Ayavugwa mu mupira w’amaguru i Bulaya ku wa 24/09/2019: Sterling, Pogba, Maddison

Ahavuye isanamu, Getty Images
Real Madrid iriko yihweza ingene yoronka umukinyi w'imbere wa Manchester City, umwongereza Raheem Sterling w'imyaka 24.
Uyu amaze kwinjiza ibitsindo indwi mu nkino umunani kuva ihiganwa ry'uno mwaka ritanguye. (El Mundo Deportivo)
Manchester United yatanguye ibiganiro n'umukinyi wo hagati Paul Pogba mu ntumbero yo kumusinyisha ayandi masezerano.
Uyo mukinyi w'umufaransa w'imyaka 26 asigaje ikiringo c'imyaka ibiri muri uyo murwi. (Times)
Liverpool iripfuza ko mu kwezi kwa mbere yogura umukinyi James Maddison w'imyaka 22 wa Leicester City. (Star)
Umukinyi wo hagati wa Bayer Leverkusen, umudagi Kai Havertz, asanzwe ariko aronderwa na Manchester United, Arsenal na Chelsea avugwa ko uwumukeneye ategerezwa gutanga imiliyoni 90 z'amapawundi.
Mu mwaka w'inkino uheze, uyo mukinyi w'imyaka 20 yinjije ibitsindo 17 mu nkino 34 yakinye muri Bundesliga. (Sun)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Manchester United iriko irategura amahera atari make kugira ngo izoshobore kugura abakinyi mu gihe c'igura n'igurishwa ry'abakinyi mu kwezi kwa mbere kuza.
Abakinyi Sean Longstaff w'imyaka 21 akina hagati muri Newcaste, na Erling Braut Haaland w'imyaka 19 akina muri Red Bull Salzburg nibo basanzwe bariko bararonderwa cane n'uyo murwi. (Manchester Evening News)
Hagati aho, umumenyereza wa Man United Ole Gunnar Solskjaer ni umumenyereza agira kabiri ashobora kwirukanwa muri Premier League, inyuma ya Marco Silva wa Everton. (Sun)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi w'imbere wa Chelsea, umunya Brezili Willian w'imyaka 31, ariko yihweza na Juventus igashobora kumutwara mu mpera z'ihiganwa ry'uno mwaka igihe amasezerano n'uyo murwi azoba arangiye. (Tuttosport, via Sky Sports)
Chelsea kandi irizeye ko Fikayo Tomori, umwongereza w'imyaka 21 azokwemera ayandi masezerano y'imyaka itanu mu ndwi ziri imbere. (La Gazzetta dello Sport)
Umusatirizi wa Juventus akomoka muri Croatie, Mario Mandzukic w'imyaka 33, arizeye ko ashobora kwimukira muri Premier League mu kwezi ka mbere. (Tuttosport)

Ahavuye isanamu, Getty Images
AC Milan iriko irarondera umukinyi w'inyuma wa Tottenham, umunya Côte d'Ivoire, Serge Aurier afise imyaka 26. (Sport Mediaset, via Teamtalk)









