Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Bellingham, Fofana, Dembele, Alaba, Mbappe, Neymar

Yatangajwe

Chelsea iripfuza kugura umukinyi wo hagati umwongereza Jude Bellingham w'imyaka 17 akina muri Borussia Dortmund iyi nayo ikaba imushakako imiriyoni zirenga 138 z'amadorari ya Amerika. (Eurosport)

Manchester United iriko irakurikiranira hagufi umukinyi w'inyuma wa Leicester City, umufaransa Wesley Fofana w'imyaka 20. (Foot Mercato - in French)

Liverpool iripfuza kugura umukinyi w'imbere wa Barcelona umufaransa Ousmane Dembele w'imyaka 23 kugira asubirire umunya Senegal Sadio Mane w'imyaka 29. (Fichajes - in Spanish)

Arsenal iripfuza umukinyi w'imbere wa Inter Milan umunya Uruguay Martin Satriano w'imyaka 20, akaba kandi ariko aronderwa na Chelsea hamwe na Manchester City. (Mail)

Umukinyi w'inyuma wa Bayern Munich umunya Autriche David Alaba w'imyaka 28 ashobora kuja gukinira Real Madrid mu ci riza ataco irinze gutanga, ariko uyu murwi wo muri Espagne ntaco wipfuza gutangaza imbere y'uko ihiganwa ry'uyu mwaka rirangira. (Marca)

Manchester City iriteguye kugiriranira ayandi masezerano n'umukinyi Phil Foden, umwongereza w'imyaka 20 akina hagati, amasezerano azotuma ahembwa ibihumbi birenga 138 vy'amadorari ya Amerika ku ndwi. (Mirror)

Tottenham iripfuza umukinyi w'inyuma wa Barcelona umunya Bresil Emerson w'imyaka 22 ubu asanzwe akina muri Real Betis, aho yatijijwe. (Mundo Deportivo - in Spanish)

Umumenyereza wa Paris St-Germain Mauricio Pochettino arizeye ko abakinyi Neymar, umunya Bresil w'imyaka 29, hamwe na Kylian Mbappe, umufaransa w'imyaka 22, bazoguma muri uyo murwi. (Cadena SER - in Spanish)

Real Madrid irashaka kugurisha mu ci riza umukinyi w'imbere Gareth Bale w'imyaka 31 akomoka muri Pays de Galles (Wales), ubu akaba akina muri Tottenham, iyo yatijijwe, hamwe n'umufaransa akina inyuma Raphael Varane, w'imyaka 27, kugira ngo ishobore kuronka amafaranga yo kugura Mbappe hamwe n'umusatirizi Erling Braut Haaland, umunya Norvege w'imyaka 20 akina muri Borussia Dortmund. (Marca)

Umunya Uruguay Lucas Torreira w'imyaka 25 akina muri Arsenal, ariko ubu akaba akina muri Atletico Madrid iyo yatijijwe, avuga ko yipfuza kuja gukina muri Boca Juniors ku ntizo. (Perfil Bulos)

Umukuru wa Barcelona Joan Laporta avuga ko yizeye neza ko umukinyi rurangiranwa wa Argentina Lionel Messi ubu afise 33 yipfuza kuguma muri uyo murwi. (Deportes Cuatro - in Spanish)

West Ham ifise amahirwe menshi yo kugura umusatirizi wa Celtic umufaransa Odsonne Edouard w'imyaka 23 mu gihe hari ibihuha ko Leicester nayo nyene yoba iriko iramwiyumvirako. (Football Insider)

Umukinyi w'imbere wa Eintracht Frankfurt Andre Silva w'imyaka 25 asanzwe ariko aronderwa na Manchester United hamwe na Atletico Madrid, nta gice kiri mu masezerano yiwe kimuha uburenganzira bwo kugenda. (Goal)

Barcelona nayo nyene yariko irondera Silva ariko yafashe ingingo yo kuvyihoza. (Mundo Deportivo - in Spanish)

Liverpool yumva ko idashaka guhindura aho ihagaze mu biganiro irimwo n'umukinyi wo hagati Georginio Wijnaldum, umunya Hollande w'imyaka 30, vyumvikana ko ashobora kugenda mu mpera z'iri higanwa atarinze kugurwa. (Liverpool Echo)

Umukinyi w'inyuma wa RB Leipzig, umufaransa Ibrahima Konate w'imyaka 21, avuga ko ata kintu Liverpool iravuga n'aho hari amakuru avugwa ko yoba ari mu kuja gukina mw'uyo murwi ufise igikombe c'ihiganwa ry'Ubwongereza Premier League. (Bild - in German)

Umukinyi wo hagati wa Real Madrid umunya Croatia Luka Modric w'imyaka 35 yemeye gukatwa umushahara mu masezerano mashasha y' umwaka umwe muri uyu murwi. (AS)