DRC: U Burundi buritegurira kurungika abasirikare muri Kivu ya ruguru

Ahavuye isanamu, Getty Images
U Burundi bwatangaje yuko bugiye kurungika abasikare bashika ijana mu ntara ya Kivu ya ruguru mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Congo, aharangwa imigwi y’inyeshamba iharurirwa muri za mirongo.
Bazokwifatanya n’inteko z’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko, zisanzwe zirimwo ingabo za Kenya.
Izo nteko zarungitswe muri Congo mu kwezi kwa Munyonyo (11) mu mwaka uheze, nyuma y’ukuvyura umutwe kw’umugwi M23.
Uwo mugwi urwanya leta ya Congo wagirizwa gushigikirwa n’igihugu c’u Rwanda ariko leta ya Kigali irabihakana.
Izo nyeshamba vyari vyitezwe ko ziva mu birindiro zigaruriye mu mpera za kuno kwezi.
Amatariki ntarengwa yagiye aragenwa ngo izo nyeshamba zive muri ivyo bibanza, yagiye ararengana ata kibaye.
Ivyo vyatumye ishavu riba ryinshi mu banyagihugu bo mu buseruko bwa Congo, bashaka yuko inteko za Afrika y’Ubuseruko zifata intambwe yo guhangana n’izo nyeshamba.









