Putin yiyemeje guhana abacangero ba Wagner bagirizwa ubugumutsi

Yatangajwe

Mw’ijambo yashikirije ubwa mbere kuva umurwi Waagner utangaje ko wiyemeje gusenyura inzego z’igisirikare c’Uburusiya, Perezida Vladimir Putin avuga ko kazoza k’Uburusiya kari mu ngorane, aho yemeza ko ibikorwa vy’ubugumutsi ari “ugusongera isibe”.

Umukuru w’igihugu c’Uburusiya agabisha kandi ko abo bose bariko baracanishamwo abanyagihugu ari ngombwa ko bazotegerezwa guhanwa.

Atadoma urutoke ku mukuru w’umurwi Wagner, Yevgeny Prigozhin, Putin avuga ko “akadada” ko ku rwego rwo hejuru ka bamwe bamwe kabateje “uguhemuka gukomeye”.

Muri iryo jambo, yavuze ko hari Abarusiya bamwe bamwe “bahenzwe bakinjira mu bikorwa vy’ubugizi bwa nabi”.

Yasavye gushira hamwe ingabo zose, akavuga ko ibiriko birakorwa na Wagner ari ubuhemu kandi ko ari ngombwa ko bazohanwa.

Ashimangira kandi ko “amategeko yose yatanzwe” mu ntumbero yo guhangana n’iki kibazo, akimeyeza gukingira Uburusiya.

Yamenyesheje ko ku mugwa mukuru Moscou hamwe no mu zindi ntara zitari nke hashizwe amategeko yo kurwanya iterabwoba.

Mw’ijambo ryiwe ntiyigeze acisha mu kanwa Prigozhin. Yavuzemwo gusa Wagner, ariko ari ukubahayagiza ku kungene barwanira Uburusiya.

N’aho atadomyeko urutoke, Perezida Putin yagirije uno muhari w’abacangero ubuhemu bukomeye.

Inyuma y’ijambo ryiwe, umurongo wa Wagner wo ku rubuga rwa Telegram wasohoye ijwi risa n’inyishu itangwa na Yevgeny Prigozhin kw’ijambo rya Perezida Putin.

Iri jwi ry’umugabo rivugwa ko ari irya Prigozhin ryumvikana rivuga riti: "Ku bijanye n’uguhemukira igihugu catuvyaye, umukuru w’igihugu yihenze cane.

"Tru intwari z’igihugu cacu. Twamye turwana kandi turacarwana n’ubu.

"Kandi nta n’umwe – nk’uko bisabwa n’umukuru w’igihugu, FSB (igisata c’Uburusiya kijejwe igendereza) canke uw’ari we wese – azokwemera ko turi mu caha.

"Kuko ntidukeneye ko igihugu cacu kibandanya gitwarirwa mu giturire, mu bubeshi n’agahotoro.

Ingene ibintu vyifashe: Icicaro ca Wagner i St Petersburg catewe

Ikinyamakuru Fontanka gikorera mu gisagara ca Saint Petersburg kivuga ko abajejwe umutekano bateye icicaro c’umurwi Wagner kiri muri ico gisagara.

Kivuga kiti: "Abajejwe umutekano binjiye mu kigo ca PMC Wagner kw’ibarabara rya Zolnaya riri muri St Petersburg”.

Amabisi abiri yuzuye igipolisi kijejwe gutuza imigumuko hamwe n’abasirikare bajejwe gucungera igihugu bashitse kuri iyi nyubakwa, nk’uko candika, binjirana n’abantu bambaye impuzu zisanzwe.

Iki kinyamakuru kivuga ko “abantu bambaye ibitambara vyo kwiyoberanya bafise n’inkoho” barungitswe hafi y’ikiraro ca Blagoveshchensky co muri St Petersburg, ahasanzwe hari ihoteri n’inzu y’uburiro bifitaniye isano n’umukuru wa Wagner, Yevgeni Prigozhin.

Mu nyuma Fontanka yasohoye videwo ivugwa ko yerekana abajejwe umutekano binjira mu cicaro ca Wagner n’amasanamu y’abagabo bafise inkoho bari hafi y’inyubakwa zifitaniye isano na Prigozhin.

'Abantu banje 25.000 bose bariteguye gupfa' - Prigozhin

Mu butumwa bwacishijwe ku rubuga rwa Telegram mu gitondo co kuri uno wa gatandatu, Yevgeny Prigozhin yavuze ko abanywanyi bose b’umurwi wiwe w’abacangero wa Wagner “biteguye gupfa” muri kino gikorwa ciwe co kurwanya inzego z’igisirikare c’Uburusiya.

Ku ruhande rwabwo, ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi buvuga ko abarwanyi ba Wagner bahenzwe na Prigozhin “yabinjije mu bukozi bw’ikibi no mu bikorwa vy’ubugumutsi”.

Mw’itangazo ryacishijwe mu binyamakuru vyegamiye reta, ubu bushikiranganji buvuga ko benshi mu barwanyi ba Wagner “bamaze kubona ikosa ryabo” kandi ko ubu bariko barasaba abategetsi ko bobafasha bagasubira ku birindiro vyabo “mu mahoro”.

Hagati aho, nta vyemezo na bimwe butanga kuri ibi buvuga.

Aho nyene, imboneshakure Rossiya 24 TV yerekanye amashusho avugwa ko ari ay’abarwanyi ba Wagner bisubiza mu minwe y’ingabo z’igihugu. Iyi videwo ntirashobora guhinyuzwa n’uruhande ataho rwegamiye.

Igisagara ca Rostov kirazibiye, ariko ibintu bimeze neza – uwuhaba

Mu gihe ubu bushikiranganji buvuga ivyo, abarwanyi b’uwu muhari bobo bemeza ko bigaruriye igisagara gikomeye ca Rostov-on-Don kiri hafi y’urubibe na Ukraine.

Umunyagihugu aba i Rostov-on-Don yabwiye igisata ca BBC gikoresha ururimi rw’ikirusiya ko igisagara cose kizungurutswe kandi cagoswe.

Ahantu hose hanyagara abasirikare nk’uko uyu muntu abivuga, ariko akaba atashatse ko izina ryiwe rimenyekana.

Avuga ati: "Tubabajije abo ari bo, aba basirikare bavuga ngo ‘turi abantu beza gusa’,”.

"Mu gisagara haratekanye: nta bwoba buhari, vyose bibandanya ukuri kwamye”.

Bavuga kandi ko amabarabara ari hafi y’icicaro ca gisirikare - Wagner ikavuga ko yacigaruriye – “asa n’uko arengana” ariko ko akarere kari hafi y’inyubakwa ya gisirikare “karagoswe cane”.

Ni mu gihe kandi BBC yahawe amakuru avuga ko abarwanyi ba Wagner bigaruriye ibigo vyose vya gisirikare mu gisagara ca Voronezh, kiri hagati na hagati ya Rostov-on-Don (igisagara naco nyene Wagner ivuga ko igenzura) n’umugwa mukuru Moscou.

Hagati aho, abarongoye igisagara ca Voronezh ntaco barashikiriza kuri ibi bivugwa.

Ku ruhande rwiwe, buramatari wa Voronezh, Aleksandr Gusev, agabisha ko hari amakuru menshi y’ibinyoma ariko arahanahanwa avuga ko hari umurongo w’ibimodoka vy’intambara biriko birazunguruka muri iyo ntara.

Avuga kandi ko ingabo z’Uburusiya ubu ziri mu bikorwa vyo kurwanya umwansi mu rwego rw’ingingo zatangajwe zo kurwanya iterabwoba.

Mu mwanya uheze, ubushikiranganji bw’Ubwongereza bujejwe kwivuna abansi nabow nyene bukaba bwatangaje ko hari abarwanyi ba Wagner “batera baja mu buraruko baciye mu karere ka Vorenezh Oblast, baboneka ko batera barindera gushika ku mugwa mukuru Moscou.

Ubu bushikiranganji buvuga kandi ko ingabo zimwe zimwe z’Uburusiya "zoba zahisemwo kutarwana, ahubwo zakirana yompi Wagner".