Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ozil na Sanchez bashobora kurekugwa na Arsenal
Umumenyereza wa Arsenal Arsene Wenger yavuze ko ibiganiro ku bijanye n'amasezerano y'akazi "bigenda neza" ko Mezut Ozil na Sanchez bashobora kurekugwa n'umugwi mu kwezi kwa mbere.
Amasezerano y'akazi y'abo bakinyi babiri arangirana n'ihiganwa ry'uno mwaka.
Igihe abajijwe kwemeza inkuru ko ibiganiro n'uwuserukira Ozil mu vy'akazi bigenda neza, Wenger yagize ati: "Naje niko ndavyumva.
"Kubona tutumvikanye mu mwaka uheze, ntibisigura ko adashaka kugenda."
Yongeye ati: "Abo bakinyi bose basa n'abanezerewe ariko ntiharagera aho twotangaza icarico cose. Ibiganiro bigenda neza."
Uwo mufaransa ntiyatanze isango ry'aho ivyo biganiro vyoba vyarangiriyeko.
Abajijwe ko Ozil na Sanchez bashobora kugurishwa mu gihe gikurikira, yishuye ati: "Igihe uba uri nko muvyo turimwo, urondera inyishu zose, ivyo birashoboka."