Ayavugwa mu mupira w'amakuru ku wa mbere: Fellaini, Kane, Lingard, Salah, Pedri, Thauvin, Cavani

Ahavuye isanamu, PA
Umumenyereza wa Tottenham Jose Mourinho ariko arondera ingene yogura uwahoze akina hagati mu murwi nserukiragihugu Marouane Fellaini. Uyu mukinyi w'imyaka 33 yahoze akina muri Manchester United igihe yamenyerezwa na Mourinho, asanzwe akina mu murwi Shandong Luneng wo mu Bushinwa kuva avuye Old Trafford mu 2019. (Voetball 24 via Sun)
Arsenal itegura kuzunguruka West Ham mu nteguro yayo yo kugura umukinyi wo hagati wa Manchester United n'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza Jesse Lingard w'imyaka 28 mu ci riza, ubu akaba asanzwe akina muri West Ham aho yatijijwe . (Star)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Leicester City iri imbere y'imirwi ya Manchester United na Tottenham mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo hagati w'umufaransa Boubakary Soumare w'imyaka 22 asanzwe akina muri Lille. (Star)
Bayern Munich iriko irarondera ko kuzana umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp muri uyo murwi wo mw'ihiganwa ry'ubudagi, Bundesliga, mu ci riza mu gihe uwusanzwe awumenyereza ubu Hansi Flick yova muri uyu murwi akaja kumenyereza umurwi nserukiragihugu. (90mins)
Umukuru wa Bayern Herbert Hainer avuga ko yizeye neza ko Flick azobandanya amenyereza Bayern Munich. (Sky Sport Germany via Goal)
Liverpool itegerezwa kwihuta ikagura umukinyi wa Barcelona umunya Espagne Pedri w'imyaka 18 kubera ko mu gihe yotera igikumu ku yandi masezerano igiciro ciwe kizoca kiduga cane. (Star)
Paris St-Germain iramaze kuvugana n'abaserukizi ba Mohamed Salah kugira bavugane ingene mu ci riza uyu musatirizi w'imyaka 28 w'umunya Misiri yova muri Liverpool akaja gukinira uyo murwi wo mu Bufaransa. (Telefoot on Twitter - in French)

Ahavuye isanamu, Photoshot
Umumenyereza wa PSG akaba kandi yahoze amenyereza Tottenham, Mauricio Pochettino, aramaze kuvugana n'umusatirizi wa Tottenham n'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza, Harry Kane w'imyaka 27 kugira ngo arabe ko yosubira kumwiyegereza mw'ihiganwa ry'Ubufaransa. (Telefoot on Twitter - in French)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Manchester United "irarajwe ishinga cane" no kugura umukinyi w'inyuma wa Villarreal n'umurwi nserukiragihugu wa Espagne Pau Torres w'imyaka 24, akaba kandi ariko aronderwa n'imirwi Bayern Munich na Real Madrid. (AS via Team Talk)
Crystal Palace yahindukiriye umukinyi wo ku ruhande wa Marseille umufaransa Florian Thauvin w'imyaka 28, mu gihe biboneka ko ifise amahirwe make yo kuronka umukinyi w'inyuma wa Watford umunya Senegal Ismaila Sarr w'imyaka 23 mu ci riza. Hagati aho Thauvin ubu yaramaze gutangura ibiganiro na AC Milan. (Sun)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Edinson Cavani kuva muri Manchester United ntibizokworoha kubera mu masezerano y'ubuguzi harimwo umurongo uvuga ko umurwi umushaka uzotegerezwa gushirako imiriyoni 2.7 z'amadorari y'abanyamerika. Uyu musatirizi wa Uruguay w'imyaka 34 ariko araronderwa cane n'umurwi Boca Juniors wo muri Argentina. (Mirror)
Inter Milan nta mugambi ifise wo kugiriranira ayandi masezerano n'umukinyi wo hagati w'umutariyano Nicolo Barella w'imyaka 24, n'aho asanzwe ariko aronderwa cane na Chelsea, Bayern Munich na Atletico Madrid. (ESPN)
West Ham iripfuza kugura umunyegori Seny Dieng, umunya Senegal w'imyaka 26 asanzwe asamira umurwi QPR ukina mu cicaro ca kabiri QPR. (Sun)
Ibiganiro hagati ya Juventus n'umukinyi w'inyuma wa Argentina Paulo Dybala w'imyaka 27 biracagoranye kubera ibibazo vy'amafaranga uyu murwi ufise, ni mu gihe Manchester United iriko iramurondera, nk'uko bivugwa n'umukuru w'igisata kijejwe imyimenyerezo muri Juventus, Fabio Paratici. (Sky Italia via Goal)

AC Milan ntirota igurisha umukinyi wayo w'imbere Rafael Leao w'imyaka 21 munsi y'imiriyoni 50 y'ama euro. Uyu munya Portugal yarigeze kuronderwa n'imirwi ya Everton na Juventus. (Calciomercato - in Italian)
Leicester City iri hafi yo kugura umunyegori Brad Young, umwongereza w'imyaka 18 asanzwe akina mu murwi Hartlepool. (Sun)









