Arsenal: Sanchez yajanywe n'igihe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi rurangiranwa wa kera wo mu mugwi Arsenal, Ian Wright, yavuze k'umukinyi Alexis Sanchez amaze kujanwa n'umwanya.
Yavuze ko atagikina nkuko yatanguye, bigasa naho yamaze kujanwa n'igihe, niko umu Gunner wa kera Ian Wright yavuze.
Uwo mukinyi w'imyaka 29 amaze kwinjiza ibitsindo bine mw'ihiganwa rya Premier League ry'uno mwaka, hakabura ibitsindo umunani ngo ashikane ivyo yaramaze kwinjiza mu mwaka uheze.
Sanchez yavugwa ko yogiye mu mugwi wa Manchester City rino ci, nta yandi masezerano afise uno mwaka ni warangira.
"Uravye ingene akina ubu, simbona ingene vyokwononera Arsenal," niko Wright yabwiye BBC.
Sanchez amaze kwinjiriza Arsenal ibitsindo 77 kuva yinjiye muri uwo mugwi avuye muri Barcelone mu 2014.
Wright, yinjije ibitsindo 185 mu nkino 288 akina muba Gunners, yibaza ko uwo mukinyi aturuka mu gihugu ca Chili atitanga bikwiye.
Co kimwe na Sanchez, umukinyi wo hagati Mesut Ozil azorangiza amaserano na Arsenal mu mpera rya rino higanwa.
Wright ntiyibaza k'uwo mukinyi aturuka mu Budagi azoguma muri Arsenal.









