Biden ategekanya kurungikira Israel ibigwanisho biciye amadorari imiriyaridi 8

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Ana Faguy
- Igikorwa, BBC News, Washington
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika bwamenyesheje inama nshingamateka umugambi wo kugurisha ibigwanisho bifise agaciro k'imiriyaridi umunani, nk'uko umutegetsi wa Amerika yavyemereye BBC.
Ivyo bigwanisho bikeneye kubanza kwemezwa na komite y'inama nshingamateka na nkenguzamateka, bigizwe na misire, ibisase biremereye hamwe n'ibindi bigwanisho.
Iyo ngingo ifashwe mu gihe ata misi cumi n'itanu isigaye ngo Biden ave ku butegetsi.
Amerika yiciye amatwi ku kamo iterwa ko guhagarika gushigikira Israel mu vya gisirikare kubera igitigiri c'abasivirebiciwe mu ntambara yo muri Gaza.
Mu kwezi kwa Myandagaro(8), Amerika yaremeje igurishwa ry'indege z'intambara ziciye imiriyadiri 20 z'amadorari hamwe n'ibindi bikoresho vya gisirikare kuri Israel.
Ivyo bigwanisho bigiye kurungikwa birimwo ubwoko bwa misire bubiri, ibisase vya muzinga hamwe n'amabombe, nk'uko bivugwa n'uwo mutegetsi wa Amerika.
Ku wa gatandatu, uwuzi ivyerekeye igurishwa ry'ivyo bigwanisho yabwiye BBC:"Prezida yavuze ata guca iruhande ko Israel ifise uburenganzira bwo gukingira abanyagihugu bayo, bijanye n'amategeko mpuzamakungu n'ayajanye kugarukira ku bari mu kaga, no kwikingira ibitero vya Iran n'imigwi bakorana.
"Tuzobandanya gutanga ubushobozi bukenewe kugira Israel yivune."
Biden yagumye avuga ko imfashanyo ya Amerika kuri Israel ikomeye cane.
Amerika ni yo iza imbere cane mu baha ibigwanisho Israel, ikaba yaranabafashije mu kubaha bumwe mu buhinga buhanitse bwa gisirikare kw'isi.
Inkuru zitangwa n'ikigo mpuzamakungu kiri i Stockholm kigira ubushakashatsi ku mahoro ( Stockholm International Peace Research Institute), SIPRI, Amerika yashoye ibice 69% vy'ibigwanisho bikomeye muri Israel hagati ya 2019 na 2023.
Mu kwezi kwa Rusama 2024, Amerika yaremeje ko ihagaritse itangwa bombe zo mu bwoko bwa 2000lb na 5000lb, ku bwoba bw'uko Israel yariko irabandanya ibitero vya gisirikare vyo ku butaka mu gisagara ca Rafat kiri mu bumanuko bwa Gaza. Ariko ubwo nyene, Baiden yaranebaguwe n'abo mu mugambwe w'aba Republicains i Washington hamwe na Netanyahu yasa n'uwubigereranya no "gufatirwa ibihano ku birwanisho". Kuva ico gihe, Biden yaciye ahagarika iyo ngingo kandi narasubira kubikora.
Ivyo bigwanisho bigiye kurungikwa n'imwe mu ngingo nyinshi zagiye zifatwa n'ubutegetsi bwa Biden muri izi ndwi za vuba, nk'iragi prezida agihe kuva ku butegetsi ashaka gusiga.
Bishobora kandi kuba ibigwanisho vya nyuma bigurishijwe kuri Israel imbere y'uko ava ku butegetsi itariki 20 Nzero 2025, aho uwuzomusubirira Donald Trump azimikwa.
Prezida yatowe yaravuze ivyerekeye kurangiza intambara zibera mu bindi bihugu, no kugabanya uruhara rwa Amerika muri zo, n'igihe yariko ariyamamaza.
Trump avuga ko ari umugenzi akomeye wa Israel, ariko yahamagariye ico gihugu gicuditse na Amerika kurangiza n'ingoga ibikorwa vya gisirikare muri Gaza.
Israel yatanguje ibikorwa vyo gusambura Hamas nk'inyishu ku gitero gikomeye uwo muhari wagize mu bumanuko bwa Israel itariki 7 Gitugutu(10) 2023, aho abantu bashika 1.200 bishwe abandi bakanyuruzwa.
Kuva ico gihe, abantu barenga 45.580 baramaze kwicirwa i Gaza, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwa Hamas igenzura ako karere.










