Ayavugwa mu mupira w'amaguru i Bulaya kuri uyu wa Mungu 16.06.2019: Salah, Pogba, Diop, Jesus, Maguire, Benteke, Kessie

Mohamed Salah

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe

Umusatirizi w'umurwi wa Liverpool n'umurwi nserukiragihugu wa Misiri, Mohamed Salah w'imyaka 27, yanse igiciro c'imiliyoni 150 y'amafaranga y'abongereza (amapawundi) cari catanzwe n'imirwi ya Real Madrid na Juventus. (Mirror)

Nayo umukinyi wo hagati wa Manchester United umufaransa Paul Pogba w'imyaka26, avuga ko yiteguye guhagarika ibikorwa kugira ngo agondoze umurwi wiwe kumwemerera ko yokwigira muri Real Madrid. (ABC - mu ki espanyole)

Manchester United nayo ikaba yipfuza cane umukinyi w'inyuma w'umufaransa, Issa Diop w'imyaka 22, asanzwe akinira West Ham, ku giciro c'imiliyoni 45 z'amapawundi. (Sky Sports)

Manchester United kandi isanzwe imenyerezwa na Ole Gunnar Solskjaer biboneka ko amahirwe y'ukuronka umukinyi w'umufaransa, Antoine Griezmann w'imyaka 28, asanzwe akinira Atletico Madrid ari make cane mu gihe Barcelona yiteguye kumugura ku miliyoni 150 y'amapawundi. (Mirror)

Ole Gunnar Solskjaer

Umusatirizi Marcus Rashford w'imyaka 21, ashobora kwongezwa umushahara gushika ku ma pawundi 350,000 ku ndwi kugira ngo umurwi wiwe wa Man United umuhendahende ntawute ngo yigire muri Real Madrid na Barcelona zisanzwe zimwipfuza. (Sun)

Umusatirizi wa Brezili, Gabriel Jesus w'imyaka 22, avuga ko "ari indoto" ko we n'umusatirizi wa Argentine Sergio Aguero w'imyaka 31, bava mu murwi Manchester City imbere y'uko ihiganwa ry'umwaka uza ritangura mu Bwongereza. (Mail)

Umukinyi wo hagati wa Chelsea, Umufaransa Tiemoue Bakayoko w'imyaka 24, avuga ko yipfuza kubona umunsi umwe akiniye umurwi wa Paris St-Germain mu Bufaransa. (L'Equipe)

Umumenyereza Rafa Benitez asigaje ikiringo c'indwi zibiri gusa ngo amasezerano afitaniye na Newcastle arangire kandi ntibarumvikana nimba yobandanya amenyereza uwo murwi. (Newcastle Chronicle)

Umukinyi w'inyuma wa Leicester n'Ubwongereza, Harry Maguire w'imyaka 26, yari yumvikanye n'uwahora ari nyene uwo murwi ariko yamaze kwitaba Imana, Vichai Srivaddhanaprabha, ko ashobora kuva muri uyo murwi ihiganwa riheruka rirangiye. (Mirror)

Harry Maguire

Ahavuye isanamu, Rex Features

Umurwi wa Juventus uriteguye kugura umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'iburyo wa Tottenham n'Ubwongerza, Kieran Trippier w'imyaka 25, ku giciro c'imiliyoni 45 z'amapawundi. (Times )

Umusatirizi w'Umubirigi, Christian Benteke w'imyaka 28, yipfuza kwigumira mu murwi wa Crystal Palace n'aho hari amakuru avuga ko ashobora kuja gukina mw'ihiganwa ryo mu Bushinwa. (Standard)

Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp yabwiwe ko yokora ibishoboka vyose kugira ngo arondere abasubirira abakinyi babiri bagiye kuva muri uyo murwi, umukinyi w'inyuma, Alberto Moreno w'imyaka 26, n'umusatirizi Daniel Sturridge w'imyaka 29. (Star)

Umurwi wa Arsenal ugiye gusubira kugerageza ku ncuro ya gatatu kugura umukinyi w'umusatirizi w'umufaransa akinira Lorient, Alexis Claude-Maurice, w'imyaka 21, inyuma y'aho izo mpande zompi ( Arsenal na Alexis) zishikiye ku mwumvikano. Metro)

AC Milan irashobora guha Arsenal umukinyi wo hagati wo muri Cote d'Ivoire, Franck Kessie w'imyaka 22, bakaguza n'umukinyi wo hagati w'umunya Uruguay, Lucas Torreira w'imyaka 23. (Gazzetta dello Sport - in Italian)