Umukinyi Ndikumana Selemani yakuwe ku rutonde rw'Intamba mu Rugamba muri CAN 2019

Yatangajwe

Umusatirizi Ndikumana Yamini Selemani yakuwe ku rutonde rw'abakinyi 23 bagize umurwi nserukiragihugu w'Uburundi bagiye guserukira igihugu mu nkino z'ihiganwa ry'igikombe rihuza imirwi nserukirabihugu ritangura kuri uyu wa gatanu i Cairo mu Misiri.

Mw'itangazo ryasohowe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi, FFB, rikaba ririko rirahererekanwa ku mbunga hwaniro, iryo shirahamwe rivuga ko iyo ngingo yafashwe n'abamenyereza b'umurwi kubera indero nke uyo mukinyi yerekanye.

FFB ivuga ko iyo nyifato iteye kubiri « n'ivyumvikanyweko na bose mu ntumbero yo guserukira neza igihugu guhera kuwa 22 z'uku kwa gatandatu 2019 ».

Ni kuri uyo munsi umurwi w'Intamba mu Rugamba uzoba ukinye urukino rwa mbere, aho uzohura na Super Eagles wa Nijeriya.

Iryo tangazo rivuga ko « abandi bakinyi 22 bose bameze neza kandi barangwa n'ishaka ryo guhangana na Nijeriya » mu gisagara ca Alexandia. Tubandanya tubakurikiranira iyo nkuru.

Nibwo bwa mbere Uburundi bwinjiye muri izi nkino za nyuma z'ihiganwa ry'umupira w'amaguru rihuza imirwi nserukirabihugu vya Afrika.

Kuri uyu wa gatanu, niho ryugururwa, aho igihugu ca Misiri cakiriye izo nkino kiza gutana mu mitwe n'igihugu ca Zimbabwe isaha zine mu masaha y'Uburundi n'u Rwanda.

Akarere ka Afrika y'Ubuseruko kaserukiwe n'ibihugu vya Uganda, Kenya, Uburundi na Tanzaniya.