "inzira nyayo" yo gutunganya gushasha iyi nteguro.
Iri higanwa ryari rigiye gutanguzwa n'imirwi 12 y'Uburayi rikamenyeshwa ku wa Mungu ryariyamirijwe n'abantu batari bake.
Manchester City yemeje ko yatanguje ku mugaragaro integuro zo kuva muri iri higanwa Super League.
Liverpool yatangaje ko ihagaritse ingingo yari yafashe yo kwinjira muri iri higanwa ryaboneka ko rishaka kwiyonkora.
Manchester United ivuga ko yumvise kandi igafata nkama "akamo k'abafana, reta y'Ubwongereza n'abandi bose bafise uruhara" mu gufata ingingo bavuga ko batagishijwe inama.
Ku ruhande rwa Arsenal, mw'ikete ryuguruye yandikiye abafana bayo, yasavye imbabazi inemera ko yakoze "ikosa", ica yongerako y'uko ivuyemwo imaze kwumva akababaro kabo hamwe "n'abakunzi b'umupira bose".
Umukuru wa Tottenham Daniel Levy avuga ko uyu murwi ubabajwe "n'ishavu hamwe n'umwikomo" vyatewe n'iyi ngingo yari yafashe yo kwinjira muri iryo higanwa.
Chelsea yemeje ko yatanguje "integuro yo kuva ku rutonde rw'imirwi yatanguje iri higanwa" yari yinjiyemwo "mu ndwi iheze".
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson yanditse kuri Twitter ati : "Ndashimye cane ingingo yaraye itangajjwe. Ni inyishu nziza ku bakunzi b'umupira w'amaguru, imirwi n'abanyagihugu mu gihugu hose. Dutegerezwa kubandanya dukingira umukino wacu dukunda".
Umukuru wa UEFA - ihiganwa ry'umupira w'amaguru rya Buraya - Aleksander Ceferin, yakiriza yompi izi ngingo, akavuga ati: "Ubu rero baragarutse mu ruhongore kandi ndazi ko tubazeyeko vyinshi, atari mu mahinganwa yacu gusa, ariko kandi muri uno mukino ku mugabane wa Buraya muri rusangi".
"Ikintu nyamukuru ubu ni uko tubandanya n'ibikorwa, tukagarukana ubumwe bwarangwa mu nkino imbere y'uko ibi biba, hanyuma tukabandanya urugendo twese turi hamwe".
Mw'itangazo ryasohowe, European Super League ivuga iti: "Turavye ingene ibintu bimeze, tugiye kwihweza izindi nzira twofata kugira ngo dutunganye gushasha uwu mugambi, igihe cose tugashira imbere intumbero yacu yo gushimisha abafana uko dushoboye kwose, kandi atawe turenganije mu muryango wose w'abakunzi b'umupira w'amaguru".
Imirwi itandatu y'umupira w'amaguru ikomeye mu Bwongereza yari mu mirwi yari igiye gutanguza iri higanwa, iri kumwe n'iyindi yo muri Espagne ari yo Atletico Madrid, Barcelona na Real Madrid, hamwe na AC Milan, Inter Milan na Juventus yo mu Butaliyano, yari yatangaje imigambi yo gutanguza iri higanwa ryo ku ruhande ryari ryitezwe gukinwa hagati mu ndwi.
Iri higanwa ryariyamirijwe n'abafana, abarongoye umupira w'amaguru, abashikiranganji bamwe bamwe mu Bwongereza hamwe na UEFA n'amashirahamwe y'umupira w'amaguru mu bihugu vyo ku mugabane wose wa Buraya.
Abafana hafi 1000 bariyegeranije hanze y'ikibuga ca Chelsea, Stamford Bridge, imbere y'urukino rwayihuje na Brighton nijoro ku wa kabiri, biyamiriza ingingo y'uyu murwi wo kwinjira muri iri higanwa.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Icegera w'umunyamabanga nshingwabikorwa wa Manchester United, Ed Woodward, yari yagiye mu biganiro vyo gutanguza iri higanwa, yaciye atangaza ko azotanga imihoho mu mpera z'uwu mwaka wa 2021.
Abakinyi bakomakomeye b'iyi mirwi itandatu bari batangaje ko badashigikiye iri higanwa ryo ku ruhande.
Kizigenza wa Liverpool, Jordan Henderson yavugiye ku mbuga hwaniro ko, ku ruhande rw'abakinyi bose bari hamwe, ata n'umwe ashigikiye ko iri higanwa Super League ribaho.
Ubwo butumwa bwanakwiragijwe n'abandi bakinyi bagenziwe ba Liverpool buvuga buti: "Ntaryo twipfuza kandi ntidushaka ko ribaho".
Inyuma y'aho Manchester City itangarije ko ikuyemwo akarenge, umukinyi wayo wo ku ruhande, Umwongereza Raheem Sterling yaciye yandika ati: "Aho rero, bayi".
Gushika ubu, nta murwi n'umwe wo muri Espagne/Spain canke mu Butaliyano urasohora itangazo rivuga aho uhagaze inyuma y'aho iyi mirwi itandatu y'Ubwongereza ikuriyemwo akarenge.
None umurwi umwe umwe wose wavuze iki?
Abarongoye Arsenal bavuga ko ata ntumbero bari bafise yo "gutera uwu mubabaro" kandi ko bari binjiye muri Super League kubera batashaka "gusigara inyuma", kandi ko bategura kazoza keza k'umurwi.
Bati: "Intumbero yacu igihe cose ni ugufata ingingo nyazo ziteza imbere uyu murwi ukomeye, kugira dukingire kazoza kawo kandi dutere tuja imbere".
"Aha twafashe ingingo itari yo, ibi turavyemera".
Manchester United ivuga iti: " Twariyemeje gukorana n'abandi bose bahurikiye mu muryango w'abakunzi bumupira w'amaguru kugira ngo dutorere umuti urama ibibazo vyose bihanze uwu mukino".
Liverpool ivuga ko yumvirije "abaserukira abo bose bafise uruhara ku buzima bw'uyu murwi, baba abari muri wo canke hanze", imbere y'ugufata ingingo kandi ikabashimira ku "ntererano yabo ikomeye".
Levy yavuze ko Tottenham yibaza ko vyari "nkenerwa" ko yinjira "mw'ihiganwa rishasha yibaza ko ryarondera gusaranganya uburyo bw'amahera ata wurenganijwe kandi mu ntumbero yo kwiyubaka mu buryo bw'amahera ariko yitayeho kunezereza abakunzi b'umupira w'amaguru".
Yongerako ati: "Twipfuza gushimira abo banywanyi bose baduterereye ivyiyumviro vyabo".
Chelsea ivuga ko imaze "gufata umwanya ikihweza neza iki kibazo", yatahuye ko "kubandanya iri muri iri higanwa ata nyungu vyozanira umurwi, abakunzi bacu canke abahurikiye mu muryango w'abakunzi b'umupira w'amaguru muri rusangi".
Manchester City ivuga ko yemeje ku mugaragaro "integuro zo kuva mu murwi uriko urategura iri higanwa European Super League".









