Ubufaransa na Uruguay mu gice ca kane gishira ica nyuma mu gikombe c'isi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubufaransa bushitse mu gice ca kane gishira ica nyuma bwikurikiranya bunahindura n'amateka mu gutsinda Argentine mu rukino rubereye ijisho rwabereye ku kibuga ca Kazan.
Umugwi wa Argentine ufise bamwe mu bakinyi bakomeye kw'isi, Lionel Messi na Diego Maradona yari ku kibuga ca Kazan, umwe akina uwundi amurorera, wasezeye ihiganwa.
Ibitego vyihuta vya Kylian Mbappe mu gice ca kabiri ni vyo vyahaye uburenganzira Ubufaransa bwo kuja muri kimwe ca kane mu gikombe c'isi co mu 2018 mu Burusiya.

Ahavuye isanamu, AFP
Ubufaransa bwatsinze Argentine ibitego 4-3, bukaba buzohura na Uruguay yatsinze Portugal ibitego 2-1.
Ukuva mw'ihiganwa kare kwa Portugal ni kintu kibi cane kuri Ronaldo yariko aragerageza gutsinda ibitego vyinshi mu Burusiya, kuko ubu biragaragara ko abandi bagiye kuzomusumvya kugira batahukane agashimwe k'uwatsinze ibitego vyinshi.
Ronaldo yari yatanguye neza mu gikombe c'isi co mu 2018 mu gutsinda ibitego bitatu umugwi wa Espagne.

Ahavuye isanamu, BBC Sport
Umunyegoli wa Iran ariko yamubereye ifuro ry'igiti mu gufata penalite yiwe.
Ubu abagiye guhiganwa kwinjiza bikomeye ni Lukaku w'Ububiligi, Harry Kane w'Ubwongereza, Cavani wa Uruguay na Mbappe w'Ubufaransa hamwe n'abandi benshi.










