Koscielny asaba bagenziwe kwizera imbere y'urukino rwa AC Milan

Koscielny amaze gukinira Arsenal inkino 200 kuva yinjiye muri uwo mugwi mu 2010

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Koscielny amaze gukinira Arsenal inkino 200 kuva yinjiye muri uwo mugwi mu 2010
Yatangajwe

Capitaine w'umugwi wa Arsenal Laurent Koscielny yasavye bagenziwe kugira icizere imbere y'urukino rubahuza n'umugwi AC Milan mu rukino rwa Europa League ku munsi wa kane.

Umugwi wa Arsenal uriko urarondera kuva mu cuka kibi gitewe n'ugutsindwa kane wikurikiranya, niko umukinyi w'inyuma hagati wa Arsenal, Laurent Koscielny yavuze.

Arsenal itegekanya guhura na AC Milan mu rukino rwa mbere rwa Europa League ku munsi wa kane, ku kibuga ca San Siro.

"Turakeneye kwumva amajwi yizeza mu mitwe yacu, kuko ubwonko nibwo butegeka umubiri n'amaguru," niko Koscielny w'imyaka 32, yavuze.

"Turi mu cuka kibi kandi biragoye kukivamwo."

Arsenal iri mu kibanza ca gatandatu mw'ihiganwa rya Premier League

Ahavuye isanamu, BBC Sport

Insiguro y'isanamu, Arsenal iri mu kibanza ca gatandatu mw'ihiganwa rya Premier League

Arsenal yaheruka gutsindwa na Manchester City mu rukino rwa nyuma rw'igikombe ca Carabao, mu gihe ugutsindwa na Brighton ku munsi wa Mungu kwatumye uwo mugwi uja inyuma amanota 13 ku migwi ine ya mbere.

"Igihe muguma mutsindwa, vyama ari bibi ku mugwi,"niko uwo mukinyi akinira Ubufaransa Koscielny yabandanije avuga.

"Turababazwa n'ingene dukina. Birakenewe ko tuja hamwe. Nico gihambaye kurusha. Dukwiye kugira icizere kugira ngo dutsinde, hanyuma buhoro buhoro tuzosubira gukomera."