Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abagabo babiri bagirizwa ubugizi bwa nabi ku muhana wa Ozil
Igipolisi c'Ubwongereza kivuga ko abagabo babiri bagiriwe n'icaha c'ubugizi bwa nabi ku muhana w'umukinyi wa Arsenal.
Ferhat Ercan na Salaman Ekinci bahagaritswe ku munsi wa kane hanze y'uburaro bw'umukinyi Mesut Ozil mu buraruko bw'igisagara ca Londres.
Amakuru avuga ko abo bagabo babiri bahagaritswe mu gihe bagerageza guhangana n'abajejwe umutekano ku muhana w'uyo mukinyi ku munsi wa kane igenekerezo rya 08 z'uku kwezi kw'umunani.
Ercan na Ekinci bompi b'imyaka 27 bitezwe kurenguka imbere y'ubutungane muri sentare y'i Highbury ku wa 6z'ukwezi kw'icenda.
Igipolisi kibagiriza icaha c'uguhungabanya umutekano w'abanyagihugu.
Ku munsi wa gatanu, Arsenal yamenyesheje ko Ozil na Sead Kolasinac batashizwe ku rutonde rw'abakina uno munsi ku wa Mungu kubera "ibibazo vy'umutekano biriko birakorwako amatohoza n'igipolisi".
Imbere y'aho kandi, abo bakinyi ntibajanye n'abandi mu rukino rwa kivandimwe rwahuje Arsenal na Lyon rwabaye ku wa 28 z'ukwezi kw'indwi, inyuma y'aho akarwi k'inkozi z'ikibi kageragereje kunyuruza amamodokari yabo mu kwezi kw'indwi ahitwa Golders Green i Londres.
Mu kwezi kw'indwi guheze, abo bakinyi bompi baratewe n'akarwi k'inkozi z'ikibi kashatse kunyuruza imodoka.
Arsenal ivuga iti: "Umutekano w'abakinyi n'imiryango yabo, nico gikorwa kiza imbere ya vyose, kandi twafashe iyi ngingo inyuma y'aho tuvuganiye nabo hamwe n'ababaserukira".