Paris St-Germain: Mauricio Pochettino yasubiriye Thomas Tuchel nk'umumenyereza

Yatangajwe

Mauricio Pochettino yahoze amenyereza Tottenham na Southampton yagenywe kuba umumenyereza w'umurwi wo mu Bufaransa, Paris St-Germain.

Uyu munya Argentine w'imyaka 48 asubiriye Thomas Tuchel, akaba yateye igikumu ku masezerano yo gushika ku wa 30 z'ukwa gatandatu 2022, ariko akaba amuha akaryo ko kwongereza ikiringo c'umwaka.

Pochettino yigeze gukinira PSG hagati ya 2001 na 2003, nta kazi yari afise kuva yirukanywe na Tottenham mu kwezi kw'icumi na rimwe 2019.

PSG iza mu kibanza ca gatatu mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bufaransa, Ligue 1, ikaba izohura na Barcelona mu gice c'umunani gishira ica nyuma mw'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere i Buraya, hazoba ari mu kwa kabiri n'ukwa gatatu.

Uyu mudagi Tuchel yirukanywe muri uyo murwi ku wa 29 z'ukwa cumi na kabiri guheze, inyuma y'imyaka ibiri n'igice yari amaze awumenyereza.

Kuri uyu wa Mungu Pochettino niho atangura imyimenyerezo n'uyu murwi muri kino gihe abakinyi bari mu karuhuko k'urushana.

Avuga ko anezerewe kandi ko ari iteka kuri we kubona ahawe aya mabanga, kandi ko uyu murwi yamye awufise ku mutima.

Ati: "Ngarutse muri uno murwi mfise imigambi myinshi, kandi ndipfuza gukorana na bamwe mu bakinyi b'ibihangange kw'isi".

"Uyu murwi urimwo abantu bafise ubushobozi buteye igomwe, rero jewe n'abo turi kumwe tuzokora ibishoboka vyose kugira twubake Paris St-Germain ikomeye mu mahiganwa yose. Tuzokora kandi ivyo dushoboye vyose kugira ngo abakunzi bayo banezerererwe umurwi ukomeye kandi utsinda".

Umukuru wa PSG Nasser Al-Khelaifi avuga ko Pochettino "ari we azoshika ku ntego" zabo, akongerako ati: "Ni ikindi kiringo kiryoshe ku murwi kandi ni umuntu nizeye ko azokundwa n'abafana".

Pochettino yatanguriye ibikorwa vy'umumenyereza mu murwi wa Espanyol, akaba yamaze amezi 18 amenyereza Southampton imbere y'uko aja muri Tottenham mu kwa gatanu 2014.

Mu mwaka wa mbere yashoboye gushikana uyu murwi mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'ihiganwa (Coupe de la ligue/League cup) anawushikana mu kibanza ca kabiri mw'ihiganwa ry'Ubwongereza Premier league mu mwaka wa 2016-2017.

Uyu yahoze aci cugazo c'umurwi nserukiragihugu wa Argentina yarashoboye kandi gushikana Tottenham mu rukino rwa nyuma rw'ihiganwa ry'imirwi yabaye iya mbere i Buraya, Champions League, mu 2019, urukino rwagiye gutsindwa na Liverpool.

Haciye amezi atanu, yaciye yirukanwa vyanse muri Tottenham, aho uyu murwi wagiye kwisanga uri mu kibanza ca 14 muri Premier League, aca asubirirwa na Jose Mourinho.

Urukino rwa nyuma rwa Tuchel nk'umumenyereza wa PSG ni urwayihuje n'umurwi Strasbourg, rwarangiye ku ntsinzi ya PSG, 4-0, hari ku wa 23 z'ukwa cumi na kabiri guheze, ivyatumye ija mu kibanza ca gatatu, inyuma ya Lyon ifise ikibanza ca mbere na Lille iza ubwa kabiri, ariko zompi zikaba ziyisumvya inota rimwe gusa.

PSG iriko irondera ko Tottenham yoyitiza umukinyi Dele Alli muri uku kwa mbere, umukinyi asanzwe adakinishwa cane.