Ayavugwa mu mupira w’amaguru i Bulaya 01/10/2019: Wenger, Sancho, Vertonghen, Mandzukic, Alderweireld

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru wa Borussia Dortmund aremeza ko ata cizere afise c'uko umukinyi w'imbere w'umwongereza Jadon Sancho w'imyaka 19 yarondewe na Manchester United mu ci riheze ashobora kubandanya akinira uyo murwi igihe kire kire. (Kicker, via Mail)
Umusatirizi wa ChelseaTammy Abraham w'imyaka 21 ariteguye guheba gukinira igihugu ciwe ca Nigeria agakinira Ubwongereza mu gihe umumenyereza Gareth Southgate yomutumako mw'ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu vy'Uburayi, Euro 2020 mu gihe Ubwongereza buzohura na République tchèque na Bulgaria. (Telegraph)
Umukinyi w'inyuma wa Tottenham, Jan Vertonghen w'imyaka 32, avuga ko ashobora kugiriranira ayandi masezerano n'uyo murwi. Ni mu gihe amasezerano afitaniye nyo azorangira mu mpera z'uno mwaka w'inkino. (London Evening Standard)
Uyo murwi watanguye ibiganiro na Vertonghen kugira ngo barabe ko ayo masezerano yokwongerezwa. (Mail)
Umusatirizi wa Juventus, Mario Mandzukic w'imyaka 33 asanzwe aronderwa na Manchester United, ariko kandi aronderwa n'umurwi Los Angeles FC mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru muri Amerika, MLS. (Calciomercato)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Manchester United iriko irarondera ko yoronka umukinyi w'inyuma wa Tottenham, umubirigi Toby Alderweireld w'imyaka 30, mu gihe c'igura n'igurishwa ry'abakinyi mu kwezi kwa mbere kuza. (Tuttosport, via Inside Futbol)
Arsène Wenger yahoze amenyereza Arsenal ari ku rutonde rw'abashobora gusubirira Marco Giampaolo nk'umumentyereza wa AC Milan. (Gazzetta dello Sport)
Arsenal itegura gukurikiranira hafi umukinyi wa Hongrie Dominik Szoboszlai w'imyaka 18 mu gihe umurwi wiwe Red Bull Salzburg uzoba uramutse uhura na Liverpool muri ino ndwi, Arsenal itegura kumurondera mu kwezi kwa mbere kuza. (Football Insider)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi w'inyuma wa Barcelona, Gerard Piqué, ariko yitegura kubonana n'umukuru w'uyo murwi, Josep Maria Bartomeu, mu gihe icuka kibandanya kiba kibi hagati y'abakinyi n'abarongoye uyo murwi. (ESPN)
Juventus na Inter Milan bashobora kuba bariko bitegurira kurwanira umukinyi wo hagati wa Barcelona, umunya Croatia Ivan Rakitic w'imyaka 31. (Calciomercato, via Caught Offside)
Umumenyereza wa Porto, Vitor Matos, ari mu biganiro na Liverpool kandi bigeze kure, kugira ngo ashobore gukorana na Jurgen Klopp mu murwi w'abamenyereza b'uyo murwi. (Liverpool Echo)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ingorane z'ivi z'umunya Côte d'Ivoire Eric Bailly, umukinyi w'inyuma wa Manchester United, zishobora kumutuma adasubira gukina gushika mu mwaka w'inkino uza. Uyo mukinyi w'imyaka 25 yavunitse mu rukino rwa kivandimwe na Tottenhm imbere y'uko ihiganwa ritangura. (Sun)
Roma iriko ikurikiranira hafi umukinyi wo ku ruhande wa Wolves, umunya Espanye Adama Traoré w'imyaka 23. (Calciomercato)
Umukuru w'umurwi wa Tottenham, Daniel Levy, ni we yakoze ibishoboka vyose kugira ngo umukinyi wo hagati w'Umufaransa Moussa Sissoko w'imyaka 30 aronke ayandi masezerano y'imyaka ine. (Football Insider)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwahoze ari umumenyereza wa Everton, David Moyes, avuga ko "bihenze" kubona batasubiyemwo ikibuga cabo ca Goodison Park. (Liverpool Echo)
Vyabaye ngombwa ko abakinyi ba Arsenal bafata urugendo ejo ku wa mbere baja mu gisagara ca Manchester gukina na Manchester United ku mugoroba, kubera amahoteri yose makuru makuru yari yafashwe kubera inama y'umugambwe w'aba Conservateurs. (Sun)
Umumenyereza wa Newcastle United, Steve Bruce, nta bwoba afise ko ashobora kubogozwa, n'aho umurwi wiwe ugira kabiri uvuye inyuma muri Premier League, inyuma y'aho unyagiriwe na Leicester City ibitsindo 5-0. (Times)
Uwigeze kuba umuhagarikizi muri Premier League, Mark Clattenburg, avuga ko kari kuba "akaga" iyo VAR itemera igitsindo ca Arsenal catsinzwe na Pierre-Emerick Aubameyang, gituma urukino rurangira Manchester United inganya na Arsenal 1-1 ejo ku wa mbere. (Mail)









